ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Mariko 1:40-44
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 40 Haza umunyamibembe, aramwinginga yapfukamye, amubwira ati: «Ubishatse, urashobora kumpumanura+.» 41 Yezu aca amwumvira impuhwe, aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka+.» 42 Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako, arahumanuka. 43 Yezu aca aramurungika, ariko abanza kumwihanikiriza ati: 44 «Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ahubwo genda wiyereke umuherezi, ushikane ivyo Musa yategetse vyerekana ko wahumanutse+, kugira bibabere icabona+.»

  • Luka 5:12-14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ikindi gihe, Yezu yari mu gisagara kimwe. Hanyuma umugabo umwe yuzuye imibembe amubonye, aca arunama mu maso hiwe hashika hasi, aramutakambira ati: «Mukama, ubishatse, urashobora kumpumanura+.» 13 Yezu aca aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka.» Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako+. 14 Maze ategeka uwo mugabo ngo ntihagire umuntu n’umwe abibwira, amubwira ati: «Ahubwo genda wiyereke umuherezi, ushikane ishikanwa ryerekana ko wahumanutse nk’uko Musa yabitegetse+, kugira bibabere icabona+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika