ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/7 rup. 3-4
  • Uhisemwo Kugumana Amahera canke Ubuzima Bwawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uhisemwo Kugumana Amahera canke Ubuzima Bwawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uguhahamira Amahera
  • Amahera n’Ubuhirwe
  • Ububasha Amahera Afise n’Ubwo Adafise
  • Ingene ukwiye kubona amahera
    Be maso!—2015
  • Amahera
    Be maso!—2014
  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene mwokoresha neza amahera
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/7 rup. 3-4

Uhisemwo Kugumana Amahera canke Ubuzima Bwawe?

Ushobora kuba umaze kwumva ivyerekeye ibisuma bitunga inkoho mu maso h’abo bishaka kwiba, bibabaza biti: “Uhisemwo kugumana amahera canke ubuzima bwawe!” Muri iki gihe, ico kintu gikunda gusabwa kiraserurwa mw’ihitamwo rigoye twese duhangana na ryo, na canecane abo muri twebwe baba mu bihugu bitunze. Ariko rero, ubu si umusuma aguma abidusaba. Ahubwo, ni ukuntu ikibano kirushiriza gushimika ku kuroranirwa mu vy’amahera no mu vy’amaronko.

UMUKAZO nk’uwo waravyuye ibibazo n’imyitwarariko vyinshi bitahahora. Kwiruka inyuma y’amahera n’amaronko vyodutwara ibingana iki? Twoba dushobora kubumbwa na bikeyi? Abantu vy’ukuri boba bariko baraheba “ubu[zima] nyakuri” kubera amaronko? Kugira amahera bwoba ari bwo buryo bwo kugira ubuhirwe mu buzima?

Uguhahamira Amahera

Mu bintu abantu bipfuza kandi bahahamira​—vyaba vyemewe n’amategeko canke bitemewe​—ugukunda amahera ni vyo biri imbere. Mu buryo butandukanye n’inambu y’ivy’ibitsina be n’akayabagu ko gufungura, umuntu arashobora umwanya wose kuguma yipfuza amahera kandi ntibihere. No mu busaza bisa n’ibitagabanuka. Mu bihe bitari bike, uko imyaka yiterera vyoshobora gutuma umuntu arushiriza gukunda no kurazwa ishinga n’amahera be n’ico ashobora kugura.

Umwina usa n’uwiyongera. Umukinyi nyamukuru wo mw’isinema imwe ikundwa cane yavuze ati: “Umwina urakora. Umwina ni mwiza.” Naho benshi berekeza ku myaka y’1980 bwa Kiringo c’Umwina, ivyariho ubwa mbere n’ivyaje mu nyuma birerekana yuko ukuntu umuntu abona amahera kutahindutse kanini uko imyaka yagenda irahera.

Kumbure ikintu gishasha ni uko abantu benshi baronka uturyo two guhaza buno nyene icipfuzo cabo co kugira vyinshi. Bisa n’uko kenshi abantu benshi bo mw’isi, nyinshi mu nguvu zabo bazikoresha mu kuguma barushiriza kurondera no kurundanya ibintu. Woshobora kwemera yuko mu buzima bwo mu gihe ca none kugira amatungo y’umubiri no gukoresha amahera vyacitse ibintu abantu bihatira gukora babihahamiye, kandi akaba ari ivyo bishiramwo bidakenewe vy’ukuri.

Ariko, vyoba bituma abantu barushiriza guhimbarwa? Mu kwishura ico kibazo, wa Mwami Salomo w’inkerebutsi akaba n’umutunzi, haciye imyaka 3.000 yanditse ati: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa.” (Umusiguzi 5:10) Ivyigwa vyerekeye imibano vya kino gihe bitanga ivyiyumviro bishimishije nk’ivyo nyene.

Amahera n’Ubuhirwe

Kimwe mu bintu vyashitsweko bitangaje kuruta ku biraba inyifato y’abantu, ni ic’uko uko barushiriza kurundanya amahera be n’amaronko atari ngombwa ngo abe ari ko baca barushiriza gushira akanyota no kugira ubuhirwe. Ico abashakashatsi benshi bahavuye batahura ni uko igihe umuntu ashitse ku rugero kanaka rw’ubutunzi, iciyumviro ciwe co kwumva ko abayeho neza kidahagarara ku kuntu ibintu vy’umubiri afise bingana.

Ni co gituma ukwiruka inyuma y’amaronko canke amahera mu buryo butagira akarimbi bituma abantu benshi bibaza bati: ‘Dusa n’abanezererwa ikintu gishasha cose tugura; yamara ni kuki igihe tumaze kubirimbura ivyo vyose, dusanga ivyo bihendamaso bidatuma turushiriza gushira akanyota?’

Mu gitabu ciwe Happy People (Abantu Bahiriwe), umwanditsi umwe Jonathan Freedman avuga ati: “Igihe uronse ibintu bikeyi bigereranye, amahera uba ufise nta kintu kinini aba avuze mu vyo kuzana ubuhirwe. Turetse igihe umuntu aba ari umurushwa, biragaragara ko ubuhirwe bwiwe butava na gato ku bintu aba atunze.” Benshi bahavuye batahura yuko ikintu vy’ukuri gikenewe kugira ngo umuntu agire ubuhirwe ari uko agira ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu, akurikirana ibintu biri n’ico bivuze mu buzima akongera akigenza runtu. Ikindi gihambaye ni ukugiranira ubucuti n’abandi n’ukutaba mu matati canke mu bintu bituburabuza, bikaba vyoshobora kutubuza kwinovora ivyo dufise.

Benshi barabona ko umuzi w’ububi bwinshi bwo mu kibano ca kino gihe, ari impengamiro yo kugerageza gukoresha ubutunzi bw’ivy’umubiri, kugira ngo batorere umuti ingorane mu vy’ukuri ziri imbere mu mutima. Abantu bamwebamwe bashikiriza amakuru yerekeye imibano baravuga ivyerekeye agatima kariho muri rusangi ko kubona ibintu mu buryo bubi be n’ako kutabumbwa n’ivyo umuntu afise. Bavuga kandi yuko impengamiro igwiriye y’abantu bo mu bibano bitunze ari iyo kuja kuraba abaganga canke kuronderera insobanuro y’ubuzima n’amahoro yo mu mutima ku mboneza z’amadini, ku tudumbi be no ku baganga. Ivyo birerekana yuko amaronko adashobora gutuma ubuzima burushiriza kugira ico buvuze.

Ububasha Amahera Afise n’Ubwo Adafise

Ego ni ko, amahera arafise ububasha. Arashobora kugura inzu nziza, impuzu ziteye igomwe n’ibikoresho vyo mu nzu vyiza igitangaza. Arashobora kandi gutuma umuntu ashimwa, agatuma abandi bashira aho nyeneyo ashize canke bamuryoherereza, eka mbere bigatuma agira abagenzi bakeyi b’igihe gito kandi bamwiryosharyoshako. Ariko ubushobozi bw’amahera ntiburenga aho. Hariho ivyo dukeneye kuruta bidashobora kugurwa n’amahera, ni ukuvuga ugukundwa n’umugenzi umwe nyakuri, amahoro yo mu muzirikanyi, uguhumurizwa kuvuye ku mutima igihe turi ku mpfiro. Kandi ku bashima kugiranira ubucuti n’Umuremyi, amahera ntashobora kugura ukwemerwa n’Imana.

Umwami Salomo, uwari afise ibintu vyizavyiza vyose amahera yashobora kugura mu gihe ciwe, yaremeye icese yuko kwizigira amatungo y’ivy’umubiri bidashikana ku buhirwe buramba. (Umusiguzi 5:12-15) Amahera arashobora gutakara bivuye ku guhomba kw’ibanki canke uguta agaciro kwayo. Amazu arashobora gusangangurwa n’ibihuhusi bikomeye. Soransi naho iduha indishi yinaka y’ivyo twabuze twari dutunze, ntiduhumuriza. Imitahe irashobora gutakaza agaciro bukwi na bukwi bivuye ku gutemba giturumbuka kw’ivy’ubutunzi. Mbere uyu musi umuntu arashobora kuba afise akazi ahembwa neza ejo akakavamwo.

None rero ni gute dushobora kugumiza ivyerekeye amahera mu kibanza cavyo? Ni uruhara uruhe amahera canke amatungo bikwiye kugira mu buzima bwacu? Turakwinginze usubire gusuzuma ico kibazo kugira ngo urabe ukuntu ushobora gutunga ikintu gifise agaciro koko, ni ukuvuga “ubu[zima] nyakuri.”

[Ifoto ku rup. 4]

Amatungo y’ivy’umubiri ntazana ubuhirwe buramba

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika