2 Twama dushimira Imana iyo mwese tubashize mu masengesho yacu+, 3 kuko tuguma twibuka igikorwa mukorana ukwizera, ukuntu mubira akuya bivuye ku rukundo, n’ukuntu mwihangana kubera ko mwizigira+ Umukama wacu Yezu Kristu, imbere y’Imana yacu ikaba na Data.