-
Matayo 14:19-21Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
19 Aca ategeka iryo sinzi ry’abantu ngo bicare hasi ku bwatsi. Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira+. Aca amanyagura iyo mikate, ayihereza abigishwa, na bo bayiha abo bantu. 20 Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke 12+. 21 Abariye bari nk’abagabo 5.000 udashizemwo abagore n’abana batoyi+.
-
-
Mariko 6:39-44Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
39 Aca abwira abantu ngo bicare hasi ku vyatsi+ mu migwimigwi. 40 Nuko bicara mu migwi y’abantu 100 n’iy’abantu 50. 41 Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira+. Aca amanyagura iyo mikate, atangura kuyihereza abigishwa, na bo bayiha abo bantu. Abagaburira n’izo fi zibiri bose. 42 Bose bararya barahaga, 43 hanyuma begeranya ibiseke 12 vyuzuye utumanyu twasigaye, hatarimwo ifi+. 44 Abariye iyo mikate bari abagabo 5.000.
-
-
Luka 9:14-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Hariho nk’abagabo 5.000. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: «Nimubicarike mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu.» 15 Baca bagira ukwo nyene, barabicarika bose. 16 Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira. Aca arabimanyagura, atangura kubihereza abigishwa, na bo babiha iryo sinzi. 17 Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke 12+.
-