ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 12:16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Ku musi wa mbere no ku musi ugira indwi muze mugire ikoraniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe mukwiye gukora kuri iyo misi+. Muzotegura gusa ivyo umuntu akeneye gufungura.

  • Gusubira mu vyagezwe 23:25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Niwaja mu murima w’ingano wa mugenzawe, urashobora gushikura n’intoke amahundo yeze, ariko ntuze ushiremwo agakero+.

  • Mariko 2:23-28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Umusi umwe, Yezu yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, hanyuma abigishwa biwe bagenda baraha* amahundo y’intete+. 24 Abafarizayo baca bamubwira bati: «Ehe raba! Kubera iki bariko bakora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato?» 25 Aca abishura ati: «Mbega ntimwigeze musoma ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza, babuze ico bafungura+? 26 Nk’uko inkuru ya Abiyatari+ umukuru w’abaherezi ibivuga, Dawidi yarinjiye mu nzu y’Imana maze arya imikate y’ishikanwa*, kandi ata muntu n’umwe yari yemerewe kuyirya kiretse abaherezi+. Kandi yarayihayeko n’abantu bari kumwe na we.» 27 Yongerako ati: «Isabato yabayeho ku bw’umuntu+, si umuntu yabayeho ku bw’isabato. 28 Umwana w’umuntu rero arafise ububasha no kw’isabato*+.»

  • Luka 6:1-5
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Umusi umwe, Yezu yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, hanyuma abigishwa biwe baha* amahundo y’intete+, bayavungurira mu ntoke maze barayarya+. 2 Bamwe mu Bafarizayo babibonye, baca bavuga bati: «Kubera iki muriko mukora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato+?» 3 Yezu aca abishura ati: «Mbega ntimwigeze musoma ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza+? 4 Yarinjiye mu nzu y’Imana maze bamuha imikate y’ishikanwa*, arayirya yongera ahako n’abo bari kumwe, kandi ata muntu n’umwe yari yemerewe kuyirya kiretse abaherezi+.» 5 Yongerako ati: «Umwana w’umuntu arafise ububasha kw’isabato*+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika