Ubukene bwoba buzokwigera buhera?
“EH’AMOSOZI y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ububasha bgari ku ruhande rw’abahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.” Ivyo vyavuzwe na wa Mwami w’inkerebutsi Salomo wo muri Isirayeli ya kera. (Umusiguzi 4:1) Nta nkeka, benshi mu bahahazwa Salomo yashaka kuvuga bari n’abakene.
Ubukene ntibushobora kurabirwa ku mahera gusa. Nk’uko vyerekanwa n’amakuru yatanzwe n’Ibanki y’isi yose muri Ruheshi 2002, “baragereranije, basanga mu mwaka w’1998, abantu umuliyaridi umwe n’imiliyoni zibiri kw’isi yose babeshejweho n’amahera ari munsi y’idolari rimwe ku musi (ni ukuvuga nk’amafaranga y’amarundi 1.000) . . . imiliyaridi zibiri n’imiliyoni umunani na bo, bakabeshwaho n’ayari munsi y’amadolari abiri ku musi (ni ukuvuga nk’amafaranga y’amarundi 2.000).” Vyabonywe yuko naho ivyo bitigiri biri munsi y’ivyo bari batoye ubwa mbere, “biracari hejuru cane turavye amarushwa abantu barimwo.”
Ubukene bwoba buzokwigera buhera? Yezu Kirisitu yabwiye abigishwa biwe ati: “Aboro murāmana imisi yose.” (Yohana 12:8) Ivyo vyoba bishaka gusigura ko ubukene n’inkurikizi zabwo zibabaje bizobandanya ibihe vyose? Oyaye, kuko naho Yezu atemereye abayoboke biwe yuko bocitse abatunzi bose mu vy’umubiri, ntidukwiye guca dutahura yuko muri ayo majambo ata cizigiro kirimwo ku bakene.
Naho abantu bagira utwigoro kandi n’imihango batanga yo gukuraho ubukene ikaba kenshi ata co yavuyemwo, Ijambo ry’Imana Bibiliya riradukura amazinda yuko vuba hatazokwongera kubaho aboro. Kanatsinda, Yezu yabwiye ‘aboro inkuru nziza.’ (Luka 4:18) Iyo nkuru nziza irimwo umuhango w’uko ubukene buzoranduranwa n’imizi. Ivyo bizoba igihe Ubwami bw’Imana buzoshiraho ubugororotsi kw’isi.
Ibaze ukuntu isi izoba yahindutse! Wa Mwami wo mw’ijuru ari we Yezu Kirisitu “azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza.” Si ivy’imbeshere, “azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano.”—Zaburi 72:13, 14.
Ku biraba ico gihe, muri Mika 4:4 havuga hati: “Umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga: kukw akanwa k’Uhoraho Nyen’ingabo ari ko kabivuze.” Ubwami bw’Imana buzotorera umuti ingorane zose zibangamiye abantu, mbere bukureho indwara n’urupfu. Imana ‘urupfu izorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kandi Umwami Uhoraho azohanagura amasozi ku maso ya bose.’—Yesaya 25:8.
Urashobora kwizigira iyo mihango kubera yuko yahumetswe n’Imana ubwayo. None ntiwokwihweza ibimenyamenya vyemeza ko ubuhanuzi bwa Bibiliya ari ubwo kwizigira?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
FAO photo/M. Marzot