ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/3 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ni Kubera Iki Dukwiye Guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Muragire ibi mu kunyibuka’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Igituma duhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ico imfungurwa zisanzwe zitwigisha ku bijanye n’Umwami wo mw’ijuru
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/3 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Hoba hari icokorwa mu gihe Umukirisu yasizwe w’ikimuga bitamushobokeye kwitaba ihimbazwa ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba rigirwa mw’ishengero?

Ego cane. Hariho igishobora gukorwa kandi mbere gikwiye gukorwa bivuye ku kwitwararika Umukirisu yasizwe amugaye kandi kumbure ari ku musego, gutyo bikaba bidashoboka ko aba ari ho ari igihe ishengero rihimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu. Mu gihe ibintu vyifashe gutyo, inama y’abakurambere irashobora kuringaniza ivy’uko umukurambere canke uwundi Mukirisu w’umugabo ahumuye mu vy’impwemu yakira bikeyi ku bimenyetso vy’umukate n’umuvinyu, akabishira uwo Mukirisu muri iryo joro nyene imbere y’uko izuba riseruka.

Bivanye n’ingene ibintu vyifashe, uwo mukurambere canke uwo wundi muvukanyi amusanze i muhira yoshobora kugira ico avuze mu ncamake akongera agasoma ivyanditswe bijanye n’ico gihe. Arashobora kubigenza nka kumwe nyene Yezu yabigira igihe yatanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba. Nk’akarorero, yoshobora gusoma Matayo 26:26 hanyuma amaze gutura isengesho, agashikiriza umukate utambiwe. Ubukurikira, nya muvukanyi nyene yoshobora gusoma Matayo ikigabane ca 26 umurongo wa 27 n’uwa 28, hanyuma ahejeje gutura irindi sengesho agaca ashikiriza umuvinyu. Yoshobora kuvuga muri make ico ikimenyetso cose gisobanura, kandi vyoba bibereye ko atura n’isengesho ryo gusozera.

Ego ni ko, umuntu arakwiye kugira akigoro kose gashoboka kugira abe ari ho ari igihe ishengero rihimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba. Mugabo none, hokorwa iki mu gihe ibintu vyoba vyifashe nabi cane, ugasanga Umukirisu yasizwe araremvye, ari mu bitaro canke hakaba hari ikindi kintu gituma adahimbaza Icibutso ku wa 14 Nisani izuba rirenze? Uwasizwe amerewe gutyo, arashobora gukurikiza uko vyahora bigirwa mu Vyagezwe vya Musa maze agahimbaza Icibutso ari wenyene haciye imisi 30.​—Guharūra 9:9-14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika