-
Matayo 12:1-8Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 Muri ico gihe, Yezu aca mu mirima y’ingano kw’isabato. Abigishwa biwe barasonza, hanyuma batangura kwaha* amahundo y’intete bararya+. 2 Abafarizayo ngo babibone, bamubwira bati: «Ehe abigishwa bawe bariko bakora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato+.» 3 Aca ababaza ati: «Mbega ntimwasomye ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza+? 4 Yarinjiye mu nzu y’Imana maze barya imikate y’ishikanwa*+, kandi atari yemerewe kuyirya hamwe n’abari kumwe na we. Abaherezi gusa ni bo bari bemerewe kuyirya+. 5 Canke ntimwasomye mu mategeko yuko ku misi y’isabato, abaherezi bakorera ku rusengero barenga kw’isabato ariko ntibagirwe n’ikosa+? 6 Ariko ndababwiye yuko ng’aha hari uwuruta urusengero+. 7 Iyo muba mwaratahuye insobanuro y’aya majambo ngo: “Ico nshaka ni imbabazi+, si ibimazi+”, ntimwari gutsindisha abantu b’intungane. 8 Kuko Umwana w’umuntu afise ububasha kw’isabato*+.»
-
-
Luka 6:1-5Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Umusi umwe, Yezu yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, hanyuma abigishwa biwe baha* amahundo y’intete+, bayavungurira mu ntoke maze barayarya+. 2 Bamwe mu Bafarizayo babibonye, baca bavuga bati: «Kubera iki muriko mukora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato+?» 3 Yezu aca abishura ati: «Mbega ntimwigeze musoma ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza+? 4 Yarinjiye mu nzu y’Imana maze bamuha imikate y’ishikanwa*, arayirya yongera ahako n’abo bari kumwe, kandi ata muntu n’umwe yari yemerewe kuyirya kiretse abaherezi+.» 5 Yongerako ati: «Umwana w’umuntu arafise ububasha kw’isabato*+.»
-