9 Abigishwa biwe baca bamubaza insobanuro y’ico kigereranyo+. 10 Abishura ati: «Mwebwe mwarahawe gutahura amabanga meranda y’Ubwami bw’Imana, ariko abandi ndabigisha mu bigereranyo+, kugira ngo naho baraba ntihagire ico babona, kandi naho bumva ntihagire ico batahura+.