ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/8 rup. 10-15
  • Icizigiro c’Izuka Ni Ntakekeranywa!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icizigiro c’Izuka Ni Ntakekeranywa!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Baragaruriwe Ababo Bapfuye Biciye kw’Izuka
  • Umwana w’Imana Yarazuye Abapfuye
  • Ivy’Abandi Bazutse Bikomeza Icizigiro Cacu
  • Izuka​—Icizigiro ca Kera na Rindi
  • Intahe Iva ku Vyagezwe no ku Mazaburi
  • Dushigikirwe n’Icizigiro c’Izuka
  • Izuka ni inyigisho igira ico ikora kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • “Ndafise icizigiro ku Mana”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/8 rup. 10-15

Icizigiro c’Izuka Ni Ntakekeranywa!

“Mfise ivyizigiro ku Mana . . . yuko hazoba ukuzuka.”​—IVYAKOZWE 24:15.

1. Ni kuki dushobora kwizigira izuka?

YEHOVA yaraduhaye imvo zumvikana zo kwizigira izuka. Yaratubwiye yuko abapfuye bazozuka, bagasubira guhaguruka ari bazima. Kandi umugambi wiwe ku biraba abasinziriye mu rupfu uzoranguka ata kabuza. (Yesaya 55:11; Luka 18:27) Kukaba nkako, Imana iramaze kugaragaza ububasha ifise bwo kuzura abapfuye.

2. Icizigiro c’izuka gishobora gute kutugirira akamaro?

2 Ukwizera intunganyo y’Imana yerekeye ukuzura abapfuye biciye ku Mwana wayo Yezu Kirisitu, kurashobora kudushigikira mu bihe vy’intuntu. Ukudakekeranya icizigiro c’izuka birashobora kandi kudufasha kuguma turi intadohoka kuri Data wa twese wo mw’ijuru mbere no gushika ku gupfa. Icizigiro cacu c’izuka coshobora kuzokomera uko turimbura ivy’abasubijwe ubuzima vyanditse muri Bibiliya. Ivyo bitangaro vyose vyakozwe ku bw’ububasha bw’Umukama Segaba Yehova.

Baragaruriwe Ababo Bapfuye Biciye kw’Izuka

3. Eliya yahawe ububasha bwo gukora iki igihe umuhungu w’umupfakazi w’i Zarefati yapfa?

3 Mu kwihweza bimwe bishika ku mutima ukwizera kwagaragajwe n’ivyabona vya Yehova b’imbere y’Ubukirisu, intumwa Paulo yanditse ati: “Abagore [basubiriye] kubona abo babuze kuko bazutse.” (Abahebreyi 11:35; 12:1, UB) Umwe muri abo bagore yari umupfakazi w’umukene wo mu gisagara ca Foniyike citwa Zarefati. Kubera yuko yakiriye neza umuhanuzi w’Imana Eliya, ifu n’amavuta vyiwe ku bw’igitangaro ntivyakamye mu gihe c’amapfa yari kumutwara ubuzima akabutwara n’umuhungu wiwe. Igihe mu nyuma uwo muhungu yapfa, Eliya yamuryamitse ku buriri, arasenga, yubarara kuri uwo mwana incuro zitatu, maze atakamba ati: “Ewe Uhoraho Mana yanje, ndakwinginze, ubugingo bg’uyu mwana bumugarukemwo.” Imana koko yaratumye ubugingo, ari bwo buzima, bugaruka muri uwo muhungu. (1 Abami 17:8-24) Niwiyumvire umunezero uwo mupfakazi yagize igihe ukwizera kwiwe kwaherwa biciye kw’izuka rya mbere ryanditse, ni ukuvuga iry’umuhungu wiwe yakunda cane!

4. Ni igitangaro ikihe Elisa yakoreye i Shunemu?

4 Uwundi mugore yagaruriwe uwiwe yari yapfuye biciye kw’izuka yaba mu gisagara c’i Shunemu. Uwo mugore w’umugabo ageze mu zabukuru, yagaragarije umuhanuzi Elisa n’umufasha wiwe ubuntu. Yarabiherewe mu kwibaruka umuhungu. Ariko rero, haciye imyaka nk’ingahe yarahamagaje uwo muhanuzi, uwasanze wa muhungu yapfuye mu nzu y’uwo mugore. Elisa amaze gusenga akongera agatera intambwe nka zingahe, “umubiri w’uwo mwana utangura gushuha.” Atangura “[kw]āsamura ibihetangabo ndwi, arakanura.” Nta mazinda ko iryo zuka ryateye umunezero mwinshi uwo muvyeyi n’umuhungu wiwe nyene. (2 Abami 4:8-37; 8:1-6) Mugabo, ese ukuntu bazogira umunezero urushirije nibazukira ubuzima kw’isi muri kwa “kuzuka kurushiriza kuba kwiza,” ni ukuvuga ukubashira imbere akaryo ko kutazokwigera basubira gupfa! Ese ukuntu ari ikintu gituma dukurira ubwatsi ya Mana nyarukundo y’izuka, Yehova!​—Abaheburayo 11:35.

5. Elisa yagize uruhara gute mu gitangaro n’igihe yari amaze gupfa?

5 Mbere inyuma y’ugupfa n’uguhambwa kwa Elisa, Imana yatumye amagufa yiwe agira ububasha biciye ku mpwemu yera. Dusoma duti: “[Abisirayeli bamwe] bagiye guhamba umuntu; bagize bartya, babona haje igitero [c’Abanyamowabu]; bashiburira uwo muvyimba mw isenga yahambgemwo Elisa, maz’uwo muvyimba ugikora ku magufa ya Elisa, uwo muntu aca ararabūka, ava hasi, arahagarara.” (2 Abami 13:20, 21) Ese ukuntu uwo mugabo ategerezwa kuba yaratangaye akagira n’umunezero! Niwiyumvire umunezero uzohaba abo dukunda nibazuka bakaba bazima mu buryo bujanye n’umugambi utananirwa wa Yehova Imana!

Umwana w’Imana Yarazuye Abapfuye

6. Ni igitangaro ikihe Yezu yakoreye hafi y’igisagara c’i Nayini, kandi ico kintu cabaye gishobora kugira ico gikoze kuri twebwe gute?

6 Umwana w’Imana Yezu Kirisitu, yaraduhaye imvo zumvikana zo kwemera yuko abapfuye bashobora kuzurwa, bafise icizigiro c’ubuzima budahera. Ikintu cabereye hafi y’igisagara c’i Nayini kirashobora kudufasha gutahura yuko igitangaro nk’ico gishoboka biciye ku bubasha butangwa n’Imana. Igihe kimwe, Yezu yahuye n’abagandaye bajanye umuvyimba w’umusore umwe hanze y’ico gisagara kuwufuba. Yari umwana w’ikinege w’umupfakazi umwe. Yezu yamubwiye ati: “Nta co urira.” Maze akora ku nderuzo aca avuga ati: “Muhungu, ndakubariye nti Vyuka!” Avuze ivyo aricara yongera aravuga. (Luka 7:11-15) Ico gitangaro nta nkeka kirakomeza ukujijuka kwacu yuko icizigiro c’izuka ari ntakekeranywa.

7. Ni ibiki vyabaye mu bijanye n’umukobwa wa Yayiro?

7 Rimbura kandi ikintu cabaye cerekeye Yayiro, umukuru w’isinagogi i Kaperinawumu. Yasavye Yezu kuza gufasha umukobwa wiwe yakunda cane w’imyaka 12, uwari ku mpfiro. Haciye igihe gito, barabitse yuko uwo mukobwa yapfuye. Mu guhimiriza Yayiro yari yishwe n’intuntu ngo agaragaze ukwizera, Yezu yaramuherekeje i muhira iwe, aho isinzi ry’abantu ryariko rirarira. Baratwenze igihe Yezu yababwira ati: “Umwana ntahwereye, arikw arasinziriye.” Mu vy’ukuri yari yapfuye, mugabo Yezu yagira yerekane ko abantu bashobora kuzurwa bakaba bazima nka kurya bashobora gukangurwa mw’itiro rinini. Afata uwo mukobwa ukuboko, avuga ati: “Mukobga, vyuka!” Ubwo nyene aravyuka, maze “abavyeyi biwe baratangara” bagira akanyamuneza kadasanzwe. (Mariko 5:35-43; Luka 8:49-56) Nta mazinda ko abaryango “ba[zo]tangara” igihe abo bakunda bapfuye bazozukira ubuzima mw’iparadizo kw’isi.

8. Yezu yakoreye iki ku mva ya Lazaro?

8 Lazaro yari amaze imisi ine apfuye igihe Yezu yegera imva yiwe maze agasaba ko bakura ikibuye kiri ku bwinjiriro bwayo. Amaze gusenga ku mugaragaro kugira ngo abarorerezi bamenye yuko yisunga ububasha butangwa n’Imana, Yezu yavuze n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka!” Aca arasohoka! Amaboko n’ibirenge vyiwe vyari bikizingiriyeko ibitambara bamuhambanye, kandi mu maso hiwe hari hatwikiriye impuzu. Yezu yavuze ati: “Ni mumuhamburure, mumureke, agende.” Babonye ico gitangaro, abantu benshi bari bahari kugira birure bashiki ba Lazaro, ari bo Mariya na Marita, barizeye Yezu. (Yohana 11:1-45) Iyo nkuru ntikwuzuza icizigiro c’uko abo wakunda bashobora kuzurirwa ubuzima mw’isi nshasha y’Imana?

9. Ni kuki dushobora kwemera tudakeka ko Yezu ubu ashobora kuzura abapfuye?

9 Igihe Yohani Umubatizi yari mw’ibohero, Yezu yamurungikiye ubu butumwa bweza umutima: “Impumyi zirahumūka, . . . abapfuye barazurwa.” (Matayo 11:4-6) Kubera igihe Yezu yari kw’isi yazuye abapfuye, nta nkeka arashobora kubigira bwa kiremwa c’impwemu gikomeye cahawe ububasha n’Imana. Yezu ni we “kuzuka n’ubu[zima],” kandi ese ukuntu vyirura kumenya yuko muri kazoza katari kure “abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo”!​—Yohana 5:28, 29; 11:25.

Ivy’Abandi Bazutse Bikomeza Icizigiro Cacu

10. Woshobora kudondora gute izuka rya mbere ryavuzwe ko ryagizwe n’intumwa?

10 Igihe Yezu yarungika intumwa ziwe bwa bamamaji b’Ubwami, yavuze ati: “Muzure abapfuye.” (Matayo 10:5-8) Ego ni ko, kugira ngo ivyo babikore, bategerezwa kwiheka ku bubasha bw’Imana. I Yopa mu 36 G.C., wa mukenyezi yatinya Imana Doruka (Tabita) yarasinziriye mu rupfu. Ibikorwa vyiza vyiwe vyarimwo n’ukujishira uduhuzu abapfakazi b’abakene, abo urupfu rwiwe rwateye amarira menshi. Abigishwa baramuteguye ku bw’amaziko, maze batumako intumwa Petero, kumbure kugira ngo abirure. (Ivyakozwe 9:32-38) Yarasohoye abantu bose mu cumba co hejuru, arasenga, maze avuga ati: “Tabita, vyuka!” Arakanura, aravyuka, afata ukuboko kwa Petero, maze Petero aramuhagurutsa. Iryo zuka rya mbere mu yavuzwe ko yagizwe n’intumwa ryatumye benshi bacika abemera. (Ivyakozwe 9:39-42) Riraduha kandi iyindi mvo yo kwizigira izuka.

11. Izuka rya nyuma ryo mu yanditswe muri Bibiliya ryari irihe?

11 Izuka rya nyuma ryo mu yanditswe muri Bibiliya ryabereye i Tirowa. Igihe Paulo yahaca mu rugendo rwiwe rwa gatatu rw’ubumisiyonari, yarabandanije insiguro yiwe gushika mu gicugu. Kubera yaremerewe n’uburuhe kumbure hamwe n’ubushuhe bwaterwa n’amatara menshi be n’abantu bari buzuye muri ico kibanza bakoraniyemwo, umusore umwe yitwa Eyutuko yaratwawe n’agatiro maze akoroka avuye kw’idirisha ry’igorofa ya gatatu. “Bamuyo[ye] ahwereye,” ntiyari yaravye gusa. Paulo yubamye kuri Eyutuko, aramugumbira, aca abwira ababiraba ati: “Mureke gukoma induru, kuk’ubugingo bgiwe bukiri muri we.” Paulo yashaka kuvuga ko ubuzima bw’uwo musore bwari bwagaruwe. Abari bahari “imitima yabo [yararuhuwe].” (Ivyakozwe 20:7-12) Muri iki gihe, abasavyi b’Imana barahumurizwa cane n’ukumenya yuko abo bahoze bifatanije na bo mu murimo w’Imana bazoshikirwa n’iranguka ry’icizigiro c’izuka.

Izuka​—Icizigiro ca Kera na Rindi

12. Ni ukujijuka ukuhe Paulo yaseruye igihe yari imbere ya Buramatari w’Umuroma Feliki?

12 Igihe Paulo yasambishwa imbere ya Buramatari w’Umuroma Feliki, yemeje ati: “Nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana; mfise ivyizigiro ku Mana . . . yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe 24:14, 15) Ibice bimwebimwe vy’Ijambo ry’Imana, nk’“ivyagezwe,” bidoma urutoke gute ku kuzurwa kw’abapfuye?

13. Ni kuki bishobora kuvugwa yuko Imana yakikiririje kw’izuka igihe yashikiriza bwa buhanuzi bwa mbere?

13 Imana ubwayo yakikiririza kw’izuka igihe yashikiriza ubuhanuzi bwa mbere muri Edeni. Igihe yariko iracira urubanza “ya nzoka ya mbere” ari yo Shetani wa Mucokoranyi, Imana yavuze iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe n[a wa] mugore, no hagati y’[“urubuto,” NW] rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.” (Ivyahishuriwe 12:9; Itanguriro 3:14, 15) Gukomeretsa igitsintsiri c’urubuto rw’umugore vyasobanura kwica Yezu Kirisitu. Niba urwo Rubuto rwotegerejwe gufyonyora umutwe wa ya nzoka mu nyuma, Kirisitu yotegerejwe kuzurwa mu bapfuye.

14. Ni gute Yehova atari “Imana [y]’abāpfuye, ariko [ari] iy’abariho”?

14 Yezu yamenyesheje ati: “Abāpfuye ko bazuka na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivy’Igisaka c’amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo. Ereg’Imana s’iy’abāpfuye, ariko n’iy’abariho: kuko kuri yo bose bariho.” (Luka 20:27, 37, 38; Kuvayo 3:6) Aburahamu, Isaka na Yakobo bari barapfuye, mugabo umugambi w’Imana wo kubazura wari kuranguka ata kabuza ku buryo kuri we bari bakiriho.

15. Ni kuki Aburahamu yari afise imvo yo kwemera izuka?

15 Aburahamu yari afise imvo yo kwizigira izuka, kuko igihe we n’umukenyezi wiwe, Sara, bari bashaje cane kandi bakaba bapfuye ku biraba ubushobozi bwo kwibaruka ibibondo, Imana ku gitangaro yarabasubije ububasha bwabo bwo kurondoka. Ivyo vyari nk’izuka. (Itanguriro 18:9-11; 21:1-3; Abaheburayo 11:11, 12) Igihe umuhungu wabo Isaka yari afise nk’imyaka 25, Imana yabwiye Aburahamu kumutangako ikimazi. Ariko rero, igihe nyene Aburahamu yagira yice Isaka, umumarayika wa Yehova yaratangiriye ukuboko kwiwe. Aburahamu yari “yishimiye yukw Imana ishobora no kuzura [Isaka mu b]apfuye, ni co catumye amugarurirwa nk’ūzutse.”​—Abaheburayo 11:17-19; Itanguriro 22:1-18.

