ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 9:23-26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Yezu yinjiye mu nzu y’uwo mutware akabona abariko bavuza imyironge n’isinzi ririko rivuza urwamo+, 24 aca avuga ati: «Nimusohoke, kuko uwo mukobwa atapfuye, ahubwo arasinziriye+.» Baca batangura kumutwengera mw’ijigo. 25 Nya bantu bamaze gusohoka, Yezu aca arinjira, afata ukuboko+ uwo mukobwa, na we aca aravyuka+. 26 Emwe, iyo nkuru ica ikwira muri ako karere kose.

  • Mariko 5:38-43
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 38 Bashitse muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, ahasanga urwamo rwinshi n’abariko bararira bongera baboroga cane+. 39 Amaze kwinjira, ababwira ati: «Kubera iki muriko murarira mwongera muvuza urwamo? Uyu mwana ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye+.» 40 Baca batangura kumutwengera mw’ijigo. Ariko amaze kubasohora bose, ahitana se w’uwo mwana na nyina wiwe n’abari kumwe na we, yinjira aho uwo mwana ari. 41 Aca afata ukuboko kw’uwo mwana, amubwira ati: «Talita kumi», bikaba bisobanura ngo: «Mwigeme, haguruka+!» 42 Ubwo nyene ako kigeme karahaguruka, gatangura kugendagenda (kari gafise imyaka 12). Abari ng’aho baca barumirwa, bararengerwa n’umunezero. 43 Mugabo Yezu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+. Ababwira kandi ngo bahe uwo mwana ico afungura.

  • Yohani 11:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ahejeje kuvuga ivyo, yongerako ati: «Lazaro umugenzi wacu arasinziriye+, ariko ndagiyeyo kumukangura.»

  • Ivyakozwe 7:60
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 60 Maze arapfukama, asemerera n’ijwi rikomeye ati: «Yehova*, ntubaharureko iki gicumuro+.» Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana*.

  • Ivyakozwe 13:36
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 36 Dawidi wewe yarakoreye Imana* mu gihe ciwe* maze arasinzira mu rupfu, ahambwa hamwe na ba sekuruza hanyuma arabora+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika