Sentare nkuru ishigikira ugusenga kw’Ukuri aho bita mu “gihugu c’i Ararati”
Umugabo w’imvi w’Umunyarumeniya afise abana batatu ari imbere ya sentare nkuru y’igihugu. Umwidegemvyo wiwe be n’uw’abo basangiye ukwemera benshi urageramiwe. Sentare irumviriza ingene asubiramwo amajambo yo muri Bibiliya mu gusigura ivyo yemera. Kugira ngo dutahure ukuntu urwo rubanza rwavuyemwo intsinzi ihambaye ku bw’ugusenga kw’ukuri muri ico gihugu, nimuze dusuzume ibintu vyabaye bigashikana kuri urwo rubanza.
ARUMENIYA iherereye mu buseruko bwa Turikiya no mu bumanuko bw’imisozi miremire ya Caucase. Ni igihugu kibamwo abantu barenga imiliyoni zitatu. Uri mu mugwa mukuru w’ico gihugu ari wo Yerevan, urabona amasonga abiri ateye igomwe y’Umusozi wa Ararati. Dukurikije inkuru mpererekanwa, aho ni ho ubwato bwa Nowa bwahagaze inyuma ya wa Mwuzure wakwiye kw’isi yose.—Itanguriro 8:4.a
Ivyabona vya Yehova batanguye kurangura igikorwa cabo ca gikirisu muri Arumeniya kuva mu 1975. Arumeniya imaze kwikukira mu 1991 ikareka gutwarwa na Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, haciye hashingwa Inama Nkuru y’Igihugu Ijejwe ivy’Amadini kugira ngo yemeze amashirahamwe y’ivy’amadini. Ariko rero, iyo nama yaranse incuro n’izindi kwemerera Ivyabona vya Yehova, ahanini bitumwe n’ikibazo kijanye n’ivy’uko ari Abakirisu batagira aho bahengamiye. Ni co gituma kuva mu 1991 Ivyabona bakiri bato barenga 100 bo muri Arumeniya bagirijwe eka mbere bagapfungwa akatari gake bahorwa impagararo yabo ishingiye kuri Bibiliya ku bijanye n’igisoda.
Iyo nama yarasavye kandi ibiro vy’uwuburanira Leta gutohoza ibikorwa vy’idini vy’uwitwa Lyova Margaryan, umukurambere w’Umukirisu akaba n’umushingwamanza w’umunyamwete yakoreshwa n’ishirahamwe riraba ivy’umuyagankuba. Mu nyuma umuvukanyi Margaryan yagirijwe hisunzwe Ingingo y’244, ikaba ari iyari mw’itegeko rya kera ry’Abasoviyeti ryari ryatanzwe mu gihe c’intwaro y’uwitwa Khrushchev, rikaba ryari ryashiriweho gutangira no gukuraho buhere Ivyabona vya Yehova be n’iyindi migwi y’ivy’idini.
Iryo tegeko rivuga yuko ari icaha gushinga canke kuyobora umugwi w’ivy’idini, witwaza ko wamamaza ivyo wemera, ‘ugatuma abakiri bato baja mu makoraniro y’ivy’idini ritemewe n’amategeko’ kandi ‘ukosha abawugize kwanka gukora ivyo bategerezwa gukorera igihugu.’ Kugira ngo uwumuburanya ashigikire ivyagirizi vyiwe, yibanze ku vy’uko usanga hari abana bakiri bato ku makoraniro arongorwa n’umuvukanyi Margaryan agirirwa mu gisagara c’i Metsamor. Ikindi kandi, uwumuburanya yiketse yuko umuvukanyi Margaryan yari yarabujije abakiri bato bo mw’ishengero kuja mu gisoda.
Atangura gusambishwa
Isambishwa ryatanguye ku wa Gatanu igenekerezo rya 20 Mukakaro 2001, muri sentare yo mu ntara ya Armavir rihagarikiwe n’umucamanza yitwa Manvel Simonyan. Iryo sambishwa ryarabandanije gushika no mu kwezi kwa Myandagaro. Igihe amasura yari ku ruhande rw’abamuburanya yariko arasura, yahavuye yiyemerera yuko abo mu Bushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu (ubwahoze ari KGB) bari babategetse kwandika amajambo yagiriza umuvukanyi Margaryan bongera babahatira kuyashirako umukono. Igihe kimwe, hari umukenyezi yiyemereye yuko umutegetsi wo mu Bushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu yamutegetse kuvuga ati: “Ivyabona vya Yehova barwanya intwaro yacu n’idini ryacu.” Nya mukenyezi yiyemereye yuko ata kintu na kimwe yari azi ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova mugabo ko yari yarumvise gusa ivyo babagiriza kuri televiziyo y’igihugu.
Igihe umuvukanyi Margaryan yashikirwa, yarerekanye yuko abana bakiri bato bitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova baba bahawe uruhusha n’abavyeyi babo. Yarasiguye kandi yuko kuja mu gisoda ari ingingo umuntu yifatira ubwiwe. Uwumuburanya yamaze imisi itari mike yumviriza ukuntu nya muvukanyi yiregura. Umuvukanyi Margaryan akoresheje Bibiliya, yarishuye n’umutima mu nda ibibazo vyerekeye ivyo yemera, uwumuburanya na we agasuzuma muri Bibiliya yiwe bwite Ivyanditswe atanze.
Ku wa 18 Nyakanga 2001, umucamanza “yarambitse izera” Margaryan avuga yuko “ata tegeko na rimwe yarenze” mu gikorwa ciwe. Raporo ivuga neza ivy’urwo rubanza yarasohotse mw’itororokanirizo rimwe ry’amakuru (Associated Press). Yavuga iti: “Umurongozi w’Ivyabona vya Yehova muri Arumeniya yambitswe izera uyu musi ku vyo yagirizwa ko akwegera abantu mw’idini ku nguvu be n’uko abuza abakiri bato kuja mu gisoda. Inyuma y’amezi abiri y’isambishwa, Sentare yavuze yuko ata bimenyamenya bihagije vyagiriza uyo murongozi Levon Markarian [Lyova Margaryan]. Yari gukatirwa umunyororo w’imyaka itanu. . . . Naho Ibwirizwa Nshingiro rya Arumeniya ryemera ko amadini yidegemvya, biragoye ko imigwi mishasha yemererwa, kandi amategeko yorohereza idini rikuru ryo muri ico gihugu (Eglise apostolique arménienne).” Mu makuru ishirahamwe rijejwe umutekano no gufashanya mu Buraya (OSCE) ryasohoye ku wa 18 Nyakanga 2001, ryavuze riti: “Naho Ibiro vy’ishirahamwe OSCE vyakiriye neza ukuntu urubanza rwaciwe, rirabandanya kubabazwa n’ukuntu urubanza rwashikirijwe mu ntango.”
Abandanya kuburanywa
Naho ari ukwo, abamuburanya barunguruje, maze isambishwa rigira kabiri rifata ayandi mezi ane. Mu ntango y’iryo sambishwa, igihe umuvukanyi Margaryan yashikirwa ngo yiregure, ikibazo ca mbere yabajijwe cashikirijwe n’umucamanza wo muri uwo mugwi. Umuvukanyi Margaryan atanguye kwishura, umukuru w’intahe akaba yari umugore yaramuciriyemwo maze aramwifatira mu gahanga. Mu nyuma, ntiyakundiye umuvukanyi Margaryan ngo aheze kwishura n’ikibazo na kimwe. Atarinze no gutanga impamvu, uwo mugore yaciye ahanagura mu nzandiko vyinshi mu bibazo Margaryan yagenda arabazwa n’abamuburanira. Muri iryo sambishwa, abanywanyi b’amadini barwanya Ivyabona vya Yehova bari buzuye aho bumviririza imanza, baguma batuka umuvukanyi Margaryan. Inyuma y’ico kiringo, amaraporo menshi y’ibinyoma kandi agoretse yerekeye iryo sambishwa yaracishijwe kuri televiziyo, nk’akarorero mu kuvuga yuko umuvukanyi Margaryan yiyemereye koko yuko yagirwa n’icaha.
Isambishwa rigeze hagati, nya mukuru w’intahe yari ahagarikiye umugwi w’abacamanza batatu yaratangaje abari ngaho igihe yashikiriza ikete ryavuye kuri ya Nama Nkuru y’Igihugu Ijejwe ivy’Amadini ryasaba yuko ibiro vy’uwumuburanya vyofatira ingingo umuvukanyi Margaryan. Ivyo vyarababaje cane abarorerezi mvamakungu bari kuri iryo sambishwa, kubera yuko igihe igihugu ca Arumeniya casaba kuja mu bihugu bihurikiye mu Nama Mpanuzwajambo y’Abanyaburaya, cemeye ko gitegerezwa “kuraba neza yuko Amadini yose canke imiryango y’ivy’idini, na canecane iyivugwa yuko ‘itisunga imigenzo ya kera,’ ishobora gukurikira idini yayo ata gukumirwa.”
Uko isambishwa ryabandanya mu mayinga akurikira, ni ko ibintu vyarushiriza gukomera. Abarwanya Ivyabona vya Yehova babandanya kubahahaza no kubasomborotsa haba mu nyubakwa yumviririzwamwo imanza canke hanze yayo. Ivyabona b’abakenyezi barakubitwa imigere ku mirundi. Igihe umwe mu Vyabona yasotorwa mugabo akanka kubasubiza, baramukubise ku gatirigongo, bica biba ngombwa ko ashirwa mu bitaro.
Muri ico gihe, haragenywe umukuru w’intahe mushasha w’urwo rubanza. Naho bamwebamwe mu bariko bumviriza urubanza bagize utwigoro two kugira iterabwoba ku nama y’abashingwamanza yamuburanira, uwo mukuru w’intahe mushasha yarafashe ibintu mu minwe, aranategeka igipolisi ngo gisohore umugore umwe yariko aragira iterabwoba kuri iyo nama y’abashingwamanza.
Urubanza rwungururizwa muri Sentare Nkuru ya Arumeniya
Amaherezo, kw’igenekerezo ry’7 Ntwarante 2002, sentare y’iyungururizo yarashigikiye ingingo yari yafashwe na sentare y’ubwa mbere. Igitangaje, hasigaye umusi umwe ngo iyo ngingo itangazwe, Inama Nkuru y’Igihugu Ijejwe ivy’Amadini yaciye isambuka. Abamuburanya barongeye kwunguruza urubanza, ubu hoho barujana muri sentare nkuru ya Arumeniya ari yo Sentare Gasamburamanza. Ico gihe abamuburanya basavye yuko Sentare isubiza inyuma urubanza kugira ngo rusubire kwumvirizwa bundi busha, “uwo icaha cagira akubitwe intahe mu gahanga.”
Umugwi w’abacamanza batandatu, uhagarikiwe n’Umucamanza Mher Khachatryan, warakoranye kw’isaha 5 zo ku murango, ku wa 19 Ndamukiza 2002. Mu majambo yiwe y’intango, umwe mu bamuburanya yaraseruye ukuntu yababajwe cane no kubona sentare zibiri za mbere zitashoboye gutora yuko umuvukanyi Margaryan yagirwa n’icaha. Ariko rero, ubu hoho uwumuburanya ni we yaciriwemwo na bane mu bacamanza bongera bamubaza ibibazo vyo kumwagiriza. Umucamanza umwe yarakariye uwumuburanya kubona yaragerageje kwambika ibara Sentare mu kuzana mu birego yarega umuvukanyi Margaryan ivy’igikorwa co kwigisha ivy’Imana be n’ivy’uko Ivyabona vya Yehova batemewe n’amategeko, muri ivyo akaba ata na kimwe carimwo cokwitwa ko ari icaha mu Ngingo y’244. Ivyo nyene kumuburanya yagize vyose, uwo mucamanza yabisiguye ko ari “uguhama umuntu mu kumwitwarira urondera kumucisha umutwe.” Uwundi mucamanza yaradondaguye izindi manza zitandukanye zaciwe na Sentare y’i Buraya aho Ivyabona vya Yehova bemejwe yuko ari “idini izwi” ifise uburenganzira bwo gukingirwa n’Inama y’Abanyaburaya iharanira agateka ka zina muntu. Muri ico gihe, umupadiri yari muri ya nyubakwa yumviririzwamwo imanza yarakomye induru avuga yuko Ivyabona vya Yehova bariko batera amacakubiri mu gihugu. Sentare yaciye imutegeka kunuma.
Abacamanza baciye bahamagara Lyova Margaryan mu bari ngaho, ico kikaba cari ikintu kitari bwigere kiba muri iyo sentare nkuru. Umuvukanyi Margaryan yarashinze intahe nziza ku vyerekeye impagararo ya gikirisu Ivyabona vya Yehova bafata ku bibazo bitandukanye. (Mariko 13:9) Sentare ihejeje kugira umwiherero mugufi, yarahindukiye hanyuma yose irahuriza hamwe mu gushigikira ingingo y’uko uwo muvukanyi “yambitswe izera.” Umuvukanyi Margaryan vyarabonetse yuko akuwe mu menyo y’ingwe. Mu ngingo Sentare yafashe ikayandika, yavuze iti: “Ico gikorwa [ca Lyova Margaryan] si icaha twisunze amategeko ahari, kandi ico kirego giteye kubiri n’Ingingo ya 23 y’Ibwirizwa Nshingiro rya Arumeniya, be n’Ingingo y’9 y’Inama y’Abanyaburaya iharanira agateka ka zina muntu.”
Ico iyo ngingo yashitseko
Iyo aburanywa agatsindwa, vyari kuba biciriye inzira ikurikiranwa ry’ibindi Vyabona b’abakurambere bo mu mashengero yose yo muri Arumeniya. Turizigiye yuko iyo ngingo itomoye yashitsweko na Sentare izohagarika ako gahahazo. Iyo hafatwa ingingo ibangamira Ivyabona vya Yehova, vyari kuba kandi bibaye icitwazo co kubandanya kwanka kwandika Ivyabona vya Yehova ngo bemerwe n’amategeko. Turashima kubona ko ubu Sentare yakuyeho ico citwazo.
Tuzoba turaba yuko Ivyabona vya Yehova barenga 7.000 bo muri ico gihugu bemerwa n’amategeko. Mu kurindira ugusenga kw’ukuri kuracabandanya neza aho bita mu “gihugu c’i Ararati.”
[Akajambo k’epfo]
a Iyo ni imvo imwe ituma Abanyarumeniya igihugu cabo bacitirira Umusozi Ararati. Mu bihe vya kera, Arumeniya bwari ubwami bwagutse, mu karere bwatwara hakaba harimwo iyo misozi. Ni co gituma muri Yesaya 37:38, amajambo avuga ngo “igihugu c’i Ararati” ahindurwa ngo “Arumeniya” mu mpinduro ya Bibiliya y’Ikigiriki yitwa Septante. Muri iki gihe, Umusozi wa Ararati uri mu gihugu ca Turukiya, hafi y’urubibe rwaco rwo mu Buseruko.
[Ifoto ku rup. 12]
Aha Lyova Margaryan yariko arasambishwa
[Ifoto ku rup. 13]
Umuvukanyi Margaryan ari kumwe n’umuryango wiwe