1 Timoteyo 1:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Mu vy’ukuri igituma ndagusavye gukora ivyo bintu*, ni ukugira ngo tugire urukundo+ ruva ku mutima udahumanye, kw’ijwi ryiza ryo mu mutima no ku kwizera+ kutagira ubwiyorobetsi. Yakobo 3:17 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Mugabo ubukerebutsi buva mw’ijuru imbere ya vyose ntibwanduye+, kandi burangwa n’amahoro+, ntiburenza urugero*+, bwiteguriye kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza+, ntibugira nkunzi+, ntibwiyorobeka+. 1 Petero 1:22 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Kubera ko mugamburukira ukuri, mwabaye abatyoroye bituma mwiyumvamwo abavukanyi ata bwiyorobetsi+. Nimukundane cane rero bivuye ku mutima+.
5 Mu vy’ukuri igituma ndagusavye gukora ivyo bintu*, ni ukugira ngo tugire urukundo+ ruva ku mutima udahumanye, kw’ijwi ryiza ryo mu mutima no ku kwizera+ kutagira ubwiyorobetsi.
17 Mugabo ubukerebutsi buva mw’ijuru imbere ya vyose ntibwanduye+, kandi burangwa n’amahoro+, ntiburenza urugero*+, bwiteguriye kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza+, ntibugira nkunzi+, ntibwiyorobeka+.
22 Kubera ko mugamburukira ukuri, mwabaye abatyoroye bituma mwiyumvamwo abavukanyi ata bwiyorobetsi+. Nimukundane cane rero bivuye ku mutima+.