ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 18:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 kandi kubera yuko bari basangiye umwuga, aguma iwabo barakorana+. Umwuga wabo wari uwo gukora amahema.

  • 1 Abakorinto 9:14, 15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 N’Umukama yategetse ko abatangaza inkuru nziza babeshwaho n’inkuru nziza+.

      15 Mugabo jewe nta na kimwe nakoresheje muri ivyo+. Vy’ukuri, ibi sindavyanditse kugira hagire ivyo munkorera, kuko nopfuma mpfa hako . . . Nta muntu azonyaka imvo mfise zo kwirata+!

  • 2 Abakorinto 11:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Yamara igihe nari kumwe namwe ngakena, nta n’umwe nabereye umuzigo, kuko abavukanyi bavuye i Masedwane bandonkeje ku bwinshi ivyo nari nkeneye+. Emwe, naririnze kubabera umuzigo mu buryo bwose, kandi nzobandanya gutyo+.

  • 1 Abatesalonika 2:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Bavukanyi, muribuka neza ukuntu twakoze tutiziganya tukabira akuya. Igihe twababwira inkuru nziza y’Imana, twarakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemera tumusaba vyinshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika