ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 17:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Abishura ati: «Ni kubera mufise ukwizera guke. Ni ukuri ndabibabwiye, hamwe mwoba mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira uyu musozi muti: “Va ng’aha uje hariya”, kandi wogenda. Nta kintu na kimwe cobananira+.»

  • Mariko 11:23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Ni ukuri ndabibabwiye, hamwe umuntu yobwira uyu musozi ati: “Randuka ugwe mu kiyaga”, kandi akabigira adakekeranya mu mutima ahubwo yizeye ko ivyo avuze biba, bizoba+.

  • Luka 17:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Umukama na we azishura ati: «Iyaba mwari mufise ukwizera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwira iki giti c’umukere wirabura muti: “Randuka wibadike mu kiyaga!”, kandi wobagamburukira+.

  • Yohani 11:40
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 40 Yezu amubwira ati: «Sinakubwiye ko niwizera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana+?»

  • Ivyakozwe 14:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Uyo mugabo yariko yumviriza ivyo Pawulo avuga. Pawulo amwitegereje neza akabona ko afise ukwizera kwotuma akizwa+, 10 amubwira n’ijwi rirenga ati: «Haguruka.» Uwo mugabo aca ava hasi arasimba, atangura gutambuka+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika