“Igihe Kirashitse!”
“Igihe ciwe [cari ca]shitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se.”—YOHANA 13:1.
1. Kubera Pasika yo 33 G.C. yegereje, Yeruzalemu irimwo urukurukuru uruhe, kandi kubera iki?
ABATIJWE mu 29 G.C., Yezu yatanguye ubuzima bwomushikanye ku “gihe” c’ugupfa, ukuzuka be n’ukuninahazwa. Ubu ni mu mpeshi yo mu 33 G.C. Haheze gusa amayinga makeyi kuva abagize ya sentare nkuru y’Abayuda, ari ryo Kombe, bagiye inama yo kwica Yezu. Amenye ivyo bategekanije, kumbure biciye kuri Nikodemu, umwe mu Banyekombe, uwari yamufashe kigenzi, Yezu yavuye i Yeruzalemu maze aja mu ntara yo hagati mu gihugu hakurya y’Uruzi Yorodani. Kubera ko Umusi Mukuru wa Pasika wegereje, abantu benshi bava mu gihugu hagati baja i Yeruzalemu maze ico gisagara cuzuramwo urukurukuru rwerekeye Yezu. Abantu babazanya bati: “Mbega, mugira ngw iki? Ubgo ntazoza mur’iyi misi mikuru?” Abaherezi bakuru n’Abafarizayo bongereje ico gihababu mu gutanga itegeko ry’uko umuntu wese abona Yezu akwiye kubabwira aho ari.—Yohana 11:47-57.
2. Ni igikorwa ikihe Mariya akora kivyura ibihari, kandi inyishu Yezu atanze amuvugira yerekana iki ku vyerekeye ukuba azi “igihe ciwe”?
2 Kw’igenekerezo rya 8 Nisani, hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yezu agaruka mu micungararo y’i Yeruzalemu. Aza i Betaniya—ni ukuvuga mu gisagara abakunzi biwe Marita, Mariya na Lazaro babamwo—ahantu hari nko ku birometero bitatu inyuma y’i Yeruzalemu. Ni ku wa Gatanu ku mugoroba, kandi Yezu amara Isabato ngaho. Ku mugoroba ukurikira, igihe Mariya amusukuriye akoresheje amavuta amota neza y’igiciro, abigishwa baravyiyamiriza. Yezu yishura ati: “N’umureke, kukw ivyo yabibīkiye umusi wo guhambga kwanje. Aboro murāmana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.” (Yohana 12:1-8; Matayo 26:6-13) Yezu arazi yuko “igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se.” (Yohana 13:1) Mu yindi misi itanu “[azo]tanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” (Mariko 10:45) Kuva ico gihe, agatima ko kubona ko ibintu vyihutirwa karagira ico gakoze ku kintu cose Yezu akora no ku kintu cose yigisha. Ese ukuntu ari akarorero keza igitangaza ivyo biduha uko turindirana igishika iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu! Nurimbure ivyashikiye Yezu ku musi ukurikira.
Umusi Yezu Yinjira nk’Umunyentsinzi
3. (a) Yezu yinjira gute i Yeruzalemu ku w’Iyinga, kw’igenekerezo ry’9 Nisani, kandi benshi mu bantu bamukikuje bavyakira gute? (b) Ni inyishu iyihe Yezu aha Abafarizayo bidogera iryo shengero?
3 Ku w’Iyinga, igenekerezo ry’9 Nisani, Yezu aza nk’umunyentsinzi i Yeruzalemu. Yegereje ico gisagara—agendera ku nyana y’indogoba mu buryo bushitsa Zekariya 9:9—benshi mu bantu bakoraniye iruhande yiwe basasa impuzu zabo mu nzira, mu gihe abandi baca amashami y’ibiti akaba ari yo basasa. Basemerera bati: “Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho!” Abafarizayo bamwebamwe bari muri iryo shengero bashaka ko Yezu ahambarira abigishwa biwe. Ariko rero, Yezu yishura ati: “Ndababgire, aba ni bahora, amabuye arasemerera.”—Luka 19:38-40; Matayo 21:6-9.
4. Ni kuki Yeruzalemu haba uruhagarara igihe Yezu yinjira muri co gisagara?
4 Mu mayinga makeyi gusa imbere yaho, benshi muri rya shengero bari babonye Yezu azura Lazaro. Buno abo bantu baguma babwira abandi ivyerekeye ico gitangaro. Ni co gituma igihe Yezu yinjiye i Yeruzalemu igisagara cose kija mu ruhagarara. Abantu babaza bati: “Uyo ni nde?” Maze iryo shengero ribandanya rivuga riti: “Uyo n’ūvugishwa n’Imana, Yesu w’i Nazareti i Galilaya!” Abafarizayo babonye ibiriko biraba, bidoga bati: “Isi yose yamukondoreye inyuma.”—Matayo 21:10, 11; Yohana 12:17-19.
5. Ni ibiki bishika igihe Yezu aja mu rusengero?
5 Nk’uko ari umugenzo wiwe igihe agendeye Yeruzalemu, Yezu wa Mwigisha Ahambaye, aja ku rusengero kwigisha. Ngaho impumyi n’ibimuga baza kuri we, maze arabakiza. Igihe abaherezi bakuru n’abanyabwenge b’ivyanditswe babonye ivyo kandi bakumva abana mu rusengero basemerera bati: “Hoziyana mwana wa Dawidi!” barashavura. Biyamiriza bati: “Urumva ivyo bavuga?” Yezu yishura ati: “Ego me; nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ ishimwe?” Uko Yezu abandanya kwigisha, ni ko araba yitonze ibiriko biraba mu rusengero.—Matayo 21:15, 16; Mariko 11:11.
6. Ni mu buryo ki Yezu ubu abona ibintu mu buryo butandukanye n’uko yabibona imbere yaho, kandi kuki?
6 Ese ukuntu Yezu ubu abona ibintu mu buryo butandukanye n’uko yabibona mu mezi atandatu imbere yaho! Ico gihe yaje i Yeruzalemu ku Misi Mikuru y’Insago “[at]ibonekeza, arikw agenda nk’uwomba.” (Yohana 7:10) Kandi nantaryo yaguma ategekanya ukuntu yobacika adora igihe ubuzima bwiwe bwaba bugeramiwe. Ubu yinjira icese mu gisagara catanzwemwo itegeko ryo kumufata! Vyongeye Yezu ntiyari amenyereye kuza ariyamamaza ko ari Mesiya. (Yesaya 42:2; Mariko 1:40-44) Ntiyashaka iyamamazwa ry’ukuvugangwa canke inkuru zivuzwe ukutariko zimwerekeye zihanahanwa. Ubu ishengero ririko riravuga icese ko ari Umwami akaba n’Umukiza—ari we Mesiya—maze anebagura bimwe bikaze ivy’uko abarongozi b’amadini bamusavye kubazivya! Kuki ibintu bihindutse? Kubera ko “igihe [ki]geze c’uk’Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe,” nk’uko Yezu abimenyesha ku musi ukurikira.—Yohana 12:23.
Igikorwa c’Uburindutsi—Maze Hatangwa Inyigisho Zirokora Ubuzima
7, 8. Ni gute ibikorwa vya Yezu vyo kw’igenekerezo rya 10 Nisani 33 G.C., bigaragaza ivyo yakoze mu rusengero kuri Pasika yo 30 G.C.?
7 Ashitse ku rusengero ku wa Mbere, igenekerezo rya 10 Nisani, Yezu ahagurukira ivyo yabonye ku mugoroba w’imbere yaho. Atangura ‘guhindira hanze abadandariza n’abarugurira mu rusengero, ahenagura ameza y’abāvunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwako inuma; ntiyakundira umuntu n’umwe guhita mu rusengero atwaye ikintu co mu mbombovu.’ Mu kwiyamiriza abo bakora nabi, avuga ati: “Mbega ntivyanditswe, ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose? Ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.”—Mariko 11:15-17.
8 Ibikorwa vya Yezu bigaragaza ivyo yakoze imyaka itatu imbere yaho, igihe yagendera urusengero kuri Pasika yo mu 30 G.C. Ariko rero, muri iki gihe abagiriza ku mugaragaro mu buryo bukaze kuruta. Abadandariza mu rusengero buno bavugwa ko ari “abambuzi.” (Luka 19:45, 46; Yohana 2:13-16) Ni abambuzi kubera basaba ibiguzi birenze urugero abashaka kugura ibitungwa vyo gutangako ibimazi. Abaherezi bakuru, abanyabwenge b’ivyanditswe be n’abantu bakurubakuru bumva ivyo Yezu ariko arakora maze bongera kurondera uburyo bwo kumwicisha. Yamara ntibazi ukuntu bokuraho Yezu, kubera ko abantu bose batangazwa n’inyigisho ziwe bamwumiyeko kugira ngo bamwumvirize.—Mariko 11:18; Luka 19:47, 48.
9. Ni icigwa ikihe Yezu yigisha, kandi ni akamo akahe atera abamwumviririza mu rusengero?
9 Uko Yezu abandanya kwigisha mu rusengero, avuga ati: “Igihe kirageze c’uk’Umwana w’umuntu ahabga ubgiza bgiwe.” Egome, arazi yuko asigaje imisi mikeyi gusa y’ukubaho ari umuntu. Amaze kuvuga ukuntu agatete k’ingano gategerezwa gupfa kugira ngo kame ingano—bikaba bijanye n’ugupfa kwiwe maze agacika uburyo bwo guha ubuzima budahera abandi—Yezu atera akamo abamwumviriza, avuga ati: “Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.”—Yohana 12:23-26.
10. Yezu yiyumva gute ku vyerekeye urupfu rubabaza rumurindiriye?
10 Yiyumviriye ivyerekeye urupfu rwiwe rubabaza hasigaye gusa imisi ine ngo rushike, Yezu abandanya avuga ati: “[“Ubugingo bwanje buradugaraye,” NW]: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe.” Mugabo ikirindiriye Yezu gitegerezwa gushika. Yezu avuga ati: “Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’iki gihe.” Mu vy’ukuri, Yezu aremeranya n’indinganizo yose y’Imana uko yakabaye. Ariyemeje kureka ngo ivyo Imana igomba bibe ari vyo bigenga ibikorwa vyiwe gushika ku rupfu rwiwe rw’inkuka. (Yohana 12:27) Ese ukuntu ari akarorero keza yadusigiye—ak’ukuyoboka rwose ivyo Imana igomba!
11. Ni inyigisho izihe Yezu aha ishengero rihejeje kwumva ijwi rivuye mw’ijuru?
11 Kubera arajwe ishinga bimwe bigera kure n’ivyerekeye ukuntu urupfu rwiwe ruzogira ico rukoze kw’izina rya Se, Yezu asenga ati: “Data, shimagiza izina ryawe.” Mu buryo butangaza ishengero rikoraniye ku rusengero, haje ijwi riva mw’ijuru rivuga riti: “Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.” Umwigisha Ahambaye akoresheje ako karyo kugira ngo abwire iryo shengero igituma iryo jwi ryumvikanye, ingaruka zizoterwa n’urupfu rwiwe n’igituma bakeneye kugaragaza ukwizera. (Yohana 12:28-36) Imisi ibiri ya nyuma nta nkeka yarimwo ibikorwa vyinshi kuri Yezu. Mugabo umusi uhambaye uracari imbere.
Umusi w’Ukwagiriza ku Mugaragaro
12. Ku wa Kabiri, igenekerezo rya 11 Nisani, abarongozi b’amadini bagerageza gute gutega Yezu, kandi bivamwo iki?
12 Ku wa Kabiri, igenekerezo rya 11 Nisani, Yezu arongera kandi kuja mu rusengero kwigisha. Abumviriji bamurwanya bari hafi. Mu kwerekeza ku bikorwa Yezu yakoze ku musi w’imbere yaho, abaherezi bakuru n’abashingantahe bo muri abo bantu baramubaza bati: “N’ububasha ki bugutera gukora ivyo? Kandi ni nde yaguhaye ubgo bubasha?” Wa Mwigisha w’Umuhanga arabatesha umutwe biciye ku nyishu abahaye, abashikiriza ibigereranirizo bitatu bikomeye—bibiri muri vyo vyerekeye uruzabibu ikindi ubukwe—bishira ku kabarore neza na neza ukuntu abo barwanizi biwe ari ababisha. Barakajwe n’ivyo bumvise, abarongozi b’amadini bashaka kumufata. Mugabo batinya ishengero, ryo rifata Yezu ko ari umuhanuzi. Gutyo barondera kumutega ngo avuge ikintu bashobora kwitwaza ngo bamufate. Inyishu Yezu abaha irabazivya.—Matayo 21:23–22:46.
13. Ni impanuro iyihe Yezu aha abamwumviriza ku vyerekeye abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo?
13 Kubera ko abanyabwenge b’ivyanditswe be n’Abafarizayo bivugisha ko bigisha Ivyagezwe vy’Imana, Yezu buno ahimiriza abamwumviriza ati: “Ivyo bababgira vyose mubikore, muvyitondere. Ariko ntimukurikire ibikorwa vyabo, kukw ivyo bavuga atari ivyo bakora.” (Matayo 23:1-3) Ese ukuntu ukwo ari ukubagiriza ku mugaragaro mu buryo bukomeye! Mugabo Yezu ntaraheza kubagiriza ku mugaragaro. Uyu ni wo musi wiwe wa nyuma ku rusengero, kandi ashikiriza ashize amanga urukurikirane rw’amajambo abahishura—rimwe riza rikurikirwa n’irindi nk’umuturagaro wisubiriza.
14, 15. Ni amajambo ayahe akaze Yezu akoresha mu kwagiriza abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo?
14 Yezu avuga incuro zitandatu ati: “Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe!” Ukwo ni ko bameze kubera ko nk’uko abisigura, bugarirana Ubwami bw’ijuru imbere y’abantu, abagomba kubwinjiramwo ntibabakundire. Izo ndyadya zikwiragira mu kiyaga no ku misozi kugira ngo zihindure n’umwe abe uw’idini yabo, kugira gusa zitume aba uwuraririye ukurandurwa kw’ibihe vyose. Mu gihe batitwararika “ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera,” bitaho cane ivy’ugutanga ikigiracumi. Nkako, boza “igikombe n’inkōko inyuma, arikw imbere vyuzuye ubgambuzi n’ukutigarura” mu buryo bw’uko ukubungwa n’ukwononekara imbere muri bo bihishwa mu kwiyerekana inyuma ko bayoboka Imana. Ikindi na co, bagira umutima ukunze wo kwubakira imva abahanuzi bakongera bakazishariza kugira ngo bakwegere ivyiyumviro ku bikorwa vyabo bwite vy’ubugiraneza, na ho ari “abana b’abishe abāvugishwa n’Imana.”—Matayo 23:13-15, 23-31.
15 Mu kwiyamiriza ukubura kamere nziza zo mu vy’impwemu kw’abamurwanya, Yezu avuga ati: “Muzobona ibara, mwa ndongozi zihumye mwe.” Barahumye mu vy’ukwigenza runtu kubera bashimikira cane ku nzahabu y’urusengero kuruta agaciro ko mu vy’impwemu k’ico kibanza c’ugusengeramwo. Mu kubandanya, Yezu avuga amajambo yiwe akomeye y’ukubagiriza. Avuga ati: “Mwa nzoka mwe, mwa bana b’inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?” Egome, Yezu ariko ababwira yuko babandanije ingendo yabo y’ububisha, bazorandurwa ibihe bidahera. (Matayo 23:16-22, 33) Nimuze na twe twerekane uburindutsi mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, n’igihe vyoba birimwo gushira ku kabarore idini y’ikinyoma.
16. Bicaye ku Musozi wa Elayono, ni ijambo menyeshakazoza rihambaye irihe Yezu ashikiriza abigishwa biwe?
16 Yezu buno ava mu rusengero. Ku muhingamo izuba ririko riracokera, we n’intumwa ziwe baduga ku Musozi wa Elayono. Bicaye aho, Yezu ashikiriza ijambo menyeshakazoza ryerekeye isangangurwa ry’urwo rusengero n’ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu. Insobanuro y’ayo majambo menyeshakazoza irabandanya gushika muri iki gihe cacu. Kuri uwo mugoroba, Yezu abwira kandi abigishwa biwe ati: “Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’Umwana w’umuntu azotangwa [“amanikwe,” NW].”—Matayo 24:1-14; 26:1, 2.
Yezu ‘Akunda Abiwe Gushika ku Muhero’
17. (a) Mu gihe ca Pasika yo kw’igenekerezo rya 14 Nisani, ni icigwa ikihe Yezu yigisha bamwe 12? (b) Amaze gutaramura Yuda Iskariyoti, Yezu atanguza ihimbaza irihe?
17 Mu misi ibiri ikurikira—ni ukuvuga kw’igenekerezo rya 12 no ku rya 13 Nisani—Yezu ntiyiyerekana ahabona ku rusengero. Abarongozi b’amadini bariko barondera kumwica, kandi ntashaka ko hagira ikintu na kimwe giciramwo uguhimbaza Pasika kwiwe ari kumwe n’intumwa ziwe. Izuba rirenga ku wa Kane ritanguza igenekerezo rya 14 Nisani—ni ukuvuga umusi wa nyuma w’ubuzima bwa Yezu kw’isi ari umuntu. Kuri uwo mugoroba, Yezu n’intumwa ziwe bakoranira hamwe mu nzu imwe i Yeruzalemu, aho bari bateguriwe guhimbaza Pasika. Igihe bariko banezererwa Pasika bari kumwe, Yezu yigisha bamwe 12 icigwa ciza cane co kwicisha bugufi mu kuboza ibirenge. Amaze gutaramura Yuda Iskariyoti, uwemeye kugurisha Shebuja intete z’ifeza 30—ni ukuvuga igiciro c’umushumba asanzwe nk’uko biri mu Vyagezwe vya Musa—Yezu aca atanguza Icibutso c’urupfu rwiwe.—Kuvayo 21:32; Matayo 26:14, 15, 26-29; Yohana 13:2-30.
18. Ni izindi nyigisho izihe Yezu aha za ntumwa ziwe 11 z’intahemuka abitumwe n’urukundo, kandi abategura gute ku bw’ukugenda kwiwe kwegereje?
18 Ivy’ugutanguza Icibutso bihavuye, intumwa zica zija mu vy’uguhazuka kugira ngo zimenye uwuri mukuru muri bo. Aho kubakankamira, Yezu n’ukwihangana kwose abigisha ivyerekeye agaciro k’ugukorera abandi. Mu gukenguruka yuko bagumanye na we mu bihe vy’ukugeragezwa kwiwe, ubwiwe agirana na bo isezerano ku bw’ubwami. (Luka 22:24-30) Yezu kandi ababwiriza gukundana nk’uko yabakunze. (Yohana 13:34) Uko ateba muri ico cumba, ni ko Yezu abategura abitumwe n’urukundo ku bw’ukugenda kwiwe kwegereje. Abakura amazinda ku vyerekeye ubugenzi bafitaniye, abaremesha kugaragaza ukwizera, yongera abasezeranira imfashanyo y’impwemu yera. (Yohana 14:1-17; 15:15) Imbere y’uko ava muri iyo nzu, Yezu yazambira Se ati: “Igihe kirashitse: shimagiza Umwana wawe, ng’Umwana agushimagize.” Vy’ukuri, Yezu yateguye intumwa ku bw’ukugenda kwiwe, kandi nta mazinda ‘akunda abiwe gushika ku Muhero.’—Yohana 13:1; 17:1.
19. Ni kuki Yezu ari mu mubabaro mw’itongo ry’i Getsemane?
19 Hashobora kuba hamaze kurenga isaha zitandatu z’ijoro, igihe Yezu n’intumwa ziwe 11 z’intahemuka bashikira itongo ry’i Getsemane. Yaragiyeyo kenshi ari kumwe n’intumwa ziwe. (Yohana 18:1, 2) Mu masaha nk’angahe, Yezu ahava apfa nk’aho yoba ari inkozi y’ikibi igayitse. Umubabaro utewe n’ico kintu gihava kimushikira yiteze be n’ukuntu gishobora gusiga iceyi Se, urakomeye cane ku buryo igihe Yezu asenga, icuya ciwe gicika nk’ibitonyanga vy’amaraso bitonyangira hasi. (Luka 22:41-44) Yezu abwira intumwa ziwe ati: “Igihe kirashitse; eh’ūnguze ari hafi.” Akivuga, Yuda Iskariyoti arashika, aherekejwe n’igitero kinini kizanye ibimuri n’amatara be n’ibirwanisho. Bari baje gufata Yezu. Ntiyanana. Asigura ati: “Ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?”—Mariko 14:41-43; Matayo 26:48-54.
Umwana w’Umuntu Aninahajwe!
20. (a) Ni amabi ayahe ashikira Yezu inyuma y’aho afatiwe? (b) Gatoyi imbere y’uko apfa, ni kuki Yezu asemerera ati: “Birarangiye”?
20 Inyuma y’aho afatiwe, Yezu yagirizwa n’ivyabona b’ibinyoma, yemezwa ivyaha n’abacamanza bafise aho bahengamiye, acirwa urubanza na Ponsiyo Pilato, atwengwa n’abaherezi be n’ishengero, hanyuma arashinyagurirwa yongera arakanagizwa n’abasoda. (Mariko 14:53-65; 15:1, 15; Yohana 19:1-3) Ku wa Gatanu sasita, Yezu aterwa imisumari ku giti c’ukubabarizwako yongera agira umubabaro ukomeye uko uburemere bw’umubiri wiwe butabura ibisebe vyatewe n’imisumari ikomereye mu bikonjo no ku birenge vyiwe. (Yohana 19:17, 18) Nk’isaha icenda zo ku muhingamo, Yezu asemerera ati: “Birarangiye!” Egome, yari akwije ivyo yaje gukora kw’isi vyose. Ashikirije impwemu yiwe Imana, ajondamika umutwe wiwe maze aracikana. (Yohana 19:28, 30; Matayo 27:45, 46; Luka 23:46) Ku musi ugira gatatu ivyo bibaye, Yehova azura Umwana wiwe. (Mariko 16:1-6) Haheze imisi mirongo ine azutse, Yezu aduga mw’ijuru maze araninahazwa.—Yohana 17:5; Ivyakozwe 1:3, 9-12; Ab’i Filipi 2:8-11.
21. Dushobora kwigana Yezu gute?
21 Ni gute dushobora ‘kugera ikirenge mu ca Yezu’? (1 Petero 2:21) Cokimwe na we, nimuze twihate bimwe bikomeye mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa kandi dushire amanga twongere tube abarindutsi mu kuvuga ijambo ry’Imana. (Matayo 24:14; 28:19, 20; Ivyakozwe 4:29-31; Ab’i Filipi 1:14) Ntitwigere twibagira aho tugeze mu rukurikirane rw’ibihe canke ngo tunanirwe kurwana ishaka ry’ugukundana n’iry’ibikorwa vyiza. (Mariko 13:28-33; Abaheburayo 10:24, 25) Ese tworeka ivyo dukora vyose bikagengwa n’ivyo Yehova Imana agomba n’ukumenya yuko tubayeho “mu gihe c’iherezo.”—Daniyeli 12:4.
Wokwishura Gute?
• Kuba Yezu yari azi yuko urupfu rwiwe rwegereje, vyagize iki ku gikorwa ciwe ca nyuma ku rusengero i Yeruzalemu?
• Ni igiki cerekana ko Yezu ‘yakunze abiwe gushika ku muhero’?
• Ibintu vyashitse mu masaha makeyi ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu vyerekana iki ku bimwerekeye?
• Dushobora gute kwigana Kirisitu Yezu mu gikorwa turangura?
[Ifoto ku rup. 15]
Yezu “yabakunze gushitsa ku muhero”