16. Aburahamu ubu asinziriye mu rupfu arindiriye iki?

16 Aburahamu yizigira ivy’ukuzukira mu butegetsi bwa Mesiya, ari we Rubuto rwasezeranywe. Ari mu kibanza yarimwo ataraba umuntu, Umwana w’Imana yarabonye ukwizera kwa Aburahamu. Igihe Yezu Kirisitu yari umuntu, ni co gituma yabwiye Abayuda ati: “Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje.” (Yohana 8:56-58; Imigani 8:30, 31) Ubu Aburahamu arasinziriye mu rupfu, arindiriye kuzukira ubuzima kw’isi mu Bwami bwa Kimesiya bw’Imana.​—Abaheburayo 11:8-10, 13.

Intahe Iva ku Vyagezwe no ku Mazaburi

17. Ni gute “ivyagezwe” bidoma urutoke kw’izuka rya Yezu Kirisitu?

17 Icizigiro c’izuka Paulo yari afise cari gihuje n’“ivyagezwe.” Imana yabwiye Abisirayeli iti: “Muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo: na we [ku wa 16 Nisani] awuzungurize imbere yanje, kugira ng’ubabere ishikanwa ryemerwa.” (Abalewi 23:9-14) Paulo, kumbure afise ico cagezwe mu muzirikanyi, yanditse ati: “Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye.” Bwa ‘mushuzo,’ Yezu yazutse ku wa 16 Nisani mu 33 G.C. Mu nyuma, mu gihe c’ukuhaba kwiwe, hobayeho izuka ry’‘amasigarira y’ivyamwa’ ari bo bayoboke biwe basizwe impwemu.​—1 Ab’i Korinto 15:20-23; 2 Ab’i Korinto 1:21; 1 Yohana 2:20, 27.

18. Petero yerekanye gute ko izuka rya Yezu ryari ryaravuzwe imbere y’igihe mu Mazaburi?

18 Amazaburi na yo nyene aratanga ishingiro ry’ivy’izuka. Ku musi wa Pentekote 33 G.C, intumwa Petero yarasubiyemwo Zaburi 16:8-11, avuga ati: “Dawidi yavuze ivy’uwo [Kirisitu], ati Nabonye Uhoraho imbere yanje imisi yose, kukw ar’i buryo bganje, ngo sinnyiganyige. Ni co gituma umutima wanje uhimbarwa, ururimi rwanje rukanezerwa, kandi n’umubiri wanje uzoba nko mu gikāri, wizigiye ibizoba. Kuk’utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, kandi ntuzotanga Uwera wawe ngw az’abore.” Petero yongeyeko ati: “Ivy’ukuzuka kwa Kristo [Dawidi y]abibonye bitaribgabe, yukw atārekewe mu kuzimu, kandi n’umubiri wiwe ata ho wigeze ubora. Uwo Yesu Imana yaramuzuye.”​—Ivyakozwe 2:25-32.

19, 20. Ni ryari Petero yasubiyemwo ibiri muri Zaburi 118:22, kandi ivyo vyari bifitaniye isano gute n’urupfu be n’izuka vya Yezu?

19 Haciye imisi mikeyi, Petero yahagaze imbere y’Ikombe yongera gusubiramwo ivyo mu Mazaburi. Iyo ntumwa ibajijwe ukuntu yakijije umusezi w’ikimuga, yavuze iti: “Ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwa[manitse], Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye. Uwo [Yezu] ni we buye mwebge abubatsi [“mwataye,” UB], kandi ryahindutse irigumya imfuruka. Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.”​—Ivyakozwe 4:10-12.

20 Aha Petero yasubiyemwo Zaburi 118:22, yerekana ko ivyo havuze vyerekeye urupfu n’izuka vya Yezu. Bakokejwe n’abayobozi babo b’amadini, Abayuda barateye akagere Yezu. (Yohana 19:14-18; Ivyakozwe 3:14, 15) ‘Ugutera akagere rya buye’ kw’abubatsi kwavuyemwo urupfu rwa Yezu, mugabo ‘ugucika ibuye rigumya imfuruka’ vyasobanuye ukuzurirwa kwiwe mu buninahazwa bw’ivy’impwemu mw’ijuru. Nk’uko umwanditsi wa Zaburi yabibuye, ‘ivyo vyavuye kuri Yehova ubwiwe.’ (Zaburi 118:23) Kugira iryo “buye” irigumya imfuruka birimwo n’ukumushira hejuru bwa Mwami-Mugenwa.​—Abanyefeso 1:19, 20.

Dushigikirwe n’Icizigiro c’Izuka

21, 22. Yobu yaseruye ikihe cizigiro, nk’uko vyanditse muri Yobu 14:13-15, kandi ivyo bishobora gute kwirura ababura ababo muri iki gihe?

21 Naho ubwacu tutarigera tubona umuntu azuka mu bapfuye, twabonye ivy’inkuru zimwezimwe zo mu Vyanditswe zidukura amazinda ku vy’izuka. Turashobora rero kugira icizigiro caseruwe na wa mugabo w’umugororotsi Yobu. Igihe yariko aracumukura, yatakamvye ati: “Icompa [Yehova] ukampisha i kuzimu, . . . ukanshingira igihe, kand’ukazonyibuka. Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho? . . . Wompamagaye nkakwitaba; wobaye wifuza igikorwa c’amaboko yawe.” (Yobu 14:13-15) Imana ‘izokwipfuza igikorwa c’amaboko yayo,’ mu kugira icipfuzo gikomeye co kuzura Yobu. Ese icizigiro ivyo biduha!

22 Umwe mu bagize umuryango atinya Imana arashobora kurwara agasinzikara, nk’uko vyashikiye Yobu, eka mbere arashobora no kwicwa na wa mwansi rupfu. Ababuze barashobora gukorora amosozi y’intuntu, nka kurya nyene Yezu yarize ku bw’urupfu rwa Lazaro. (Yohana 11:35) Mugabo, ese ukuntu vyirura kumenya yuko Imana izohamagara, maze abo yibuka bakazokwitaba! Bizoba ari nk’aho bavuye mu rugendo​—bakagaruka batarwaye canke batamugaye, yamara bafise amagara meza.

23. Bamwebamwe baseruye gute ko ata mazinda bafise mu cizigiro c’izuka?

23 Urupfu rw’Umukirisu w’umwizigirwa umwe ageze mu zabukuru rwatumye abo basangiye ukwemera bandika bati: “Twashaka kukumenyesha ko dusangiye umubabaro kuba wabuze nyoko wawe. Hazoca igihe gito gusa maze tumwakire​—ari mwiza kandi adora!” Abavyeyi bari babuze umwana wabo bavuze bati: “Ese ukuntu turindiranye umushasharo umusi Jason azokangurirwa! Azotereza amaso irya n’ino abone Iparadizo yacambirwa . . . Ese ukuntu bituma abo bose muri twebwe bamukunda bipfuza kuzoba bahari.” Egome, kandi ese ukuntu dushobora gukura ubwatsi kuba icizigiro c’izuka ari ntakekeranywa!

Inyishu Yawe Ni Iyihe?

• Ukwizera intunganyo y’Imana yo kuzura abapfuye gushobora kutugirira akamaro gute?

• Ni ibiki vyabaye bivugwa mu Vyanditswe biduha imvo yo kwizigira izuka?

• Ni kuki bishobora kuvugwa yuko izuka ari icizigiro ca kera na rindi?

• Ni icizigiro kiremesha ikihe dushobora kugira ku biraba abapfuye?

[Ifoto ku rup. 10]

Bivuye ku bubasha buvuye kuri Yehova, Eliya yarasubije muzima umusore w’umupfakazi

[Ifoto ku rup. 12]

Igihe Yezu yazura umukobwa wa Yayiro, abavyeyi biwe baratangaye, bagira akanyamuneza kadasanzwe

[Ifoto ku rup. 15]

Ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., intumwa Petero yarashinze intahe ashize amanga yuko Yezu yazuwe mu bapfuye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika