-
Matayo 22:23-28Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
23 Kuri uwo musi, Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+: 24 «Mwigisha, Musa yavuze ati: “Umugabo niyapfa ata bana asize, mwenewabo ategerezwa gucura umugore wiwe kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+.” 25 Iwacu rero harabayeho abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye hanyuma arapfa. Kubera ko ata kana yasize, umugore wiwe yaciye acurwa na mwenewabo. 26 Ukwo nyene ni ko vyagenze ku wa kabiri no ku wa gatatu, gushika abo bose indwi barangiye. 27 Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye. 28 None mw’izuka azoba umugore wa nde muri abo indwi, ko yabaye umugore wabo bose?»
-
-
Mariko 12:18-23Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Maze Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+: 19 «Mwigisha, Musa yatwandikiye ko umugabo niyapfa agasiga umugore mugabo ntasige umwana, mwenewabo akwiye guca acura uwo mugore kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+. 20 Habayeho rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye, ariko apfa ata kana asize. 21 Uwa kabiri yaracuye uwo mupfakazi, ariko na we nyene apfa ata kana asize. N’uwa gatatu vyagenze ukwo nyene. 22 Abo bose indwi bapfuye ata kana basize. Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye. 23 None mw’izuka azoba umugore wa nde, ko yabaye umugore wabo bose uko ari indwi?»
-