-
Matayo 20:17-19Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
17 Igihe Yezu yariko aduga i Yeruzalemu, atora ba bigishwa biwe 12 arabihereranya, ababwirira mu nzira+ ati: 18 «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa+, 19 bamushire mu maboko y’abanyamahanga kugira bamutyekeze, bamushishagure hanyuma bamumanike ku giti+. Ariko azozurwa ku musi ugira gatatu+.»
-
-
Mariko 10:32-34Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
32 Yezu n’abigishwa biwe bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, kandi Yezu yariko agendera imbere yabo. Abigishwa biwe baratangara cane, mugabo abariko barabakurikira batangura gutinya. Aca asubira gutora bamwe cumi na babiri arabihereranya, atangura kubabwira ibintu vyari bigiye kumushikira+ ati: 33 «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa, bamushire mu maboko y’abanyamahanga, 34 bazomutyekeza, bamucireko amate, bamushishagure maze bamwice. Ariko haciye imisi itatu azozuka+.»
-