-
Luka 3:16, 17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
16 Yohani yarabishura, akabwira abantu bose ati: «Jewe ndababatiza mu mazi, mugabo uwukomeye kundusha ariko araza, kandi simbereye no kubohora imigozi y’ibirato* vyiwe+. Azobabatiza mu mpwemu nyeranda no mu muriro+. 17 Afise mu minwe igipawa ciwe co kugosora kugira akubure neza imbuga* yiwe. Azokwegeraniza ingano ziwe mu bigega, ariko umuguruka azowuturirira mu muriro utazima.»
-