Yesaya 53:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Niyamara kubabazwa*, azohimbarwa n’ivyo abonye. Biciye ku vyo umusavyi wanje agororotse yize*+,azotuma abantu benshi babonwa ko bagororotse+,kandi amakosa yabo azoyikorera+. Yeremiya 31:34 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 34 «Nta wuzosubira kwigisha mugenziwe canke mwenewabo, ababwira ngo: “Nimumenye Yehova+!”, kuko bose bazomenya kuva ku muto muri bo gushika ku mukuru+», ni ko Yehova avuze. «Nzobabarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka+.» Daniyeli 9:24 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Amayinga* 70 ni yo yashingiwe ihanga ryawe n’igisagara cawe ceranda+, kugira amakosa n’ibicumuro birangire+, kugira ivyaha bitangirwe impongano+, kugira haze ubugororotsi bwamaho+, kugira iyerekwa n’ubuhanuzi* vyemezwe+ no kugira aheranda cane* harobanurwe*.
11 Niyamara kubabazwa*, azohimbarwa n’ivyo abonye. Biciye ku vyo umusavyi wanje agororotse yize*+,azotuma abantu benshi babonwa ko bagororotse+,kandi amakosa yabo azoyikorera+.
34 «Nta wuzosubira kwigisha mugenziwe canke mwenewabo, ababwira ngo: “Nimumenye Yehova+!”, kuko bose bazomenya kuva ku muto muri bo gushika ku mukuru+», ni ko Yehova avuze. «Nzobabarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka+.»
24 Amayinga* 70 ni yo yashingiwe ihanga ryawe n’igisagara cawe ceranda+, kugira amakosa n’ibicumuro birangire+, kugira ivyaha bitangirwe impongano+, kugira haze ubugororotsi bwamaho+, kugira iyerekwa n’ubuhanuzi* vyemezwe+ no kugira aheranda cane* harobanurwe*.