ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Mariko 5:38-43
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 38 Bashitse muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, ahasanga urwamo rwinshi n’abariko bararira bongera baboroga cane+. 39 Amaze kwinjira, ababwira ati: «Kubera iki muriko murarira mwongera muvuza urwamo? Uyu mwana ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye+.» 40 Baca batangura kumutwengera mw’ijigo. Ariko amaze kubasohora bose, ahitana se w’uwo mwana na nyina wiwe n’abari kumwe na we, yinjira aho uwo mwana ari. 41 Aca afata ukuboko kw’uwo mwana, amubwira ati: «Talita kumi», bikaba bisobanura ngo: «Mwigeme, haguruka+!» 42 Ubwo nyene ako kigeme karahaguruka, gatangura kugendagenda (kari gafise imyaka 12). Abari ng’aho baca barumirwa, bararengerwa n’umunezero. 43 Mugabo Yezu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+. Ababwira kandi ngo bahe uwo mwana ico afungura.

  • Luka 8:52-56
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 52 Abantu bose bariko bararira bongera bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu. Yezu aca avuga ati: «Nimureke kurira+, kuko atapfuye, ahubwo arasinziriye+.» 53 Baca batangura kumutwengera mw’ijigo, kuko bari bazi ko yapfuye. 54 Aca amufata ukuboko, amubwira ati: «Mukobwa wanje, haguruka+!» 55 Aca asubira kuba muzima*+, ubwo nyene aca arahaguruka+. Yezu aca ategeka ko bamugaburira. 56 Abavyeyi biwe bararengerwa n’umunezero, mugabo Yezu abategeka kutagira umuntu n’umwe babibwira+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika