ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lvs ikig. 15 rup. 200-212
  • Nukunde ibikorwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukunde ibikorwa
  • Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Soma muri “Urukundo rw’Imana”
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABAKOZI BABIRI BA KARUHARIWE
  • DUKWIYE KUBONA GUTE AKAZI DUKORA?
  • NOHITAMWO AKAZI NYABAKI?
  • ‘NIWIYEMEZE NEZA IBIHAMBAYE KURUTA IBINDI’
  • IGIKORWA NYAMUKURU TWASHINZWE
  • Ivyogufasha gukunda ibikorwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Igituma dukeneye gukora
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Nunezererwe igikorwa cawe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Akazi
    Be maso!—2015
Ibindi
Nugume mu rukundo rw’Imana
lvs ikig. 15 rup. 200-212
Umuvukanyi ariko arabwira inkuru nziza uwo bakorana

IKIGABANE CA 15

Nukunde ibikorwa

‘Umuntu wese nabone ivyiza biva mu gikorwa ciwe c’ubutame.’​—UMUSIGUZI 3:13.

1-3. (a) Abantu benshi babona gute akazi bakora? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura muri kino kigabane?

KW’ISI yose abantu barakora bivuye inyuma kugira baronke ikibatunga n’igitunga imiryango yabo. Benshi usanga badakunda akazi bakora; hari n’abo hagera kuja ku kazi amaganya akabuzura inda. Nimba nawe ari uko biri, wokora iki kugira urushirize gukunda akazi ukora wongere ukaronkeremwo umunezero?

2 Yehova atubwira ati: ‘Umuntu wese akwiye kurya, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame. Ni yo ngabirano y’Imana.’ (Umusiguzi 3:13) Yehova yaturemanye icipfuzo co gukora. Ashaka ko duhimbarirwa igikorwa dukora.​—Soma Umusiguzi 2:24; 5:18.

3 None ni ibiki vyodufasha guhimbarirwa igikorwa dukora? Ni ubuzi nyabaki abakirisu bakwiye kwirinda? Twoshobora gute kugira uburimbane hagati y’akazi dukora n’ibikorwa bijanye n’ugusenga? Kandi igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose twashinzwe ni ikihe?

ABAKOZI BABIRI BA KARUHARIWE

4, 5. Yehova abona gute ibikorwa?

4 Yehova arakunda ibikorwa. Mw’​Itanguriro 1:1 havuga hati: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” Imana ihejeje kurema isi n’ibiri kuri yo vyose, yavuze ko ivyo yari yaremye vyari ‘vyiza cane.’ (Itanguriro 1:31) Umuremyi wacu yarahimbawe n’ivyo yari yakoze.​—1 Timoteyo 1:11.

5 Yehova aguma akora. Yezu yavuze ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu.” (Yohani 5:17) Naho tutazi ibintu vy’agatangaza vyose Yehova amaze igihe akora, hariho bimwebimwe tuzi. Aramaze igihe atora abazofadikanya n’Umwana wiwe Yezu Kristu kuganza mu Bwami bw’Imana. (2 Abakorinto 5:17) Vyongeye, Yehova ariko arafasha abantu kandi akabaronsa ubuyobozi. Igikorwa co kwamamaza kiriko kiratuma abantu amamiliyoni bamenya Yehova maze bakagira icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.​—Yohani 6:44; Abaroma 6:23.

6, 7. Yezu yari umukozi ameze gute?

6 Yezu na we nyene arakunda ibikorwa nka Se. Imbere y’uko aza kw’isi, yari “umukozi w’umuhanga,” akaba yaragize uruhara mu kurema ibintu vyose kw’isi no mw’ijuru. (Imigani 8:22-31; Abakolosayi 1:15-17) N’igihe yari kw’isi yarabandanije gukora cane. Akiri muto, yarize igikorwa co kubaza arakimenya neza, bikaba bishoboka ko yahingura ibikoresho vyo mu nzu akubaka n’amazu. Yarabaye umuhanga muri ico gikorwa ku buryo basigara bamwita “umubaji.”​—Mariko 6:3.

7 Ariko igikorwa nyamukuru Yezu yarangura kw’isi kwari ukwamamaza inkuru nziza no kwigisha abantu ivyerekeye Yehova. Yari afise imyaka itatu n’igice yo gukora ico gikorwa. Ku bw’ivyo, yavyuka hakiri kare kandi agakora gushika ryitereye. (Luka 21:37, 38; Yohani 3:2) Yaragenda ibilometero n’ibindi n’amaguru aca mu mabarabara yuzuye ivumbi, akagenda arabwira inkuru nziza abantu benshi bashoboka.​—Luka 8:1.

8, 9. Kubera iki Yezu yaryoherwa n’igikorwa ciwe?

8 Yezu yabona ko gukora ivyo Imana igomba ari nk’ibifungurwa. Ico gikorwa caramuha inguvu. Vyarashika agakora cane ku buryo ataronka n’umwanya wo gufungura. (Yohani 4:31-38) Ntiyagisha akaryo na kamwe ko gufasha abandi kumenya ivyerekeye Se wiwe. Ni co gituma yabwiye Yehova ati: “Narakuninahaje kw’isi, nkaba ndangije igikorwa wampaye ngo nkore.”​—Yohani 17:4.

9 Biragaragara ko Yehova na Yezu bakora cane kandi bagahimbarirwa ivyo bakora. Twipfuza ‘kwigana Imana’ no ‘gukurikira neza intambuko za Yezu.’ (Abanyefeso 5:1; 1 Petero 2:21) Ni co gituma dukorana umwete kandi tugakora nk’abikorera.

DUKWIYE KUBONA GUTE AKAZI DUKORA?

10, 11. Ni igiki codufasha kubona akazi mu buryo bwiza?

10 Twebwe abasavyi ba Yehova turakora cane kugira twibesheho n’imiryango yacu. Twipfuza guhimbarirwa akazi dukora, ariko ntivyama vyoroshe. None twokora iki nimba tudakunda akazi dukora?

Umuvukanyi aryohewe n’akazi akora

Kubona ibintu mu buryo bwiza vyotuma uhimbarirwa akazi kose woba ukora

11 Nubone akazi mu buryo bwiza. Hari aho twoba tudashobora guhindura aho dukorera n’urugero rw’ivyo dukora, ariko turashobora guhindura ukuntu tubona akazi. Gutahura ivyo Yehova atwitezeko birashobora kudufasha. Nk’akarorero, Yehova yiteze ko serugo akora uko ashoboye kwose kugira aronse umuryango wiwe ivyo ukeneye. Nkako, Bibiliya ivuga ko umuntu ataronsa urugo rwiwe ivyo rukeneye “aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.” (1 Timoteyo 5:8) Nimba uri serugo, urakora ugatama kugira utunge umuryango wawe. Waba ukunda akazi ukora canke utagakunda, numenye ko uronkeje umuryango wawe ivyo ukeneye uba uriko urahimbara Yehova.

Umudada aryohewe n’akazi akora

12. Ni ivyiza ibihe biva ku gukora utiziganya no ku kuba imvugakuri?

12 Nukore utiziganya kandi ube imvugakuri. Ivyo birashobora gutuma urushiriza guhimbarirwa akazi ukora. (Imigani 12:24; 22:29) Biratuma kandi umukoresha wawe akwizigira. Abakoresha barakunda abakozi b’imvugakuri kubera batiba amahera, ibikoresho canke umwanya. (Abanyefeso 4:28) N’igihambaye kuruta, igihe ukora cane ukaba n’imvugakuri, Yehova arabibona. Uragira n’“ijwi ryo mu mutima rigororotse” kubera uzi yuko uriko urahimbara ya Mana wikundira.​—Abaheburayo 13:18; Abakolosayi 3:22-24.

Umuvukanyi ariko arabwira inkuru nziza uwo bakorana

13. Kugira inyifato nziza ku kazi bishobora kuvamwo ivyiza ibihe?

13 Niwibuke ko inyifato ugira ku kazi ishobora kuninahaza Yehova. Ivyo na vyo nyene biratuma duhimbarirwa akazi dukora. (Tito 2:9, 10) Vyonashika umwe mu bo mukorana akipfuza kwiga Bibiliya kubera inyifato yawe nziza.​—Soma Imigani 27:11; 1 Petero 2:12.

NOHITAMWO AKAZI NYABAKI?

14-16. Ni ibiki tworimbura igihe duhitamwo akazi twokora?

14 Bibiliya ntirimwo urutonde rw’ubuzi umukirisu yokora canke atokora. Ariko irimwo ingingo ngenderwako zodufasha guhitamwo neza akazi twokora. (Imigani 2:6) Twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, turashobora kwibaza ibibazo bikurikira:

Umuvukanyi ariko araraba mu kinyamakuru akazi yokora

Nurondere akazi kadateye kubiri n’ingingo ngenderwako za Yehova

15 Aka kazi koba kazotuma nkora ikintu Yehova yanka? Twarabonye ingeso Yehova yanka, nko kwiba no kubesha. (Kuvayo 20:4; Ivyakozwe 15:29; Abanyefeso 4:28; Ivyahishuwe 21:8) Ku bw’ivyo, turirinda akazi kose gateye kubiri n’ingingo ngenderwako za Yehova.​—Soma 1 Yohani 5:3.

16 Aka kazi koba gashigikira ibintu Yehova yanka? Nk’akarorero, gukora akazi ko kwubaka ubwavyo si bibi. Ariko tuvuge iki hamwe wohabwa akazi ko kwubaka urusengero? Naho wubatse urwo rusengero utoba uriko urashigikira neza na neza ugusenga kw’ikinyoma, ubwo ntivyoba bifasha gukwiragiza inyigisho ziteye kubiri n’Ijambo ry’Imana?​—Ivyahishuwe 18:4.

17. Ni ibiki vyodufasha gufata ingingo zihimbara Imana?

17 Twimenyereje kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ‘ububasha bwacu bwo gutegera burashobora kumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi, biciye ku gukoreshwa.’ (Abaheburayo 5:14) Niwibaze uti: ‘Hamwe nokwemera aka kazi, ntivyotsitaza abandi? Koba kazotuma nsiga umuryango wanje nkaja mu kindi gihugu? Ni ingaruka izihe bizowugirako?’

‘NIWIYEMEZE NEZA IBIHAMBAYE KURUTA IBINDI’

18. Ni kubera iki bitoroshe kuguma dushira imbere ibijanye n’ugusenga?

18 Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” usanga ari urugamba gushira mu kibanza ca mbere ibijanye n’ugusenga Yehova. (2 Timoteyo 3:1) Kuronka akazi no kukagumamwo si icoroshe. Turakeneye gutunga umuryango, ariko turazi ko ubucuti dufitaniye na Yehova ari bwo buza imbere. Ntidukwiye kureka ngo ibintu vy’umubiri bibe ari vyo bija imbere mu buzima bwacu. (1 Timoteyo 6:9, 10) None twoshobora gute gushira imbere “ibihambaye kuruta ibindi” tukongera tukaronsa umuryango wacu ivyo ukeneye?​—Abafilipi 1:10.

19. Kwizigira Yehova bidufasha gute kubona akazi mu buryo bubereye?

19 Niwizigire Yehova uherejeko. (Soma Imigani 3:5, 6.) Turazi ko Imana izi neza ivyo dukeneye be n’uko itwitwararika cane. (Zaburi 37:25; 1 Petero 5:7) Ijambo ryayo ritubwira riti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe. Kuko [Imana] yavuze iti: ‘Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.’” (Abaheburayo 13:5) Yehova ntashaka ko twama duhagaritse umutima twiyumvira ingene dutunga umuryango. Akatari gake, yarerekanye ko ashoboye kuronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye. (Matayo 6:25-32) Twaba dufise akazi canke tutagafise, tuguma twiyigisha Ijambo ry’Imana, tukamamaza, tukitaba n’amakoraniro.​—Matayo 24:14; Abaheburayo 10:24, 25.

20. Twoshobora gute kuguma tworoheje ubuzima?

20 Nugumane ijisho riremuruye. (Soma Matayo 6:22, 23.) Ivyo bisobanura ko uguma woroheje ubuzima kugira witunire ku gukorera Yehova. Vyoba biranga ubupfu hamwe tworeka ngo amahera, ubuzima bwiza canke utwuma tugezweho bibe ari vyo tubona ko bihambaye kuruta ubucuti dufitaniye n’Imana. Ni igiki none codufasha gushira imbere ibihambaye? Turakwiye gukora ibishoboka vyose kugira twirinde amadeni. Nimba na ho usanzwe ufise ideni, niwishingire umugambi wo kurigabanya canke kuririha ryose. Tutabaye maso, ivy’umubiri birashobora kudutwara umwanya n’inguvu ku buryo tutaba tukironka akanya ko gutura isengesho, kwiyigisha canke kwamamaza. Aho kureka ngo ibintu vy’umubiri bitugire abaja, twipfuza kubumbwa n’ibintu vya nkenerwa nk’“ivyo kurya n’ivyo kwambara.” (1 Timoteyo 6:8) Uko ibintu vyoba vyifashe kwose, turakwiye kwama dusuzuma uko ivyacu vyifashe, tukaraba ko tutorushirizaho gukorera Yehova.

21. Kubera iki dukwiye guhitamwo ibikwiye kuja imbere mu buzima bwacu?

21 Nushire imbere ibihambaye. Turakwiye gukoresha neza umwanya wacu, inguvu zacu n’ivyo dutunze. Tutabaye maso, ibintu bidahambaye cane, nk’amashure canke amahera, birashobora kudutwara umwanya twari gukoresha mu bintu bihambaye. Yezu yavuze ati: “Gume . . . mubanza kurondera ubwami.” (Matayo 6:33) Amahitamwo tugira, utumenyero dufise, ivyo dukora buri musi n’imigambi twishingira birahishura ivyo dushira imbere mu mutima wacu.

IGIKORWA NYAMUKURU TWASHINZWE

22, 23. (a) Ni igikorwa ikihe nyamukuru twashinzwe? (b) Ni igiki kizodufasha gukunda akazi dukora?

22 Igikorwa nyamukuru twashinzwe ni ugukorera Yehova no kwamamaza inkuru nziza. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Twipfuza kugikorana umwete nka Yezu. Hari abimukiye mu turere turimwo inkenero, hakaba n’abandi bariko bariga izindi ndimi kugira babwire inkuru nziza abavuga izo ndimi. Nuganire n’abitanze muri ubwo buryo, ubabaze uko babigenjeje. Bazokubwira ko barushirije kugira agahimbare mu buzima bongera barumva ko hari ico bamaze.​—Soma Imigani 10:22.

Umugabo n’umugore bari mu ndimiro

Umurimo turangurira Yehova ni co gikorwa gihambaye twokora

23 Muri iki gihe, benshi muri twebwe babwirizwa gukora umwanya muremure mbere bagakora ubuzi nka bungahe, kugira baronke igitunga umuryango. Ivyo Yehova arabizi kandi arakenguruka utwigoro twose tugira kugira twitwararike umuryango wacu. Nimuze rero twese tubandanye kwigana Yehova na Yezu mu gukora cane, naho twoba dukora akazi kameze gute. Ariko twame twibuka ko igikorwa nyamukuru twashinzwe ari ugukorera Yehova no kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ivyo bizotuma tugira agahimbare nyakuri.

INGINGO NGENDERWAKO ZO MURI BIBILIYA

1 YEHOVA YATUREMANYE ICIPFUZO CO GUKORA

‘Umuntu wese akwiye kurya, emwe, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame. Ni yo ngabirano y’Imana.’​—Umusiguzi 3:13

Kubera iki twovuga ko akazi ari ingabire iva ku Mana?

  • Itanguriro 1:1, 31; Umusiguzi 2:24; Yohani 5:17

    Yehova arakora cane. Arahimbarwa n’igikorwa akora kandi yipfuza ko natwe duhimbarwa n’igikorwa dukora.

  • Imigani 8:22-31; Abakolosayi 1:15-17

    Yezu na we nyene yamye akora cane, haba mw’ijuru canke kw’isi.

  • Mariko 6:3; Luka 21:37, 38; Yohani 4:31-38; 17:4

    Yezu yaritondera igikorwa ciwe kandi yararangije ivyo yari yarashinzwe naho kubishitsa bitari vyoroshe.

2 TURASHOBORA KUBONA AKAZI MU BURYO BWIZA

“Mbega uramaze kwitegereza umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe? Imbere y’abami ni ho azohagarara.”​—Imigani 22:29

Ni ibiki vyodufasha gukunda akazi dukora?

  • Imigani 12:24; Abakolosayi 3:22-24; Abaheburayo 13:18

    Naho tutoba dushobora guhindura akazi dukora, turashobora kuryohora ukuntu tukabona. Turihatira kandi kuba imvugakuri no gukora tutiziganya.

  • Imigani 27:11; 1 Timoteyo 5:8; 1 Petero 2:12

    Uronkeje umuryango wawe ivyo ukeneye, uba ugamburukiye Imana. Kandi wigenjeje neza ku kazi biratera iteka Yehova.

  • Kuvayo 20:13-15; Imigani 2:6; Abaroma 14:19-22; Abanyefeso 5:28–6:4; 1 Yohani 5:3; Ivyahishuwe 18:4

    Bibiliya iradufasha gutahura yuko kwemera akazi kanaka bishobora kugira ingaruka kuri twebwe, ku muryango wacu, ku bo dusangiye ukwemera, na canecane kuri Yehova.

3 GUSHIRA IMBERE IBIBEREYE BIRADUFASHA GUKUNDA AKAZI DUKORA

“Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi.”​—Abafilipi 1:10

Ni ibiki dukwiye gushira imbere?

  • Zaburi 37:25; Imigani 3:5, 6; 1 Petero 5:7

    Niwizigire ko Yehova azi ivyo ukenera buri musi.

  • Matayo 6:25-32; 1 Timoteyo 6:8-10; Abaheburayo 13:5

    Niwige kubumbwa n’ivyo ufise.

  • Imigani 10:22; Matayo 6:33; 28:19, 20; Abaheburayo 10:24, 25

    Nugume ushira imbere gukorera Yehova no kwamamaza inkuru nziza. Ni co gikorwa nyamukuru twashinzwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika