ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:16, 17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 ibi ni vyo nanje nzoca ndabagirira: nzotuma mwicwa n’amaganya, ndabateze igituntu n’inyonko ikaze, bitume amaso yanyu aregera, musigare ata tuguvu mufise. Muzoteragira ntimwimbure kuko bizoribwa n’abansi banyu+. 17 Nzobarwanya* kandi muzotsindwa n’abansi banyu+. Abansi banyu bazobahonyanga+ kandi muzohunga ata wuriko arabirukana+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Ariko nimutumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, ntimwiteho gukurikiza amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndabahaye uyu musi, iyi mivumo yose izobazako ibahamvye+:

  • Gucura intimba 1:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 1 Ewe kuntu ubu yicaye ari inyakamwe, umwe yahora ari igisagara kigwiriyemwo abantu+!

      Ewe kuntu yabaye nk’umupfakazi, umwe yahoramwo abantu benshi ugereranije n’ayandi mahanga+!

      Ewe kuntu uwahora ari umuganwakazi mu ntara asigaye akoreshwa ibikorwa vy’agahato+!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika