-
Matayo 26:69-75Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
69 Petero yari yicaye hanze mu rugo. Umusukukazi aca araza amusanga aho ari, amubwira ati: «Na wewe wari kumwe na Yezu Umunyagalilaya+!» 70 Mugabo arabihakanira imbere y’abari ng’aho bose, avuga ati: «Sinzi ivyo uriko uravuga.» 71 Petero agiye amaja kw’irembo*, uwundi musukukazi aramubona, aca abwira abari ng’aho ati: «Uyu yari kumwe na Yezu Umunyanazareti+.» 72 Aca yongera kubihakana, ashirako n’indahiro ati: «Uwo muntu sindamuzi!» 73 Haciye akanya, abari bahagaze ng’aho baraza babwira Petero bati: «Ni ukuri na wewe uri uwo muri bo. Nakare imvugo yawe iravyerekana.» 74 Aca atangura kurahira yisiba, avuga ati: «Uwo muntu sindamuzi!» Ubwo nyene isake ica irabika. 75 Petero aca yibuka ivyo Yezu yari yamubwiye ati: «Imbere y’uko isake ibika, uza kunyihakana gatatu+.» Aca arasohoka hanze, araturikisha ararira.
-
-
Luka 22:55-62Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
55 Baraheza bacana umuriro hagati mu rugo maze baricara, kandi Petero yari yicaranye na bo+. 56 Umusukukazi umwe amubonye yicaye iruhande y’umuriro uriko uramumurika, aca aramwitegereza neza maze avuga ati: «Uyu mugabo na we nyene yari kumwe na we.» 57 Mugabo arabihakana, avuga ati: «Sindamuzi, wa mugore we.» 58 Haciye akanya gatoyi, uwundi muntu aramubona, aca avuga ati: «Na wewe nyene uri muri bo.» Mugabo Petero amwishura ati: «Sindi muri bo, wa mugabo we+.» 59 Haciye nk’isaha imwe, uwundi muntu atangura kumwemeza ati: «Ni ukuri, uyu mugabo na we nyene yari kumwe na we. Nakare ni Umunyagalilaya!» 60 Mugabo Petero avuga ati: «Wa mugabo we, sinzi ivyo uriko uravuga.» Ubwo nyene akiriko aravuga, isake ica irabika. 61 Umukama aca arahindukira, araba mu maso Petero. Petero aca yibuka ivyo Umukama yari yamubwiye ati: «Imbere y’uko isake ibika uno musi, uza kunyihakana gatatu+.» 62 Aca arasohoka hanze, araturikisha ararira.
-
-
Yohani 18:25, 26Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Simoni Petero yari ahagaze ng’aho ariko arota. Baca bamubaza bati: «Ubwo weho nturi mu bigishwa biwe?» Petero aca arabihakana, avuga ati: «Oya sindi uwo muri bo+.» 26 Umwe mu basuku b’umuherezi mukuru, akaba yari incuti ya wa muntu Petero yaca ugutwi+, aca avuga ati: «Wewe sinakubonye mu murima uri kumwe na we?»
-