-
Ivyahishuwe 22:8, 9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
8 Erega jewe Yohani ni je numvise ivyo bintu nongera ndabibona. Aho mariye kuvyumva no kubibona, naciye mpfukama* imbere y’ibirenge vy’umumarayika yariko arabinyereka, kugira ndamusenge. 9 Mugabo ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo! Ndi umushumba mugenzawe gusa cokimwe na benewanyu b’abahanuzi be n’abubahiriza amajambo ari muri uyu muzingo. Nusenge Imana+.»
-