ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/1 rup. 4-7
  • Impumurizo ku Bacumukura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impumurizo ku Bacumukura
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugucumukura Kwatanguye Gute?
  • Gutorera Umuti ico Kibazo
  • Iherezo ry’Ugucumukura
  • Impumurizo ku Bacumukura
  • Kubera iki hariho ibibi n’imibabaro?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Turashobora kwungukira ku kwihanganira imibabaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Igituma ubukozi bw’ikibi bubandanya kubaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/1 rup. 4-7

Impumurizo ku Bacumukura

IKIBAZO co kumenya igituma Imana ireka hakaba ugucumukura haraheze ibinjana n’ibindi kizazanira abafilozofe be n’abanyatewolojiya benshi. Bamwebamwe baremeje yuko kubera Imana ari mushoboravyose, itegerezwa kuba impera n’imperuka ari yo ibazwa ivy’ugucumukura. Umwanditsi w’igitabu kimwe (Les Homélies clémentines), kikaba ari igitabu co mu kinjana ca kabiri gishingiye ku migani, yivugishije yuko Imana itegeka isi ikoresheje amaboko yompi. Ngo ikoresheje “ukuboko kw’ibubamfu,” ari kwo Mucokoranyi, irateza ugucumukura be n’amarushwa, maze ikoresheje “ukuboko kw’iburyo,” ari kwo Yezu irakiza ikongera igahezagira.

Abandi na bo, kubera badashobora kwemera yuko Imana yoreka hakaba ugucumukura naho nyene atari yo iguteza, bahisemwo guhakana yuko ugucumukura kubaho. Mary Baker Eddy yanditse ati: “Ikibi ni ikintu gusa abantu bapfa kwiyumvira, kandi nta nshingiro ry’ukuri gifise. Iyaba icaha, indwara be n’urupfu vyatahurwa ko bitabaho, vyozimanganye.”​—Science et Santé avec la clef des Écritures.

Bivuye ku bintu vy’agacavutu vyabaye muri kahise, na canecane guhera ku ntambara ya mbere y’isi yose gushika muri iki gihe, abantu benshi bashitse ku ciyumviro c’uko gusa Imana idashobora kubuza ko haba ugucumukura. Incabwenge y’Umuyuda yitwa David Wolf Silverman yanditse iti: “Niyumvira yuko kwa Gutikiza Abayuda b’Abanyaburaya be n’abandi kwagirwa n’Abanazi kwatumye bitacorohera gukoresha ya kamere ya mushoboravyose nka yo kamere ibereye kwitirirwa Imana.” Yongeyeko iti: “Nimba Imana itegerezwa kuba hari ukuntu itahura ibintu, ukumera neza kwayo rero gutegerezwa kuba kubana n’ikibi, kandi ivyo ni ko biri nimba gusa Imana atari mushoboravyose.”

Ariko rero, ivyo abantu bemeza ngo Imana hari ukuntu igira uruhara mu vyo gucumukura, ngo yuko idashobora kubuza ko ugucumukura kuba, canke ngo yuko ugucumukura ari ikintu dupfa kwiyumvira gusa, ivyo vyose bihumuriza buhoro abacumukura. Kandi igihambaye kuruta ni uko ivyiyumviro nk’ivyo abantu bemera bihushanye rwose na ya Mana y’ubutungane, y’inguvu kandi yitwararika ihishurwa muri Bibiliya. (Yobu 34:10, 12; Yeremiya 32:17; 1 Yohana 4:8) None ni igiki Bibiliya ivuga ku vyerekeye igituma yararetse hakaba ugucumukura?

Ugucumukura Kwatanguye Gute?

Imana ntiyaremye abantu ngo bacumukure. Ahubwo, yaronkeje umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva umuzirikanyi be n’umubiri bitagira agasembwa, itegura itongo rihimbaye kugira ribe i muhira iwabo, yongera ibashinga igikorwa gihambaye kandi kimara akanyota. (Itanguriro 1:27, 28, 31; 2:8) Ariko rero, kugira ngo babandanye kugira ubuhirwe, botegerejwe kwemera icese ubutegetsi bw’Imana be n’uburenganzira ifise bwo gushinga iciza n’ikibi. Iryo bwirizwa ry’Imana ryagereranywa n’igiti ciswe “igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.” (Itanguriro 2:17) Adamu na Eva bogaragaje ko bayobokera Imana baramutse bagamburutse ibwirizwa ryayo ryo kutarya kuri ico giti.a

Ikibabaje ni uko Adamu na Eva bananiwe kugamburukira Imana. Hari ikiremwa c’impwemu c’ikigarariji cahavuye kimenyekana ko ari Shetani wa Mucokoranyi, cajijuye Eva yuko kugamburukira Imana ata co vyomwunguye. Kanatsinda, ngo bisa n’uko Imana yariko iramwima ikintu ciza cane ni ukuvuga ubwigenge, uburenganzira bwo kwihitiramwo iciza n’ikibi. Shetani yivugishije yuko Eva aramutse ariye kuri ico giti, ‘amaso yiwe yokwihweje, akamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.’ (Itanguriro 3:1-6; Ivyahishuriwe 12:9) Eva amaze guhendwa n’ikizigizigi c’uko agiye kwigenga, yarakiriye ku camwa cabujijwe, bidatevye Adamu na we agira nk’uko nyene.

Uwo musi nyene, Adamu na Eva baciye batangura kwibonerako ingaruka z’ubugarariji bwabo. Kubera yuko bateye akagere ubutegetsi bw’Imana, baratakaje uburinzi be n’imihezagiro ukuyobokera Imana kwari kwarabaronkeje. Imana yarabirukanye muri ya Paradizo maze ibwira Adamu iti: “Uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe; kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’urinde usubira mw ivu.” (Itanguriro 3:17, 19) Adamu na Eva bategerejwe gushikirwa n’indwara, umubabaro, ubusaza be n’urupfu. Ugucumukura kwaciye kuba kimwe mu bishikira umuntu.​—Itanguriro 5:29.

Gutorera Umuti ico Kibazo

Hari uwobaza ati: ‘Imana ntiyari gushobora gusa kwirengagiza icaha Adamu na Eva bakoze?’ Oya, kubera yuko ivyo vyari kwunyura ivy’ukutubaha ubukuru bwayo, kumbure bigatuma haba ubundi bugarariji, bikavamwo mbere ugucumukura kurushirije. (Umusiguzi 8:11) Ikigeretseko, kurenza uruho rw’amazi ku bugambarazi nk’ubwo vyotumye Imana iboneka ko ifise uruhara muri ubwo bugizi bwa nabi. Umwanditsi wa Bibiliya yitwa Musa atwibutsa ibi: “Igikorwa ciwe n’agahore; kand’inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Kugira ngo ikore mu buryo buhuje n’uko imeze, Imana yategerejwe kureka Adamu na Eva kugira ngo bacumukuzwe n’ingaruka z’ubugambarazi bwabo.

Ni kubera iki Imana itaciye irandura ubwo nyene wa mugabo n’umugore ba mbere kumwe na Shetani, wa mubisha ataboneka yatuma bagarariza? Yari ifise ububasha bwo kubigira. Adamu na Eva ntibovyaye uruvyaro rwarazwe ugucumukura n’urupfu. Ariko rero, mwene ukwo kugaragaza ububasha bw’Imana ntikwokwemeje uburenganzira ifise bwo gutegeka ibiremwa vyayo bifise ubwenge. Vyongeye, iyo Adamu na Eva bapfa batavyaye, ivyo vyari gusobanura yuko umugambi w’Imana wo kwuzuza isi ababakomokako batagira agasembwa wananiwe kuranguka. (Itanguriro 1:28) “Imana [na yo ikaba ita]meze nk’abantu . . . Ico isezerana cose, iragikora; iravuga ikintu, kigakorwa.”​—Guharūra 23:19, Today’s English Version.

Mu bukerebutsi bwiwe butagira agahaze, Yehova Imana yarafashe ingingo yo kureka ubugarariji kugira ngo bubandanye mu gihe gitoyi. Abo bagarariji boronse akaryo gahagije ko kwibonera ingaruka ziva ku kutisunga Imana. Kahise kokwerekanye neza yuko abantu bakeneye ubuyobozi buva ku Mana be n’uko ubutegetsi bw’Imana buruta kure n’iyo ubutegetsi bw’abantu canke bwa Shetani. Muri ico gihe nyene, Imana yarateye intambwe yo kwemeza yuko umugambi wayo wo mu ntango yari ifitiye isi worangutse. Yasezeranye yuko hoje “urubuto,” (NW) canke “uruvyaro” ‘rwofyonyoye Shetani ku mutwe,’ rugakuraho rimwe rizima ubugarariji bwiwe be n’ingaruka mbi bwateje.​—Itanguriro 3:15.

Yezu Kirisitu ni we yari urwo Rubuto rwasezeranywe. Muri 1 Yohana 3:8, dusoma yuko “Umwana w’Imana [y]ahishu[we] . . . kugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.” Ivyo yabigize mu gutanga ubuzima bwiwe bw’umuntu butagira agasembwa no mu kuriha ikiguzi c’incungu kugira ngo acungure abana ba Adamu mu caha n’urupfu barazwe. (Yohana 1:29; 1 Timoteyo 2:5, 6) Abagaragaza vy’ukuri ko bizera inkuka ya Yezu basezeranirwa ugukurwako ibihe vyose ugucumukura. (Yohana 3:16; Ivyahishuriwe 7:17) Ivyo bizoshika ryari?

Iherezo ry’Ugucumukura

Ugutera akagere ubukuru bw’Imana vyatumye haba ugucumukura kutovugwa. Birabereye rero yuko Imana ikoresha ubukuru bwayo mu buryo budasanzwe kugira ngo irangize ugucumukura abantu barimwo yongere ishitse umugambi wayo wo mu ntango werekeye isi. Yezu yaracishijemwo ivy’iyo ntunganyo y’Imana igihe yigisha abayoboke biwe gusenga ngo: “Data wa twese wo mw ijuru, . . . ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”​—Matayo 6:9, 10, ni twe tubihiritse.

Igihe Imana yahaye abantu kugira ngo bagerageze kwitegeka kigiye kurangira. Mu kurangura ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, Ubwami bwayo bwarashinzwe mw’ijuru mu 1914, Yezu Kirisitu na we akaba ari Umwami wabwo.b Vuba, buzosangangura bukureho intwaro zose z’abantu.​—Daniyeli 2:44.

Mu gihe c’ubusuku yaranguriye kw’isi igihe gitoyi, Yezu yarahonjeje abantu ku mihezagiro ubutegetsi bw’Imana bwasubijwe umutamana buzozanira umuryango w’abantu. Injili ziratanga ikimenyamenya c’uko Yezu yagaragarije imbabazi abagize ikibano c’abantu bari bakenye kandi batafatwa nk’abandi. Yarakijije abarwaye, arahaza abashonje yongera arazura abapfuye. Mbere n’inguvu zo mu bidukikije zarumvira ijwi ryiwe. (Matayo 11:5; Mariko 4:37-39; Luka 9:11-16) Ibaze ivyo Yezu azorangura niyakoresha ububasha bw’inkuka y’incungu yiwe butyorora kugira ngo aronse ivyiza abantu bose bagamburuka! Bibiliya isezerana yuko biciye ku butegetsi bwa Kirisitu, Imana “izohanagura amosozi yose ku maso [y’umuryango w’abantu], kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuriwe 21:4.

Impumurizo ku Bacumukura

Ese ukuntu biremesha kumenya yuko Imana yacu Yehova munyarukundo ikaba na mushoboravyose itwitwararika, kandi yuko vuba igiye gutabara umuryango w’abantu! Mu bisanzwe, umurwayi w’indembe aremera n’umutima ukunze ukuvurwa kuzomukiza naho mbere kwoba kubabaza cane. Muri ubwo buryo nyene, tumenye yuko uburyo Imana itunganya ibintu buzozana imihezagiro yamaho, ubwo bumenyi burashobora kutubungabunga tutaravye igihe gito gisigaye duhangana n’ingorane.

Ricardo, umwe yavugwa mu kiganiro c’imbere y’iki, yarize guhumurizwa n’imihango Bibiliya itanga. Yibuka ibi: “Umugore wanje amaze gupfa, naragize icipfuzo gikomeye co kwikumira, mugabo bidatevye naratahuye yuko ivyo bitotumye umugore wanje agaruka ahubwo ko vyokwunyuye gusa intuntu yo mu mutima nari mfise.” Aho kubigenza gutyo, Ricardo yarumiye ku kamenyero kiwe ko kwitaba amakoraniro ya gikirisu no kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya. Ricardo avuga ati: “Uko numva yuko Yehova anshigikira mu buryo buranga urukundo kandi nkabona ukuntu yishuye amasengesho yanje no mu tuntu dusa n’uko ari dutoyi, ni ko narushiriza kwumwiyegereza. Ukwo gutahura urukundo rw’Imana ni kwo kwatumye nihanganira ikintu mu vy’ukuri cari kirushirije kuba ikigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose twahanganye.” Yiyemerera ibi: “Ndacakumbura cane umugore wanje, mugabo ubu ndemera nshikamye yuko ata kintu na kimwe Yehova areka ngo gishike gishobora kutugirira nabi ibihe vyose.”

Nka kumwe kwa Ricardo n’abandi bantu amamiliyoni, woba ushashaye kubona igihe ugucumukura abantu barimwo ubu ‘kutazokwibukwa, kandi kutazokwiyumvirwa’? (Yesaya 65:17) Menya neza ko imihezagiro y’Ubwami bw’Imana ari ibintu ushobora gushikira uramutse ukurikije impanuro ya Bibiliya igira iti: “Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi.”​—Yesaya 55:6.

