ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Daniyeli 7:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Aca ahabwa ubutegetsi+, iteka+ n’ubwami kugira ngo abantu bo mu moko yose, amahanga yose n’indimi zitandukanye bamukorere+. Ubutegetsi bwiwe ni ubutegetsi bwamaho, butagira iherezo, kandi ubwami bwiwe ntibuzokwigera busenyurwa+.

  • Matayo 20:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Yezu amubaza ati: «Ushaka iki?» Na we amwishura ati: «Nyemerera ko aba bahungu banje babiri bazokwicarana nawe mu Bwami bwawe, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe+.»

  • Luka 22:28-30
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Ariko ni mwebwe mwangumye hafi+ mu bigeragezo vyanje+. 29 Nanje ngiraniye namwe isezerano ry’ubwami+, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano nanje, 30 kugira muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje+, kandi muze mwicare ku ntebe z’ubwami+ kugira mucire imanza imiryango 12 ya Isirayeli+.

  • 1 Abakorinto 6:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Ntimuzi ko aberanda bazocira urubanza isi+? None ko muzocira urubanza isi, mwumva mudashoboye guca imanza z’ibintu bitoyi cane?

  • Ivyahishuwe 20:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Nca mbona intebe z’ubwami, maze abazicayeko bahabwa ububasha bwo guca imanza. Egome, mbona amaraso* y’abishwe* bahorwa gushingira intahe Yezu no kuvuga ivyerekeye Imana, n’ayabatasenze ca gikoko canke ishusho yaco kandi batemeye gushirwako ca kimenyetso mu ruhanga rwabo canke ku maboko yabo+. Nuko baba bazima, baraheza baganza hamwe na Kristu+ imyaka 1.000.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika