Malaki 2:14 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 14 Namwe muvuga muti: “Kubera iki?” Ni kubera ko Yehova yabaye icabona hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe, umwe wahemukiye naho ari we mugenzi wawe, akaba n’umugore wawe mwagiranye isezerano*+. Matayo 5:32 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 32 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi*, aba atumye uwo mugore ashobora kurenga ibigo, kandi uwo wese arongoye umugore yirukanywe aba arenze ibigo+. Mariko 10:11, 12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Na we ababwira ati: «Uwo wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ kandi aba amuhemukiye. 12 N’umugore ataye umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba arenze ibigo+.» Luka 16:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Umuntu wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwo wese arongoye umugore yirukanywe n’umugabo wiwe, aba arenze ibigo+. Abaroma 7:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Hamwe rero yotwarwa n’uwundi mugabo kandi uwiwe akiriho, yokwitwa ko arenze ibigo+. Ariko umugabo wiwe apfuye, ntaba akigengwa n’itegeko ryiwe. Rero atwawe n’uwundi mugabo ntaba arenze ibigo+. 1 Abakorinto 7:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Abubatse ndabahaye aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+. Abaheburayo 13:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bube ubudahumanye+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi* n’abarenga ibigo+.
14 Namwe muvuga muti: “Kubera iki?” Ni kubera ko Yehova yabaye icabona hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe, umwe wahemukiye naho ari we mugenzi wawe, akaba n’umugore wawe mwagiranye isezerano*+.
32 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi*, aba atumye uwo mugore ashobora kurenga ibigo, kandi uwo wese arongoye umugore yirukanywe aba arenze ibigo+.
11 Na we ababwira ati: «Uwo wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ kandi aba amuhemukiye. 12 N’umugore ataye umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba arenze ibigo+.»
18 Umuntu wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwo wese arongoye umugore yirukanywe n’umugabo wiwe, aba arenze ibigo+.
3 Hamwe rero yotwarwa n’uwundi mugabo kandi uwiwe akiriho, yokwitwa ko arenze ibigo+. Ariko umugabo wiwe apfuye, ntaba akigengwa n’itegeko ryiwe. Rero atwawe n’uwundi mugabo ntaba arenze ibigo+.
10 Abubatse ndabahaye aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+.
4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bube ubudahumanye+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi* n’abarenga ibigo+.