-
Ivyahishuwe 12:7-9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikayeli*+ n’abamarayika biwe barwana n’ico gisato, ico gisato na co kirwana kiri kumwe n’abamarayika baco. 8 Ariko ntivyanesheje*, kandi mw’ijuru ntihasubiye kuboneka ikibanza cavyo. 9 Ca gisato kinini+ rero gikororerwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+. Akororerwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bakororanwa na we.
-