ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 10:19, 20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 19 Ariko nibabashengeza, ntimuze muhagarike umutima mwibaza ivyo muzovuga n’ingene muzobivuga, kuko ivyo muzovuga muzobihabwa muri uwo mwanya nyene+. 20 Kuko atari mwebwe gusa muzovuga, ahubwo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe+.

  • Yohani 16:13
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Ariko uwo* niyashika, ya mpwemu y’ukuri+, azobayobora kugira mutahure ukuri kwose, kuko atazovuga ivyo yibwiye, ahubwo azovuga ivyo yumva, kandi azobamenyesha ibizoba+.

  • 1 Abakorinto 2:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Ariko twebwe ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana+, kugira tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze.

  • 1 Yohani 2:27
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 27 Ariko mwebwe, Imana yarabarobanuje+ impwemu, kandi iyo mpwemu iguma muri mwebwe kandi ntimukeneye umuntu n’umwe abigisha. Mugabo iyo mpwemu mwahawe na we irabigisha ibintu vyose+, kandi ni iy’ukuri, nta kinyoma kiri muri yo. Nimugume rero mwunze ubumwe na we+, nk’uko iyo mpwemu yabibigishije.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika