ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Mariko 12:18-23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Maze Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+: 19 «Mwigisha, Musa yatwandikiye ko umugabo niyapfa agasiga umugore mugabo ntasige umwana, mwenewabo akwiye guca acura uwo mugore kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+. 20 Habayeho rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye, ariko apfa ata kana asize. 21 Uwa kabiri yaracuye uwo mupfakazi, ariko na we nyene apfa ata kana asize. N’uwa gatatu vyagenze ukwo nyene. 22 Abo bose indwi bapfuye ata kana basize. Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye. 23 None mw’izuka azoba umugore wa nde, ko yabaye umugore wabo bose uko ari indwi?»

  • Luka 20:27-33
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Ariko bamwe mu Basadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+: 28 «Mwigisha, Musa yatwandikiye ngo: “Umugabo niyapfa agasiga umugore ariko adasize umwana, mwenewabo akwiye guca acura uwo mugore kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+.” 29 Habayeho rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye, ariko apfa ata kana asize. 30 Uwa kabiri 31 n’uwa gatatu baracuye uwo mupfakazi. Abo bose indwi baramucuye, ariko bose bapfa ata bana basize. 32 Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye. 33 None mw’izuka azoba umugore wa nde, ko yabaye umugore wabo bose uko ari indwi?»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika