Ikigabane ca 22
Amagorwa ya mbere: Inzige
1. Igihe abamarayika bavuza inzumbete, ni bande baca basamiriza ubutumwa bwazo, kandi urumbete rwa gatanu rutangaza iki?
UMUMARAYIKA wa gatanu ariteguriye kuvuza urumbete rwiwe. Inzumbete zine ziramaze kuvuzwa mw’ijuru, ivyago bine na vyo biramaze gutezwa ica gatatu c’isi Yehova abona ko cagirwa kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga amadini y’abiyita abakirisu. Biramaze kugaragara ko ayo madini ari ku mpfiro. Igihe abamarayika bavuza izo nzumbete, abamamaji na bo baca basamiriza ubutumwa bwazo kw’isi. Ubu rero, urumbete rw’umumarayika wa gatanu rugira rutangaze amagorwa ya mbere, ano akaba ateye ubwoba kuruta mbere ibimaze gushika. Yerekeye icago giteye ubwoba c’inzige. Ariko rero, reka tubanze twihweze ibindi vyanditswe biza kudufasha gutahura neza ico cago.
2. Ni igitabu co muri Bibiliya ikihe kidondora icago c’inzige gisa n’ico Yohani abona, kandi ico cago cagize ico gikoze gute kuri Isirayeli ya kera?
2 Igitabu co muri Bibiliya ca Yoweli, icanditswe mu kinjana c’icenda B.G.C., kiradondora icago c’udukoko, ushizemwo n’inzige, gisa n’ico Yohani abona. (Yoweli 2:1-11, 25)a Cari ico kubuza amahoro ihanga rya Isirayeli ryari ryagiye mu buhuni ariko kandi cotumye Abayuda bamwebamwe bigaya bagasubira gutoneshwa na Yehova. (Yoweli 2:6, 12-14) Igihe kigeze, Yehova yosutse impwemu yiwe ku “bari n’umubiri b’ubwoko bwose,” mu gihe ibimenyetso n’ibitangaza biteye ubwoba vyobaye imbere y’uko “haza wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova.”—Yoweli 2:11, 28-32.
Icago co mu kinjana ca mbere
3, 4. (a) Ibivugwa muri Yoweli ikigabane ca 2 vyarangutse ryari, kandi gute? (b) Ni mu buryo ubuhe mu kinjana ca mbere G.C. hateye icago kimeze nk’igitero c’inzige, kandi ico cago cabandanije gushika ryari?
3 Ibivugwa muri Yoweli ikigabane ca 2 vyararangutse mu kinjana ca mbere. Hari kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., igihe impwemu nyeranda yasukwa maze irarobanura abakirisu ba mbere, ibashoboza kuvuga “ibintu vy’agatangaza vy’Imana” mu ndimi nyinshi. Ivyo vyatumye isinzi rinini rikoranira hamwe. Intumwa Petero yarashikirije ijambo abo bantu bari batamariwe, arasubiramwo ibivugwa muri Yoweli 2:28, 29 maze asigura ko bariko baribonera iranguka ryavyo. (Ivyakozwe 2:1-21) Ariko, nta na hamwe havuga ko ico gihe hateye icago c’udukoko kigatuma bamwe babura amahoro abandi na bo bigaya.
4 None muri ico gihe hoba harateye icago c’ikigereranyo? Ego cane! Cateye bivuye ku gikorwa co kwamamaza abakirisu bari baherutse kurobanurwa bariko barakora badatezura.b Biciye kuri bo, Yehova yaratumiye Abayuda boteze yompi ngo bigaye maze bironkere imihezagiro iva kuri we. (Ivyakozwe 2:38-40; 3:19) Abavyakiriye neza yarabatonesheje bimwe bidasanzwe. Ariko ku banse ubwo butumire, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bacitse nk’igitero c’inzige gitema kigatongora. Bahereye i Yeruzalemu, barakwiragiye i Yudaya hose n’i Samariya. Bidatevye bari hose, babuza amahoro Abayuda batemera mu kwamamaza ku mugaragaro izuka rya Yezu n’ivyo ryasobanura vyose. (Ivyakozwe 1:8; 4:18-20; 5:17-21, 28, 29, 40-42; 17:5, 6; 21:27-30) Ico cago carabandanije gushika kuri wa ‘musi uteye ubwoba’ wo mu 70 G.C., igihe Yehova yareka ingabo z’Abaroma zigatera Yeruzalemu maze zikayitikiza. Abakirisu bari bafise ukwizera bambaje izina rya Yehova ni bo bonyene barokotse.—Yoweli 2:32; Ivyakozwe 2:20, 21; Imigani 18:10.
Icago c’inzige muri iki gihe
5. Ubuhanuzi bwa Yoweli bwarangutse gute kuva mu 1919?
5 Ntitwoba twihenze twiteze ko ubuhanuzi bwa Yoweli bugira iranguka rya nyuma mu gihe c’iherezo. Emwe, ivyo vyaragaragaye ko ari ukuri! Kw’ihwaniro Abatohoji ba Bibiliya bagize i Cedar Point (Ohio) muri Amerika kuva ku wa 1 gushika ku wa 8 Nyakanga 1919, Yehova yarasutse impwemu yiwe ku basavyi biwe bimwe biboneka kugira abavyurire umutima wo gutunganya isekeza ryo kwamamaza kw’isi yose. Mu bitwa abakirisu bose, ni bo bonyene bitanze batiziganya mu kwamamaza hose iyo nkuru nziza kubera ko bemera yuko Yezu yimitswe akaba Umwami mw’ijuru. Igikorwa bakora badatezura co kwamamaza kugira bashitse ubuhanuzi cacitse nk’icago kibuza amahoro abo mu madini y’abiyita abakirisu b’abahuni.—Matayo 24:3-8, 14; Ivyakozwe 1:8.
6. (a) Yohani yabonye iki umumarayika wa gatanu avugije urumbete rwiwe? (b) Iyo “nyenyeri” igereranya nde, kandi kubera iki?
6 Igitabu c’Ivyahishuwe, icanditswe haheze nk’imyaka 26 Yeruzalemu itikijwe, na co nyene kiradondora ico cago. Ni ibiki congera ku vyo Yoweli yavuze? Reka dusuzume ivyo kivuga, nk’uko Yohani abitwiganira ati: “Umumarayika agira gatanu na we avuza urumbete rwiwe. Nca mbona inyenyeri yari yakorotse ivuye mw’ijuru ikagwa kw’isi, kandi ahabwa urupfunguruzo rw’icobo c’inyenga.” (Ivyahishuwe 9:1) Iyo “nyenyeri” iratandukanye n’iyo Yohani yabonye iriko irakoroka ivugwa mu Vyahishuwe 8:10. “Inyenyeri yari yakorotse ivuye mw’ijuru” abona ubu ifise igikorwa cerekeye iyi si. Yoba ari umumarayika canke umuntu? Uwo afise “urupfunguruzo rw’icobo c’inyenga” mu nyuma avugwa ko araririza Shetani mu “nyenga.” (Ivyahishuwe 20:1-3) Ategerezwa rero kuba ari umumarayika w’ububasha. Mu Vyahishuwe 9:11, Yohani atubwira ko inzige zifise “umwami azigaba, umumarayika w’inyenga.” Iyo mirongo yompi itegerezwa kuba yerekeza ku muntu umwe, kuko uwo mumarayika afise urupfunguruzo rw’inyenga vyumvikana ko ari we mumarayika w’inyenga. Iyo nyenyeri na yo itegerezwa kuba igereranya Umwami yagenywe na Yehova, kuko abakirisu barobanuwe bemera Umwami w’umumarayika umwe gusa, ari we Yezu Kristu.—Abakolosayi 1:13; 1 Abakorinto 15:25.
7. (a) Ni igiki gica kiba igihe “icobo c’inyenga” cuguruwe? (b) “Inyenga” ni iki, kandi ni bande bayimazemwo igihe gito?
7 Iyo nkuru irabandanya iti: “Araheza yugurura ca cobo c’inyenga, umwotsi uca uduga uvuye muri nya cobo nk’umwotsi w’itanure rinini, izuba n’ikirere bica bicurishwa umwiza n’umwotsi wa nya cobo. Muri nya mwotsi havamwo inzige, ziza kw’isi; zihabwa ububasha, ububasha nk’ubw’utumina two kw’isi.” (Ivyahishuwe 9:2, 3) Mu Vyanditswe, ijambo “inyenga” ryerekeza ku kibanza kitarangwamwo igikorwa na kimwe, canke mbere ku rupfu. (Gereranya n’Abaroma 10:7; Ivyahishuwe 17:8; 20:1, 3.) Mu mpera y’Intambara ya mbere y’isi yose (1918-1919), umugwi mutoyi wa bene wabo na Yezu waramaze igihe gito mu “nyenga” nk’iyo, ni ukuvuga ko wasa n’uko ata co ukora. Ariko igihe Yehova yasuka impwemu yiwe mu 1919 ku basavyi biwe bari bigaye, bose baciye bahaguruka ningoga kugira bitegurire igikorwa cari kibarindiriye.
8. Ni mu buryo ki za nzige zisohokana n’“umwotsi” mwinshi?
8 Nk’uko Yohani abibona, za nzige zisohokana n’umwotsi mwinshi umeze nk’“umwotsi w’itanure rinini.”c Ukwo ni ko vyagenze mu 1919. Harabaye umwiza mu madini y’abiyita abakirisu no mw’isi muri rusangi. (Gereranya na Yoweli 2:30, 31.) Igihe izo nzige zigereranya umugwi wa Yohani zarekurwa, ni nk’aho abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bari batsinzwe, kuko bari bagize umugambi wo guhagarika buhere igikorwa c’Ubwami bw’Imana, bakaba kandi bari babuteye akagere. Vyaragaragaye ko igipfungu c’umwotsi gitanguye gupfuka amadini y’abiyita abakirisu b’abahuni igihe Imana yaha uwo mugwi w’inzige ububasha maze uratangura kubukoresha mu gutangaza ubutumwa bukaze bw’urubanza. “Izuba” ry’ayo madini, ni ukuvuga ukuntu aboneka umengo arakayangana, ryaracuze umwiza, “ikirere” na co cuzura amajambo aserura urubanza rw’Imana kubera vyari vyagaragaye ko “umutware w’ububasha bw’ikirere” w’iyi si ari we mana y’amadini y’abiyita abakirisu.—Abanyefeso 2:2; Yohani 12:31; 1 Yohani 5:19.
Inzige zitera ububabare!
9. Ni ubuyobozi ubuhe izo nzige zahawe bujanye n’intambara?
9 Ni ubuyobozi ubuhe izo nzige zahawe bujanye n’intambara? Yohani avuga ati: “Zibwirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw’isi canke ikintu gitoto na kimwe canke igiti na kimwe, kiretse gusa barya bantu badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo. Maze za nzige zihabwa uruhusha, atari urwo kubica, ahubwo kugira ngo bano bababazwe amezi atanu, kandi ububabare batejwe bwari nk’ububabare buterwa n’akamina iyo gakomoye umuntu. Kandi muri iyo misi abantu bazorondera urupfu mugabo ntibazogenda baruronse, kandi bazokwipfuza gupfa mugabo urupfu ruzoguma rubahunga.”—Ivyahishuwe 9:4-6.
10. (a) Ico cago cerekeye canecane bande, kandi cabagizeko ingaruka iyihe? (b) Ubwo bubabare buvugwa ni nyabaki? (Raba n’akajambo k’epfo.)
10 Urabona ko ico cago ahanini kidatera abantu muri rusangi canke abahambaye bo muri bo, ni ukuvuga ‘ivyatsi n’ibiti vyo kw’isi.’ (Gereranya n’Ivyahishuwe 8:7.) Izo nzige zibwirwa kubabaza gusa abantu badafise ikidodo c’Imana ku ruhanga rwabo, ni ukuvuga abo mu madini y’abiyita abakirisu bivugisha ko badomweko ikidodo ariko ivyo bakora bikerekana ko atari ko biri. (Abanyefeso 1:13, 14) Ku bw’ivyo, amajambo atera ububabare y’izo nzige zo mu bihe vya none yerekeye canecane indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu. Ese ukuntu abo bantu birata bategerezwa kuba barababajwe no kwumva bivugwa ku mugaragaro ko vyabananiye kuyobora ubusho bwabo ngo buzoshike mw’ijuru, ariko kandi ko na bo ubwabo batazohonyorayo!d Vy’ukuri, vyarabonetse ko ari “impumyi irongoye iyindi mpumyi”!—Matayo 15:14.
11. (a) Za nzige zemererwa kumara igihe kingana iki zibabaza abansi b’Imana, kandi ni kubera iki ico gihe atari gito namba? (b) Ubwo bubabare bukomeye ukungana iki?
11 Ubwo bubabare bumara amezi atanu. Ico none coba ari igihe gito? Ukwo si ko biri ku nzige nya nzige. Ico kiringo kingana n’igihe ako gakoko kabaho muri rusangi. Ku bw’ivyo, za nzige zo mu bihe vya none ziguma zirya abansi b’Imana ubuzima bwazo bwose. Vyongeye, zirabababaza cane ku buryo bipfuza gupfa. Ego ni ko, ntiturumva umuntu n’umwe mu bariwe n’izo nzige yagerageje kwiyahura. Ariko iyo mvugo iradufasha kwiha ishusho y’ukuntu ubwo bubabare bukomeye, nk’igihe umuntu aguma akomorwa n’utumina. Ni nka wa mubabaro Yeremiya yabonye ko woshikiye Abisirayeli b’abahemu bosabagijwe n’Abanyababiloni bobatsinze, bigatuma bipfuza gupfa aho kubaho.—Yeremiya 8:3; raba kandi Umusiguzi 4:2, 3.
12. Kubera iki izo nzige zemererwa kubabaza mu buryo bw’impwemu indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu, atari kubica?
12 Ni kubera iki izo nzige zemererwa kubabaza abo bantu mu buryo bw’impwemu, atari kubica? Zituma haba amagorwa ya mbere mu gushira ahabona ibinyoma n’amakosa vy’amadini y’abiyita abakirisu, ariko rero mu nyuma uko umusi w’Umukama ubandanya utera imbere, bizotangazwa cane ko ayo madini ari ku mpfiro mu vy’impwemu. Mu gihe c’amagorwa ya kabiri ni ho ica gatatu c’abantu kizokwicwa.—Ivyahishuwe 1:10; 9:12, 18; 11:14.
Inzige zifise ibikenewe kugira zije mu ndwano
13. Izo nzige zisa gute?
13 Ese ingene izo nzige zitangaje uravye ukuntu zisa! Yohani azidondora ati: “Kandi nya nzige, uko zari zimeze, zasa n’amafarasi ateguriwe indwano; ku mitwe yazo hari ibimeze nk’ingori zisa n’inzahabu, mu maso hazo na ho hakamera nko mu maso h’abantu, mugabo zari zifise imishatsi nk’iy’abagore. Amenyo yazo na yo yari nk’ay’intambwe; kandi zari zifise ibikingira igikiriza bimeze nk’ivy’icuma. Kandi umuhindo w’amababa yazo wari nk’umuhindo w’imikogote y’amafarasi menshi yiruka aja mu ntambara.”—Ivyahishuwe 9:7-9.
14. Kubera iki ukuntu Yohani adondora za nzige guhuye n’ingene abakirisu bongererejwe ingoga mu 1919 bari bameze?
14 Ivyo biradondora neza wa mugwi w’abakirisu b’abizigirwa bongererejwe ingoga mu 1919. Nka kurya kw’ifarasi, bari biteguriye urugamba, bashashaye kurwanira ukuri nk’uko intumwa Paulo yabivuze. (Abanyefeso 6:11-13; 2 Abakorinto 10:4) Yohani abona ku mitwe yabo ibimeze nk’ingori zisa n’iz’inzahabu. Ntivyoba bibereye ko bambara ingori nya ngori kuko badatangura kuganza bakiri kw’isi. (1 Abakorinto 4:8; Ivyahishuwe 20:4) Ariko mu 1919 bari bamaze gusa n’abami. Bari bene wabo n’Umwami, kandi bari babikiwe ingori zabo zo mw’ijuru, ariko babwirizwa kuguma ari abizigirwa gushika kw’iherezo.—2 Timoteyo 4:8; 1 Petero 5:4.
15. Bigereranya iki kuba izo nzige zifise (a) ibikingira igikiriza vy’icuma? (b) mu maso nk’ah’abantu? (c) imishatsi nk’iy’abagore? (d) amenyo nk’ay’intambwe? (e) urwamo rukomeye?
15 Muri iryo yerekwa, izo nzige zifise ibikingira igikiriza vy’icuma, bigereranya ubugororotsi butamenwa. (Abanyefeso 6:14-18) Vyongeye, zifise mu maso h’umuntu, ivyo bikaba bigereranya kamere y’urukundo kuko umuntu yaremwe mw’ishusho y’Imana, na yo ikaba ari urukundo. (Itanguriro 1:26; 1 Yohani 4:16) Zifise imishatsi miremire nk’iy’abagore, ivyo bikaba bigereranya mu buryo bubereye ko ziyobokera Umwami wazo, wa mumarayika w’inyenga. Amenyo yazo na yo ameze nk’ay’intambwe. Intambwe ikoresha amenyo yayo mu gutabura inyama. Kuva mu 1919, abagize umugwi wa Yohani barashoboye gusubira kwihereza ibifungurwa bikomeza vy’impwemu, na canecane ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana butegekwa na “ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda,” ari we Yezu Kristu. Nka kurya nyene intambwe igereranya uburindutsi, vyasavye uburindutsi bwinshi kugira bihereze ubwo butumwa butarya umunwa, babusohore mu bisohokayandikiro, bongere babutangaze hirya no hino kw’isi. Izo nzige z’ikigereranyo zaragize urwamo rukomeye, nk’“umuhindo w’imikogote y’amafarasi menshi yiruka aja mu ntambara.” Nka kumwe kw’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, ntizishobora kunuma.—1 Abakorinto 11:7-15; Ivyahishuwe 5:5.
16. Kuba izo nzige zifise “imirizo n’imboyi nk’utumina” bisobanura iki?
16 Ukwo kwamamaza ntikugarukira ku majambo gusa! Yohani avuga ati: “Vyongeye, zifise imirizo n’imboyi nk’utumina; kandi mu mirizo yazo ni ho hari ububasha bwazo bwo kubabaza abantu amezi atanu.” (Ivyahishuwe 9:10) None ivyo bisobanura iki? Igihe Ivyabona vya Yehova barangura igikorwa cabo c’Ubwami, barashikiriza ivyiyumviro bifise ububasha vyo mw’Ijambo ry’Imana, biciye ku vyo bavuga no ku bisohokayandikiro batanga. Ubutumwa bashikiriza burafise uruboyi nk’urw’akamina kuko bamenyesha ko umusi w’ukwihora wa Yehova wegereje. (Yesaya 61:2) Imbere y’uko inzige zo mu buryo bw’impwemu zo muri iki gihe zisozera ubuzima bwazo, igikorwa zashinzwe n’Imana co gutangaza imanza za Yehova kizoba carangiye, ivyo bikaba bizobabaza abarogosi bose batagonda izosi.
17. (a) Ni igiki catangajwe kw’ihwaniro Abatohoji ba Bibiliya bagize mu 1919 cotumye igikorwa cabo co kwamamaza kirushiriza gukomora? (b) Ni gute abakuru b’amadini batejwe ububabare, kandi baciye bakora iki?
17 Uwo mugwi w’inzige wararengewe n’umunezero igihe ikinyamakuru gishasha L’Âge d’Or catangazwa kw’ihwaniro bagize mu 1919. Casohoka rimwe mu ndwi zibiri, kikaba cari kigenewe gutuma igikorwa cabo co kwamamaza kirushiriza gukomora.e Inomero yaco igira 27 yo ku wa 29 Nyakanga 1920 yarashize ku kabarore ukuntu abakuru b’amadini biyorobetse mu guhama Abatohoji ba Bibiliya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuva mu 1918 gushika mu 1919. Mu myaka ya 1920 na 1930, ikinyamakuru L’Âge d’Or carateje ububabare abakuru b’amadini gikoresheje ibiganiro n’ibicapo birushiriza gukomora vyagaragaje ukuntu bisuka mu vya politike n’uruyeri n’akantu, na canecane amasezerano abakuru ba Ekleziya bagiranye n’abategetsi b’Abafashisiti n’Abanazi batwaza igikenye. Abakuru b’amadini baciye ‘bategura ivyago bakoresheje ingingo zashinzwe’ bongera barosha imigwi y’abantu ngo igirire nabi abasavyi b’Imana.—Zaburi 94:20.
Ubutumwa ku bategetsi b’isi
18. Ni igikorwa ikihe za nzige zabwirizwa gukora, kandi ni igiki caciye kiba igihe urumbete rwa gatanu rwavuzwa?
18 Inzige zo mu gihe ca none zari zifise igikorwa zabwirizwa kurangura: inkuru nziza y’Ubwami yabwirizwa kwamamazwa, amakosa yabwirizwa gushirwa ahabona, intama zazimiye na zo zakabwirizwa kuronderwa. Uko izo nzige zarangura ivyo bikorwa, abantu ntibabura kubibona. Mu kugamburuka ubutumwa buri muri za nzumbete zivuzwa n’abamarayika, abagize umugwi wa Yohani barabandanije gushira ahabona ko amadini y’abiyita abakirisu akwiye gucirwa rubi na Yehova. Igihe urumbete rwa gatanu rwavuzwa, hari umuce w’urwo rubanza waciye ushimikwako kw’ihwaniro Abatohoji ba Bibiliya bagiriye i Londres mu Bwongereza kuva ku wa 25 gushika ku wa 31 Rusama 1926. Baragize umwiyemezo wiswe ngo “Intahe ku bategetsi b’isi,” harashikirizwa n’insiguro y’icese mu nyubakwa Royal Albert Hall yavuga ngo “Igituma intwaro zikomakomeye zo kw’isi ziriko ziradandabagirana—Umuti.” Bukeye bwaho, ikinyamakuru kimwe gikomeye c’i Londres carasohoye ibisomwa bigize uwo mwiyemezo n’iyo nsiguro. Mu nyuma, uwo mugwi w’inzige waratanze hirya no hino kw’isi amakopi imiliyoni 50 z’agapapuro k’inkuru nziza kariko uwo mwiyemezo, ivyo bikaba vyarababaje cane abakuru b’amadini. Inyuma y’imyaka myinshi, mu Bwongereza bari bacikugura ubwo butumwa bukomora.
19. Ni ikindi kirwanisho ikihe za nzige z’ikigereranyo zaronse, kandi cavuze iki kuri rwa rwandiko rw’i Londres?
19 Kuri iryo hwaniro, za nzige z’ikigereranyo zararonse ikindi kirwanisho, na co kikaba cari igitabu Délivrance. Caraca irya n’ino ikimenyetso gishingiye ku Vyanditswe cerekana ko wa “mwana w’umuhungu” agereranya intwaro canke Ubwami bwo mw’ijuru bwa Kristu, yavutse mu 1914. (Matayo 24:3-14; Ivyahishuwe 12:1-10) Carasubiramwo n’amajambo yo mu rwandiko rwasohowe i Londres mu 1917 rwateweko umukono n’abakuru b’idini umunani bavugwa ko bari “mu bavugabutumwa bakomeye bo kw’isi.” Baserukira amadini makurumakuru y’abaporoti, ni ukuvuga ababatiste, aba congrégationalistes, aba presbytériens, abangilikani n’abametodiste. Urwo rwandiko rwavuga ko “ingorane zariho ico gihe zerekana yuko Ibihe vy’abanyamahanga vyagira birangire” be n’uko “Umukama yashobora guhishurwa umwanya uwo ari wo wose.” Ego cane, abo bakuru b’amadini bari babonye ikimenyetso c’ukuhaba kwa Yezu! Ariko none, hari ico boba barakoze? Igitabu Délivrance kitubwira giti: “Igitangaje cane ni uko abo bantu nyene bateye umukono kuri urwo rwandiko ari bo bahavuye barwiyamiriza bongera barahakana ikimenyamenya cerekana ko turi mu misi ya nyuma no mu gihe c’ukuhaba kugira kabiri kw’Umukama.”
20. (a) Ku bijanye na wa mugwi w’inzige n’Umwami wazo, abakuru b’amadini bahisemwo iki? (b) Yohani avuga ko ari nde agaba uwo mugwi w’inzige, kandi yitwa nde?
20 Aho gutangaza Ubwami bw’Imana bugira buze, abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu bahisemwo kugumana n’isi ya Shetani. Ntibipfuza kwifatanya na wa mugwi w’inzige n’Umwami wazo, izo Yohani avuga ku bizerekeye ati: “Zifise umwami azigaba, umumarayika w’inyenga. Mu giheburayo izina ryiwe ni Abadoni [bisobanura “Agatikizo”], mugabo mu kigiriki ni Apoliyoni [bisobanura “Uwutikiza”].” (Ivyahishuwe 9:11) Yezu we “mumarayika w’inyenga” akaba n’“Uwutikiza,” yarateje vy’ukuri abiyita abakirisu icago gikomeye. Ariko ntibigarukira aho!
[Utujambo tw’epfo]
a Gereranya Yoweli 2:4, 5, 7 (aho utwo dukoko tugereranywa n’amafarasi, igisata be n’abantu, bikavugwa kandi ko dufise urwamo nk’urw’imikogote) n’Ivyahishuwe 9:7-9; gereranya kandi Yoweli 2:6, 10 (ahadondora umubabaro uterwa n’icago c’utwo dukoko) n’Ivyahishuwe 9:2, 5.
b Raba ikiganiro kivuga ngo “Urunani rwo kurwana n’amahanga mu kiyaya co guciramwo imanza” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Rusama 1962.
c Ico canditswe ntigishobora gukoreshwa mu kwerekana ko muri iyo nyenga harimwo umuriro, nk’aho womenga iyo nyenga ni umuriro udahera. Yohani avuga ko yabonye umwotsi mwinshi umeze nk’umwotsi w’itanure rinini. (Ivyahishuwe 9:2) Ntavuga ko yabonye imbeya z’umuriro muri iyo nyenga.
d Ijambo ry’ikigiriki ryakoreshejwe ng’aho rivuye kw’ijambo ba·sa·niʹzo, rimwe na rimwe rikaba ryerekeza ku bubabare bwo ku mubiri; ariko rirashobora kandi kwerekeza ku mubabaro wo mu mutima. Nk’akarorero ku bijanye na Loti, muri 2 Petero 2:8 havuga ko “umutima wiwe ugororotse wamana akababaro” kubera ububisha yabona i Sodomu. Indongozi z’idini zo mu gihe c’intumwa zaragize umubabaro nk’uwo naho nyene vyari bivuye ku mvo itandukanye cane n’iyo.
e Ico kinyamakuru cahavuye citwa Consolation mu 1937, mu 1946 na ho citwa Be maso!
[Ifoto ku rup. 143]
Urumbete rwa gatanu ruvugijwe, haca haba aya mbere muri ya magorwa atatu
[Ifoto ku rup. 146]
Imyampi yawe irasongoye ikinjira mu mutima w’abansi b’Umwami. (Zaburi 45:5) Iki gicapo giherekejwe n’ayo majambo, ni akarorero kamwe mu bicapo vyinshi vyasohowe mu myaka ya 1930 vyacumise “abantu badafise ikidodo c’Imana”
[Ifoto ku rup. 147]
Inyubakwa Royal Albert Hall aho ca gitabu Délivrance casohorewe, hakagirirwa na wa mwiyemezo wiswe ngo “Intahe ku bategetsi b’isi”