-
Mariko 8:27-29Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
27 Yezu n’abigishwa biwe baca bava ng’aho, baja mu bigwati vy’i Sezariya ya Filipo. Bari mu nzira, atangura kubaza abigishwa biwe ati: «Abantu bavuga ko ndi nde+?» 28 Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri “Yohani Umubatizi+”, abandi ngo uri “Eliya+”, abandi na bo ngo uri “umwe mu bahanuzi.”» 29 Ababaza ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» Petero amwishura ati: «Uri Kristu+.»
-
-
Luka 9:18-20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Mu nyuma, igihe yariko arasenga ari wenyene, abigishwa biwe baza aho ari maze ababaza ati: «Abantu bavuga ko ndi nde+?» 19 Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri Yohani Umubatizi, abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+.» 20 Aca ababaza ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» Petero amwishura ati: «Uri Kristu w’Imana+.»
-