ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/6 rup. 7-9
  • Wunike na Lowisi—Abarezi b’Intangakarorero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wunike na Lowisi—Abarezi b’Intangakarorero
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kurera ‘Kuva mu Buhinja’
  • Timoteyo Ava i Muhira
  • Ivyigwa Ngirakamaro
  • Yemwe ba inabibondo, nimwigane akarorero ka Ewunise
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • “Umwana wanje w’umukundwa kandi w’umwizigirwa mu Mukama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Timoteyo yashaka gufasha abantu
    Niwigishe abana bawe
  • Rwaruka, nimukurikirane imigambi itera iteka Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/6 rup. 7-9

Wunike na Lowisi—Abarezi b’Intangakarorero

Kubera ko turi abasuku ba Yehova, turazi ko gutoza abana bacu indero kirumara mu vy’idini ari ibanga ritoroshe. Eka no mu bihe vyiza kuruta nyene, ico gikorwa twashinzwe gishobora kubamwo intambamyi n’ingorane vy’ubwoko bwose. Ivyo birarushiriza kuba ibigoye igihe umuvyeyi w’Umukirisu aba ahanganye n’ako gahigo mu rugo rugizwe n’abadasangiye idini. Iyo nyifato y’ibintu si iy’ubu. Ivyanditswe biratubwira ivyerekeye umuvyeyi umwe ivyiwe vyari vyifashe ukwo nyene mu kinjana ca mbere G.C.

Umuryango w’umugore yitwa Ewunike waba i Lusitira, igisagara co mu karere k’i Lukawoniya amagana mu bumanuko bw’amaja hagati bwa Aziya Ntoyi. Lusitira wari umugwa mutoyi w’intara udahambaye cane. Wari icibare c’Uburoma citwa Julia Felix Gemina Lustra, cari cashinzwe na Kayisari Augusito kugira ngo ateshe inkozi z’ikibi zari mu micungararo yaho. Ewunike yari Umukirisu w’Umuyudakazi akaba yaba mu rugo rugizwe n’abadasangiye idini, akabana n’umucance wiwe w’Umugiriki, umuhungu wiwe Timoteyo, na nyina wiwe Lowisi.—Ivyakozwe 16:1-3.

Bisa n’uko Abayuda bari i Lusitira bari inkehwa, kubera ko Bibiliya itavuga ko hariyo isinagogi, naho i Ikoniyo nko ku birometero 30 hariyo abanyagihugu b’Abayuda. (Ivyakozwe 14:19) Urumva rero ko bitegerezwa kuba bitoroheye Ewunike gushira mu ngiro ukwizera kwiwe. Kuba Timoteyo atari yarakebwe inyuma y’aho avukiye vyatumye incabwenge zimwezimwe ziyumvira yuko umucance wa Ewunike yarwanije ico ciyumviro.

Ariko Ewunike ntiyari wenyene mu kwemera kwiwe. Biboneka ko Timoteyo yaronse inyigisho mu “[vya]nditswe vyera” biciye kuri nyina hamwe no kuri inakuru avyara nyina, ari we Lowisi.a Intumwa Paulo yahimirije Timoteyo ati: “Ugume mu vyo wize, ukavyizezwa [“ukavyumvishwa,” NW], kuk’uzi abākwigishije: kand’uzi yuk’uhereye mu buto [“buhinja”, NW] bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.”—2 Timoteyo 3:14, 15.

Kurera ‘Kuva mu Buhinja’

Igihe Paulo yavuga ko indero Timoteyo yahawe yo mu “[vya]nditswe vyera” yayihawe ‘kuva mu buhinja,’ ni ibigaragara ko ivyo bisobanura ko ari kuva mu buyoya. Ivyo birahuje n’ikoreshwa ry’ijambo ry’Ikigiriki (breʹphos) mu bisanzwe ryerekeza ku kibondo kikivuka. (Gereranya na Luka 2:12, 16.) Ewunike rero ntiyanjanjwe kw’ibanga yashinzwe n’Imana, ntiyatakaza umwanya mu gutangura hakiri kare kumenyereza Timoteyo, bikaba vyomufashije gukura akavamwo umusuku w’Imana w’intahemuka.—Gusubira mu Vyagezwe 6:6-9; Imigani 1:8.

Timoteyo yari ‘yarumvishijwe’ ibintu vy’ukuri biri mu Vyanditswe. Nk’uko intohozamajambo y’Ikigiriki imwe ivyerekana, ijambo Paulo yakoresheje ngaha risigura ‘kwumvishwa ikintu bimwe binyura; kwemezwa.’ Nta madidane, umwanya mwinshi n’utwigoro dukomeye vyari bikenewe kugira ngo ukujijuka gukomeye gutyo gushingwe mu mutima wa Timoteyo bimwe bikomeye, bikamufasha kwumvisha abandi ku vy’Ijambo ry’Imana kandi akaryizera. Nk’uko biboneka rero, Ewunike na Lowisi bompi barakoze baratama kugira ngo bigishe Timoteyo mu Vyanditswe. Kandi, ese impera abo bagore batinya Imana baronse! Paulo yarashoboye kwandikira Timoteyo ati: “Nkubita agatima mpembero ku kwemera kwawe kutagira amahinyu, kumwe kwabanje kuvyagira muri nyogokuru Lowisi no muri nyoko wawe Eunike, kumwe nyene nzi ata gukekereza yuko kuri no muri wewe.”—2 Timoteyo 1:5, Ubwuzure Bushasha.

Mbega uruhara ruhambaye Ewunike na Lowisi bagize mu buzima bwa Timoteyo! Ku vyerekeye ivyo, umwanditsi David Read avuga ati: “Niba iyo ntumwa yaremera ko ata kintu cari gihambaye kuruta ivyo Timoteyo yiboneye igihe yacika Umukirisu, yari guca akimwibutsa ubwo nyene. Ariko ikintu ca mbere yari afise avuga ku vyerekeye ukwizera kwa Timoteyo cari ic’uko kwari kwaramaze ‘kuba muri Lowisi . . . no muri Ewunike.’ ” Amajambo Paulo yavuze yerekeye ukwizera kwa Lowisi, Ewunike na Timoteyo, yerekana ko kenshi na kenshi indero ishingiye ku Vyanditswe itangirwa i muhira hakiri kare igatangwa n’abavyeyi, eka mbere na ba sekuru na ba nakuru nyene, ari ngenderwako mu kumenya ingene uwukiri muto azomera mu vy’impwemu muri kazoza. None ivyo ntibikwiye gutuma abagize umuryango biyumvira ata gufyina ivyerekeye ico bariko baragira kugira ngo bashitse iryo banga ku Mana no ku bana babo?

Kumbure Paulo yariko kandi yiyumvira ingene mu rugo habaye biturutse ku vyo Lowisi na Ewunike bakoze. Iyo ntumwa ishobora kuba yaragendeye urugo rwabo mu gihe yacumbika ari bwo bwa mbere i Lusitira, hakaba hari nko hagati yo mu 47 no mu 48 G.C. Abo bagore babiri kumbure bacitse Abakirisu muri ico gihe. (Ivyakozwe 14:8-20) Ngirango ubucuti burangwa n’igishika be n’umunezero bwari muri uyo muryango bwaragize ico bukora ku kuntu Paulo ahitamwo amajambo igihe yavuga ko Lowisi yari “inakuru” wa Timoteyo. Nk’uko incabwenge Ceslas Spicq ibivuga, akajambo k’Ikigiriki yakoresheje (mamʹme, mu buryo bunyuranye na teʹthe gasanzwe kandi k’icubahiro) ni “akajambo k’igikundiro umwana akoresha” kuri inakuru wiwe, ngaha rero kakaba kumvikanisha “itandukaniro rihagaze ku kumenyerana n’urukundo.”

Timoteyo Ava i Muhira

Uburyo ubuzima bwo mu rugo bwari bumeze igihe Paulo yaja i Lusitiya ubwa kabiri (nko mu 50 G.C.) ntibuzwi neza. Incabwenge nyinshi ziyumvira ko yari umupfakazi. Ivyo ari vyo vyose, ayobowe na nyina hamwe na inakuru, Timoyeto ico gihe yari yabaye umusore mwiza, ngirango afise imyaka nka 20 y’amavuka. “Ya[ra]shimwa na bene Data b’i Lusitira no muri Ikoniyo.” (Ivyakozwe 16:2) Biboneka ko icipfuzo co gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami cari carashinze imizi mu mutima wa Timoteyo, kubera ko yakiriye ubutumire bwa Paulo ngo ajane na we hamwe na Sila mu ngendo z’ubumisiyonari.

Iyumvire nawe ukuntu Ewunike hamwe na Lowisi bumvise bamerewe igihe Timoteyo yari agiye kugenda! Bari bazi yuko igihe Paulo yagendera igisagara cabo ari bwo bwa mbere, iyo ntumwa yari yaratewe amabuye bakayisiga ari intere. (Ivyakozwe 14:19) Urumva rero ko bitegerezwa kuba bitaboroheye kureka uwo musore Timoteyo ngo agende. Ngirango baribaza igihe yomazeyo n’uko yogarutse amahoro. Nanzi ayo maganya bashobora kuba baragize, nyina na inakuru nta nkeka baramuremesheje kwemera ako gateka kadasanzwe kari gutuma ashobora gukorera Yehova bimwe vyuzuye kuruta.

Ivyigwa Ngirakamaro

Dutohoje twitonze ivya Ewunike na Lowisi dushobora kuhigira vyinshi. Ukwizera kwarabavyuriye ingiro kugira ngo batoze Timoteyo indero nziza mu vy’impwemu. Ako karorero k’ivy’ukuyobokera Imana gakomeye kandi k’intanyiganyiga ba sekuru na ba inakuru bashiriraho abuzukuru babo n’abandi, ntikobura kugira ico kunguye ishengero rya gikirisu uko ringana. (Tito 2:3-5) Akarorero ka Ewunike kandi kaributsa ba inarugo bari kumwe n’abagabo batizera ibanga bajejwe n’impera biri mu kwigisha abana babo mu vy’impwemu. Rimwe na rimwe gukora ivyo bishobora gusaba uburindutsi bukomeye, canecane iyo sebibondo ataraba ryiza ivyo umutambukanyi wiwe yemera mu vy’idini. Bisaba kandi kugira ubugenge, kubera ko umugore w’Umukirisu akwiye kwubaha ubukuru bw’umunega wiwe.

Ukwizera, akigoro n’ukwiyanka vyagaragajwe na Lowisi hamwe na Ewunike vyaraherewe impera igihe babona Timoteyo agira iterambere ryo mu vy’impwemu gushika aho acika umumisiyonari n’umucungezi mwiza. (Ab’i Filipi 2:19-22) No muri iki gihe nyene, ukwigisha abana bacu ukuri kwo mu Vyanditswe bisaba umwanya, ukwihangana, hamwe n’ukwiyemeza kubikora, ariko ingaruka nziza bivamwo ituma utwigoro twose twagizwe tutaba impfagusa namba. Abakirisu bakiri bato benshi b’intangakarorero bigishijwe ‘ivyanditswe vyeranda kuva mu buhinja’ mu rugo rugizwe n’abadasangiye idini, baratuma umuvyeyi wabo ayobokera Imana agira umunezero ntangere. Kandi uzi ukuntu uyu mugani ari uw’ukuri, uwuvuga uti: “Ūwuvyaye umwana w’ubgenge azomunezererwa”!—Imigani 23:23-25.

Intumwa Yohani yavuze ibi bikurikira ku vyerekeye abana biwe bo mu buryo bw’impwemu: “Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.” (3 Yohana 4) Nta mazinda yuko inyiyumvo iseruwe muri ayo majambo ifiswe na benshi bagaragaje ko bameze nka Ewunike na Lowisi, abarezi babiri b’intangakarorero.

[Akajambo k’epfo]

a Ivy’uko Lowisi atari inakuru wa Timoteyo avyara se bibonekera mu buryo mu Gisiriya 2 Timoteyo 1:5 hahindurwa ngo “nyina wa nyina.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika