ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Luka 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Yezu amwishura ati: «Vyanditswe ngo: “Yehova* Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda+.”»

  • Ivyakozwe 14:12-15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Barunaba bamwita Zeyu, Pawulo na we Herumesi, kuko ari we yaja imbere mu kuvuga. 13 Umuherezi wa Zeyu azana impfizi z’inka n’ingori z’amashurwe ku marembo, ashaka gushikana ibimazi ari kumwe na nya masinzi. Urusengero rwa Zeyu rwari mu bwinjiriro bw’igisagara.

      14 Ariko aho intumwa Barunaba na Pawulo bavyumviye, bitaburirako impuzu, basimbira muri nya sinzi, basemerera bati: 15 «Bagabo, kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu bafise utunenge nkamwe+. Turiko tubamenyesha inkuru nziza kugira muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi muje ku Mana nzima yaremye* ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose+.

  • Ivyahishuwe 19:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Nca ndapfukama* imbere y’ibirenge vyiwe kugira ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo+! Ndi umushumba mugenzawe gusa n’umushumba mugenzi wa benewanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Nusenge Imana+! Kuko ubuhanuzi bufise intumbero yo gushingira intahe Yezu+.»

  • Ivyahishuwe 22:8, 9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Erega jewe Yohani ni je numvise ivyo bintu nongera ndabibona. Aho mariye kuvyumva no kubibona, naciye mpfukama* imbere y’ibirenge vy’umumarayika yariko arabinyereka, kugira ndamusenge. 9 Mugabo ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo! Ndi umushumba mugenzawe gusa cokimwe na benewanyu b’abahanuzi be n’abubahiriza amajambo ari muri uyu muzingo. Nusenge Imana+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika