-
Luka 6:41, 42Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
41 Kubera iki none uraba akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ariko nturabe ikigiga kiri mu jisho ryawe+? 42 Wobwira gute mwenewanyu ngo: “Mwenewacu, tega ngutosore akatsi kari mu jisho ryawe”, kandi na wewe nyene utabona ikigiga kiri mu jisho ryawe? Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure ikigiga kiri mu jisho ryawe, uzoheza ubone neza ingene utosora akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.
-