Udukuru tw’irya n’ino
Muri Republika ya Jeworojiya mu Buraya bwo mu bumanuko bushira ubuseruko, “igitigiri c’abahukana carongerekanye hafi incuro zibiri mu myaka cumi iheze.” Benshi mu bahukana bari munsi y’imyaka 20.—FINANCIAL, JEWOROJIYA.
Muri Irlande, ibice 17 kw’ijana vy’abari hagati y’imyaka 11 na 16 “barahaye amazina yabo yose kuri Internet umuntu batarigera bakubita ijisho.” Ibice cumi kw’ijana na bo nyene baratanze “aderese yabo yo kuri Internet, inomero za telefone canke ifoto yabo.”—THE IRISH SOCIETY FOR THE PREVENTION OF CRUELTY TO CHILDREN.
Ibice 4 gusa kw’ijana vy’imiriro ya Nyakanga kw’isi yose ni vyo vyiyadukiza. Mu bindi bihe vyose, iba yacanywe n’abantu n’ibigirankana canke bivuye ku gusamara.—PRESSEPORTAL, UBUDAGI.
“Hafi Umunyamerika umwe kuri 10 [w’imyaka 12 canke irenga] ariyemerera ko yama anywa ibiyayuramutwe, harimwo marijuwana, kokayine, heroyine, ivyitwa hallucinogènes, ivyo bamotera mu mazuru canke imiti bandikiwe na muganga bakayinywa kugira biboreze.”—USA TODAY, AMERIKA.
Kwigumya biratuma umuntu adahungabana
Ikinyamakuru kimwe (Time) kivuga giti: “Abashakashatsi bavuga ko umuntu abuze ukwigumya mu buto bishobora kwerekana ko amaze gukura azogira ingorane z’amagara, z’ivy’ubutunzi canke agafatwa n’inyamiramabi yakoze ikibi.” Hari ivyigwa vyagizwe ku bantu barenga 1.000 kuva bakivuka gushika ku myaka 32. Bamaze gukura, “abahora bahuruduka [bakiri abana], bagashavuzwa n’ubusa kandi bikabagora kwihangana no gutenyenya,” usanga bashobora kugira amagara mabi, kuronka amahera make, kwirerana abana canke gukora ikibi kanaka, incuro zitatu kuruta abatari bafise iyo ngorane. Ariko rero, ico kinyamakuru kivuga giti: “Umuntu arashobora kwiga kwigumya,” kigaca congerako giti: “Igihe ishure n’umuryango vyigishije abana kwigumya kuva bakiri bato, vyoshobora gutuma bavamwo abantu bakuze bafise amagara meza kuruta kandi badahungabana.”
Icigwa ku bashoferi bagenda nabi
Abategetsi bo mu Buhindi bariko baragerageza ubundi buryo bwo gukosora abashoferi bimonogoza mu kurenga amategeko y’ibarabara, bakabakoresha nk’abapolisi bacungera uruja n’uruza. Intumbero ni ukugira ngo abashoferi batahure ingene bigoye gutunganya akajagari bateza. Uretse gusa gufata abo bashoferi no kubaca amande, igipolisi c’i Gurgaon mu buraruko bushira uburengero bw’Ubuhindi, gica kibategeka ngo bamare inusu y’isaha canke irenga bakorana n’abapolisi bacungera uruja n’uruza. Abashoferi bamwebamwe bariyemerera ko bahakuye icigwa. Uwitwa Bharti Arora, icegera ca komiseri w’igipolisi muri ako karere, avuga ati: “Buri musi i Gurgaon duca amande abashoferi igihumbi. Ku musi twoshobora kuronka abandi bantu 1000 bakora nk’abapolisi bajejwe uruja n’uruza.”