-
Matayo 7:3-5Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
3 Kubera iki none uraba akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ariko nturabe ikigiga kiri mu jisho ryawe+? 4 Canke wobwira gute mwenewanyu ngo: “Tega ngutosore akatsi kari mu jisho ryawe”, kandi nawe ufise ikigiga mu jisho ryawe? 5 Wa mwiyorobetsi we! Banza ukure ikigiga kiri mu jisho ryawe, uzoheza ubone neza ingene utosora akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.
-