Ivyakozwe 20:29, 30 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 29 Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira akaze* azobinjiramwo+ kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho. 30 Kandi muri mwebwe ubwanyu hazokwaduka abagabo bavuga ibigoramanze kugira bakwegere abigishwa inyuma yabo+. 2 Abakorinto 11:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Kuko mwene abo bantu ari intumwa z’ikinyoma, abakozi bahenda abandi, bigira intumwa za Kristu+. 1 Yohani 4:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Bavukanyi nkunda, ntimwemere ijambo ryose ryahumetswe*+, ahubwo nimusuzume amajambo yose yahumetswe* kugira mumenye ko ava ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.
29 Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira akaze* azobinjiramwo+ kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho. 30 Kandi muri mwebwe ubwanyu hazokwaduka abagabo bavuga ibigoramanze kugira bakwegere abigishwa inyuma yabo+.
4 Bavukanyi nkunda, ntimwemere ijambo ryose ryahumetswe*+, ahubwo nimusuzume amajambo yose yahumetswe* kugira mumenye ko ava ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.