-
Yakobo 4:13-16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Nimwumve rero mwebwe muvuga ngo: «Uno musi canke ejo tuzoja mu gisagara kanaka, tumareyo umwaka, kandi tuzocuruza turonke inyungu+», 14 kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo+. Erega muri igipfungu kiboneka akanya gato kigaca kizimangana+. 15 Ahubwo mwari mukwiye kuvuga muti: «Yehova* niyabishaka+ tuzobaho, dukore iki canke kiriya.» 16 Mugabo ubu murirata mukiyemera cane. Ukwo kwirata ni kubi.
-