Abaheburayo 7:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Ibwirizwa ryahahora rero rirakurwaho kubera rigoyagoya no kubera ko ata co rishikako+. Abaheburayo 10:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Kubera ko amategeko ari igitutu+ c’ibintu vyiza bizoza+, atari ivyo bintu nyezina, ntashobora* kwigera atuma abegera Imana baba abatagira akanenge+ hakoreshejwe vya bimazi nyene biguma bishikanwa ku mwaka ku mwaka.
10 Kubera ko amategeko ari igitutu+ c’ibintu vyiza bizoza+, atari ivyo bintu nyezina, ntashobora* kwigera atuma abegera Imana baba abatagira akanenge+ hakoreshejwe vya bimazi nyene biguma bishikanwa ku mwaka ku mwaka.