41 Mugabo haza umugabo yitwa Yayiro, kandi yari umukuru w’isinagogi. Aca arapfukamira Yezu, atangura kumwinginga ngo aze muhira iwe+, 42 kuko umukobwa wiwe w’ikinege w’imyaka 12 yagira apfe.
Igihe Yezu yariko arajayo, abantu isinzi batangura kumuhundarako.