Kugira ivyo ubishikeko, gusoma no kwiga Ijambo ry’Imana uvyitondeye nubigire co kintu nyamukuru. Nurondere kumenya Imana be n’umwe yatuma, Yezu Kirisitu. Niwihatire kubaho uhuza n’ingingo mfatirwako z’Imana gutyo werekane yuko ufise umutima ukunze wo kuyobokera ubusegaba bwayo. Ingendo nk’iyo izotuma urushiriza kugira ubuhirwe ubu naho hari ibigeragezo mushobora guhangana. Muri kazoza na ho, bizotuma unezerererwa ubuzima mw’isi itagiramwo ugucumukura.​—Yohana 17:3.

[Utujambo tw’epfo]

a Bibiliya imwe (La Bible de Jérusalem), mu kajambo k’epfo ko mw’⁠Itanguriro 2:17 isigura “ukumenya iciza n’ikibi” ko ari “ububasha bwo gufata ingingo . . . y’ikintu ciza be n’iy’ikintu kibi hanyuma umuntu agakora ahuje n’iyo ngingo, ko ari uburenganzira bwo kwigenga guherejeko mu vyerekeye inyifato runtu aho umuntu yanka kwemera ko ari ikiremwa.” Yongerako iti: “Icaha ca mbere cari igitero ku busegaba bw’Imana.”

b Kugira ngo umenye vyinshi ku vyerekeye ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekeye 1914, raba ikigabane ca 10 n’ica 11 co mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro ku rup. 6, 7]

DUSHOBORA GUTE KWIHANGANIRA UGUCUMUKURA?

“[Mukorere Imana] amaganya yanyu yose.” (1 Petero 5:7) Kwumva ko ubuze ico ufata n’ico ureka, inyiyumvo z’ishavu be n’ukwumva ko utitaweho, ni ibintu usanga bisanzwe igihe twihanganiye ugucumukura canke igihe tubonye umuntu dukunda ariko aracumukura. Naho ari ukwo, menya neza yuko Yehova atahura inyiyumvo zacu. (Kuvayo 3:7; Yesaya 63:9) Nka kumwe kw’abagabo b’abizerwa bo mu gihe ca kera, turashobora kumwugururira umutima wacu maze tukavuga amakenga be n’amaganya dufise. (Kuvayo 5:22; Yobu 10:1-3; Yeremiya 14:19; Habakuki 1:13) Arashobora kutadukurako ibigeragezo turimwo mu buryo bw’igitangaro, mugabo mu kwishura amasengesho dutura avuye ku mutima, arashobora kuduha ubukerebutsi be n’inkomezi dukeneye kugira ngo duhangane na vyo.​—Yakobo 1:5, 6.

“Ntimutangazwe n’ikigeragezo kibabaza kiriko kirabacumukuza, nk’aho hari ikintu kidasanzwe coba kiriko kibashikira.” (1 Petero 4:12, New International Version) Hano Petero ariko avuga ivy’uruhamo, mugabo amajambo yiwe arakora neza na neza no ku gucumukura ukwo ari kwo kwose uwizera ashobora kwihanganira. Abantu baracumukuzwa n’ubukene, indwara be n’ukubura ababo. Bibiliya ivuga yuko “ibihe n’ibiza ku muntu” bishikira uwo ari we wese. (Umusiguzi 9:11) Ibintu nk’ivyo biri mu bigize ubuzima bw’umuntu muri iki gihe. Gutahura ivyo bintu bizodufasha kwihanganira ugucumukura be n’ivyago igihe bishitse. (1 Petero 5:9) Ahanini, kwibuka amajambo adukura amazinda yuko “inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo,” bizoba canecane isoko ry’impumurizo.​—Zaburi 34:15; Imigani 15:3; 1 Petero 3:12.

“Munezererwe kwizigira ibizoba.” (Abaroma 12:12) Aho kuguma twiyumvira igihe twigeze kuba dufise agahimbare, turashobora kuzirikana ku muhango Imana itanga wo kurangiza ugucumukura kwose. (Umusiguzi 7:10) Ico cizigiro gifise ishingiro rikomeye kizodukingira nk’inkofero y’icuma ikingira umutwe. Icizigiro kiratuma umubabaro uva ku vyago vyo mu buzima ugabanuka kandi kigatuma duhera amazinda yuko iyo mibabaro itaguma imerera nabi igihe cose amagara yacu yo mu bwenge, yo mu mutima canke yo mu vy’impwemu.​—1 Ab’i Tesalonike 5:8.

[Ifoto ku rup. 5]

Adamu na Eva barateye akagere ubutegetsi bw’Imana

[Ifoto ku rup. 7]

Imana isezerana isi itagiramwo ugucumukura

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika