Inkuru y’Ubuzima
Uruhara nagize mu guteza imbere ukwigisha Bibiliya kw’isi yose
NK’UKO VYAVUZWE NA ROBERT NISBET
Umwami Sobhuza wa Kabiri wo muri Swazilande yaraduhaye ikaze ku kirimba iwe, jewe na mwenewacu George. Hari mu mwaka w’1936, yamara ndacibuka neza na neza ikiyago twagiraniye. Kugira nshike ku kugiranira ikiganiro kirekire nk’ico n’umwami, vyavanye ahanini n’uko nari maze igihe kirekire nkora igikorwa gihambaye c’ukwigisha Bibiliya. Ubu ngeze mu myaka 95, ndibukana urweze uruhara nagize muri ico gikorwa catumye nshika muri ya mashinga atanu agize isi.
VYOSE vyatanguye mu 1925, igihe umudandaza w’icayi yitwa Dobson yatangura kugendera umuryango wacu waba mu gisagara ca Edinburgh muri Ecosse. Nari hafi yo kurangiza ubuyabaga, nkaba kandi nariko nimenyereza gukora mu vy’imiti. Naho nasa n’uwukiri muto, nticabujije ko mpagarikwa umutima n’amahinduka akomeye intambara y’isi yose yo kuva mu 1914 gushika mu 1918 yari yarateje mu ngo no mu buzima bwo mu vy’idini. Umusi umwe uwo mushingantahe Dobson yatugendeye, yaradusigiye igitabu citwa Le divin Plan des Âges. Ukuntu cerekana ko hari Umuremyi w’umunyabwenge afise “umugambi” kanaka vyasa n’ivyumvikana cane kandi bikaba bihuje n’Imana nipfuza gusenga.
Twe na mawe ntitwatevye kwitaba amakoraniro y’Abatohoji ba Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Muri Nyakanga 1926, twaragereranije ukwiyegurira Yehova kwacu mu kwibizwa mu mazi kw’ihwaniro ryabereye i Glasgow. Umwumwe wese mu babatizwa yararonka ikanzu ndende ifise imigozi apfungira ku jisho ry’ikirenge yo kurenza ku mpuzu asanzwe yogana. Ico gihe, iyo kanzu yabonwa ko ari umwambaro ubereye ku bw’urubanza ruhambaye nk’urwo.
Muri ico gihe co mu ntango, ukuntu ibintu vyinshi twabitahura kwari gukeneye kubogorwa. Abagize ishengero hafi nka bose barahimbaza Noweli. Bake cane ni bo baja mu busuku bwo mu ndimiro. Mbere hari n’abakurambere barwanya ivyo kuja kugabanganya ibisohokayandikiro ku w’Iyinga, kubera bumva yuko ari ukurenga kw’Isabato. Yamara rero, ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi mu 1925 vyaratanguye gushimika cane ku vyanditswe nka Mariko 13:10: “Ubutumwa bgiza bukwiye kubanza kuvugwa mu mahanga yose.”
Ico gikorwa gikwiye kw’isi yose coranguwe gute? Igihe nagerageza bimwe bidashemeye kugira uruhara mu kwamamaza inzu ku nzu ari bwo bwa mbere, nabwira gusa uwo nsanze ku muhana yuko ndiko ngurisha ibitabu vyiza bivuga ivy’Imana, ngaca ndamushikiriza igitabu kivuga ngo La Harpe de Dieu, igitabu casigura inyigisho cumi zihambaye zo muri Bibiliya, kikazigereranya n’imirya cumi y’inanga. Mu nyuma, twararonkejwe agakarata ko gushinga intahe, kakaba kariko ubutumwa bugufi umunyamuhana asoma. Twarakoresha kandi insiguro zafashwe ku makaseti zimara iminuta inine n’igice, zashobora kuvuzwa hakoreshejwe icuma twagendana kirekura amajwi. Mwene ivyo vyuma vyo mu ntango vyari bigoye itwara kubera ukuremera, mugabo ivyo mu nyuma vyari biremurutse cane, mbere bimwebimwe vyarashobora kuvuzwa bishinze.
Kuva mu 1925 gushika mu myaka y’1930, twakora igikorwa co gushinga intahe uko twari dushoboye. Maze mu ntango z’imyaka y’1940, Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ryaratangujwe mu mashengero yose. Twarigishijwe gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami mu kwivuganira amaso mu yandi n’abanyamuhana botwumvirije. Twarize kandi akamaro ko kugirira inyigisho za Bibiliya zo ku mihana abantu bashimishijwe. Ku ruhande rumwe, twovuga ko iyo yari intango y’iki gikorwa co kwigisha Bibiliya kw’isi yose kirangurwa ubu.
Indemesho nahawe n’umuvukanyi Rutherford
Icipfuzo canje co kugira uruhara runini muri ico gikorwa co kwigisha catumye niyandikisha mu butsimvyi bw’igihe cose mu mwaka w’1931. Nabwirizwa guca ntangura ubwo nyene, ihwaniro ryabereye i Londres rirangiye. Ariko rero, igihe kimwe mu karuhuko ka sasita, umuvukanyi Joseph Rutherford, uwari ahagarikiye igikorwa muri ico gihe, yaransavye ko twoganira. Yari afise imigambi yuko hogira umutsimvyi aja gukorera muri Afirika. Yaciye ambaza ati: “Wokwitanga ukajayo?” Naho nari ntewe ntiteguye, naragerageje kuvuga nshikamye nti: “Egome, nzojayo.”
Muri iyo misi, umugambi wacu nyamukuru wari uwo gushikiriza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyinshi bishoboka, kandi ivyo vyasaba ko umuntu yama ariko aragendagenda. Naremeshejwe kuguma ndi umwirebange nk’uko benshi mu bavukanyi bari bahagarikiye ibikorwa muri ico gihe bari bameze. Icibare canje cahera mu gisagara ca Cape Town, amaja mu bumanuko bw’isonga rya Afirika, kigashika mu gice co mu buseruko bwa Afirika, ushizemwo n’amazinga yo mw’Ibahari Indiyano ari hafi y’inkengera. Kugira nshike ku rubibe rwo mu Burengero, vyansaba guca mu musenyi ushushe wo mu bugaragwa bwa Kalahari, nkaduga gushika kw’isoko ry’Uruzi Nili ku kiyaga Vigitoriya. Jewe n’uwo twakorana twategerezwa kumara amezi atandatu mu gihugu ca Afirika kimwe canke vyinshi mu biri muri ako karere kanini.
Amakarato amajana abiri yuzuye ubutunzi bw’ivy’impwemu
Maze gushika muri nya gisagara ca Cape Town, baranyeretse amakarato 200 yuzuye ibisohokayandikiro bigenewe kuja muri Afirika yo mu Buseruko. Ivyo bisohokayandikiro vyari mu ndimi zine z’i Buraya be no muri zine zo muri Aziya, ariko nta na kimwe cari mu rurimi rwo muri Afirika. Mbajije igituma ivyo bisohokayandikiro vyose vyari ngaho n’imbere y’uko nshika, banyishuye ko vyari bigenewe Frank na Gray Smith, abatsimvyi babiri bari baherutse kuja muri Kenya kwamamazayo. Bakize gushika muri ico gihugu bompi baca bafatwa na malariya, n’ikibabaje Frank aca ahasiga ubuzima.
Naho iyo nkuru yatumye niyumvira cane, ntiyanciye inkokora. Jewe n’uwo twakorana ari we David Norman twaciye tuva mu gisagara ca Cape Town, twurira ubwato tuja i Tanzaniya mu gikebere cacu ca mbere, nko ku birometero 5.000 uvuye ngaho. Uwuraba ivy’ingendo i Mombasa, muri Kenya, yaritwararitse amakarato yacu y’ibisohokayandikiro araheza ayarungika aho twamusavye kuyarungika hose. Twahereye kwamamaza mu bibanza vy’ubucuruzi, ni ukuvuga ku maduka be no ku biro vyo mu gisagara kimwekimwe cose. Igice c’ibisohokayandikiro twari dufise cari kigizwe n’udutekero kamwekamwe kose karimwo ibitabu 9 n’udutabu 11, utwahavuye twitwa umunywamazi kubera yuko twari dufise amabara atandukanye.
Ubukurikira twaciye dufata ingingo yo kugendera izinga rya Zanzibar riri nko ku birometero 30 uvuye ku nkengera yo mu buseruko. Hari hashize ibinjana n’ibindi Zanzibar ari ikibanza nyamukuru kigirirwamwo urudandaza rw’abantu baja kugirwa abaja, ariko kandi iryo zinga ryari rizwi cane kubera ibiti vyaho vy’udushurwe tumota umuntu yashobora kwumva ugutamirana kwatwo hose muri ico gisagara. Wasanga kumenya aho duca bitoroshe kubera ko igisagara cari cubatswe hadakurikijwe umugero n’umwe. Amabarabara yagenda anyuragirana kandi acanacanamwo, ugasanga biroroshe kuzimira. Ihoteri twari ducumbitsemwo yari imeze neza, ariko yari ifise imiryango ihanjagiyemwo imisumari ikagira n’ibihome bininibinini, bikaba vyatuma imera nk’ibohero aho kuba ihoteri. Yamara, twaragize ingaruka nziza muri ico gihugu, turanezerwa kubona Abarabu, Abahindi eka mbere n’abandi bakirana umutima ukunze ibisohokayandikiro vyacu.
Amagariyamoshi, amato be n’imiduga
Kugira ingendo muri Afirika yo mu Buseruko muri iyo misi ntivyari vyoroshe. Nk’akarorero, igihe twariko tuja mu misozi yo muri Kenya tuvuye i Mombasa, igariyamoshi twarimwo yarahagaritswe n’igitero c’inzige. Inzige amamiliyoni n’amamiliyoni zarakubise hasi haruzura be no ku mabarabara y’indarayi, bituma anyerera rwose ku buryo amaringi adashobora gufata neza ngo igariyamoshi igende. Umuti wonyene wari uhari, kwari ukwoza ivyo vyuma vy’indarayi hakoreshejwe amazi yabize yava muri iyo gariyamoshi, imbere y’uko irengana. Gutyo, twaciye tubona kugenda bukebuke gushika naho duteba tukava muri iryo rumbu ry’inzige. Ibaze ukuntu twiruhukije aho igariyamoshi idugiye igashika ahakirurutse, tukabona guhumeka akayaga gapfutse ko mu misozi!
Naho vyari vyoroshe gushika mu bisagara vyo ku nkengera mw’igariyamoshi canke mu bwato, intara zo hagati mu gihugu zozo washobora kuzishikamwo ugiye n’umuduga. Narahimbawe igihe mwenewacu George yansangayo, kuko twaciye dushobora kugura umuduga wagutse bihagije twashobora gushiramwo ibitanda, igikoni, ubushinguro, ufise amadirisha ariko utuyungiro tuzibira imibu. Twari dufise n’ibikuzamajwi bimanitse hejuru kuri nya muduga. Kubera ivyo vyangombwa twari dufise, twarashobora gushinga intahe inzu ku nzu ku murango, tukanatumira abantu ku nsiguro twakurikira ku mugoroba, zashikirizwa mu kibanza c’isoko. Ikiganiro twavuza cakundwa n’abantu benshi, cari gifise umutwe uvuga ngo “Aho bita mu muriro udahera hoba haturira?” Twaragize urugendo rw’ibirometero 3.000 tuva muri Afirika y’Epfo tuja muri Kenya muri nya “nzu yacu igendagenda,” kandi twaranezerewe ico gihe kubona twari dufise udutabu dutandukanye turi mu ndimi nyinshi zo muri Afirika, utwo dutabu abantu baho bakaba batwakiranye urweze rwinshi tutubahaye.
Ikintu caduhimbara ni uko ku ngendo nk’izo, twashobora kubona vyinshi mu bikoko vyo muri Afirika. Birumvikana ko twaguma muri nya muduga bumaze kwira kugira ngo ntibiturye, mugabo cari ikintu gikomeza ukwizera kwacu kubona ibikoko binyuranye nk’ivyo Yehova yaremye tubisanze aho vyibera.
Batangura kuturwanya
Naho twiyubara ngo ibikoko vyo mw’ishamba ntibiturye, ivyo nta co vyari bivuze ubigereranije n’ivyo twari dukeneye gukora igihe duhanganye n’abategetsi batandukanye be n’indongozi z’idini zimwezimwe zari zarakaye, zigatangura kurwanya ku mugaragaro igikorwa cacu c’ukwamamaza Ubwami. Ingorane nyamukuru yari itubangamiye, yari umugabo afise ishaka ry’umurengera yiyita Mwana Lesa, risigura ngo “Umwana w’Imana,” be n’akagwi kiwe bita Kitawala, ikibabaje rikaba ari izina risigura “Watchtower.” Imbere gatoyi yuko tuhashika, uwo mugabo yari yarasomesheje nturi Abanyafirika benshi, abahenda ngo ariko arababatiza. Yahavuye afatwa hanyuma aranyongwa. Mu nyuma, nararonse akaryo ko kuganira n’uwamunyonze kugira ndamusigurire yuko uwo mugabo ata co yasa asana n’Ishirahamwe Watch Tower ryacu.
Twaragiraniye kandi ingorane n’Abanyaburaya benshi batahimbarwa n’igikorwa cacu co kwigisha, bivuye ahanini ku mvo zijanye n’ivy’amahera. Umukuru umwe w’idepo y’ibidandazwa yidoze avuga ati: “Hamwe umuzungu yoguma muri iki gihugu, Umunyafirika ntazigera amenya ingene bariko bamurya imitsi, aruhira ubusa.” Ku bw’iyo mvo nyene, umukuru w’ishirahamwe ryimba inzahabu yarantegetse ankarira ngo ndamuvire mu biro. Yaciye anyimiriza, ishavu rigera i mutwe, gushika kw’ibarabara.
Intwaro ya Rodeziya (ubu kikaba ari igihugu ca Zimbabwe) yahavuye idutegeka kuva muri ico gihugu, bikaba bitabuze kuba ahanini vyavuye ku kosho ka mwene abo banyamadini n’abadandaza baturwanya. Twaritwaye muri sentare hanyuma turatsindira ukuhaguma, dusabwa gusa kutigisha Abanyafirika. Impamvu yatanzwe n’umutegetsi umwe, ngo ni uko ibisohokayandikiro vyacu “bitari bikwiranye n’ubwenge bw’Abanyafirika.” Ariko rero mu bindi bihugu, igikorwa cacu co kwigisha mu Banyafirika nta cakibujije, eka mbere cakiriwe neza. Kimwe muri ivyo bihugu cari Swazilande.
Twakirwa n’umwami muri Swazilande
Swazilande ni agahugu gatoyi kigenga gafise uburinganire bw’ibirometero-kwadarato 17.364, kakaba kigobetse mu gihugu ca Afirika y’Epfo. Aho ni ho twabonaniye na wa Mwami karuhariwe mu kuvuga ari we Sobhuza wa Kabiri, umwe twavuga mu ntango y’iyi nkuru. Icongereza yarasigatura, akaba yari yakimenye igihe yiga muri kaminuza yo mu Bwongereza. Naho yari yiyambariye ibisanzwe, yatwakiriye neza.
Ikiyago twagiraniye cari gishingiye kw’Iparadizo izoba kw’isi, Iparadizo Imana yategekanije kuzoha abantu b’imitima igororotse. N’ubwo atashimishijwe cane n’ico kiganiro, yarerekanye neza yuko ico kibazo cari kimuraje ishinga. Uwo mwami yari yihebeye guteza imbere ubuzima bw’abakene n’abantu batize. Yaranka ibikorwa vy’abamisiyonari benshi bo mu Biyita Abakirisu, baboneka ko bibanda canecane ku kugwiza abanywanyi kuruta ukwigisha. Ariko rero uwo mwami yari asanzwe azi igikorwa abenshi mu batsimvyi bacu bakora, kandi yaradukeje ku bw’igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya, na canecane kubera yuko twemera kugikora tudasaba guhembwa canke ngo tugire ibindi bintu twaka.
Igikorwa co kwigisha Bibiliya kinyaruka
Mu 1943, rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower rimenyereza abamisiyonari ryaratangujwe. Hashimikwa cane ku gukurikirana ugushimishwa kwose kubonetse aho kwitunira ku gutanga ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya. Mu 1950, twe na George twaratumiwe kwitaba ivyigwa vy’umugwi ugira 16 w’abitaba ishure ry’i Gileyadi. Aho ni ho natanguriye kubona Jean Hyde, umuvukanyikazi ameze neza w’umunya-Ostraliya yarungitswe gukorera ubumisiyonari mu Buyapani tumaze kuronka impapuro z’umutsindo. Ico gihe hari hagisabwa cane abirebange, ari na co gituma ubugenzi bwacu butashoboye rero kubandanya.
Aho duhereje kumenyerezwa i Gileyadi, twe na George twaciye turungikwa gukorera ubumisiyonari mw’izinga ryitwa Morisi, riri mw’Ibahari Indiyano. Twarakundanye n’abantu baho, turiga ururimi rwabo, twongera turigana na bo Bibiliya ku mihana iwabo. Mu nyuma murumunanje William be n’umukenyezi wiwe Muriel na bo nyene barasohotse ishure ry’i Gileyadi. Baciye barungikwa mu cibare nahora namamazamwo, ari co Kenya.
Imyaka umunani yarenganye nk’aka kanya, maze kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i New York mu 1958, narasubiye guhura na Jean Hyde. Twarongeye kuvyura ubugenzi bwacu, hanyuma duca turanywana. Naciye nimurwa aho nakorera ubumisiyonari mw’izinga rya Morisi, ndungikwa mu Buyapani, aho hakaba ari ho jewe na Jean twagiriye ubugeni mu 1959. Twaciye dutangura ikiringo gihimbaye cane c’igikorwa c’ubumisiyonari i Hiroshima, ico gihe hakaba hari gusa ishengero rimwe ritoyi. Ubu hari amashengero 36 muri ico gisagara.
Duha “sayonara” Ubuyapani
Haciye imyaka, ingorane z’amagara yacu twempi zatanguye gutuma umurimo wacu w’ubumisiyonari ugenda urushiriza kugora, amaherezo biba nkenerwa ko tuva mu Buyapani tukaja kugerera muri Ostraliya, igihugu c’amavukiro ya Jean. Umusi twava i Hiroshima wari umusi w’agahinda. Ku gituro c’amagariyamoshi, twarahaye “sayonara” (ni ukuvuga agasaga) abagenzi bacu bose badushika ku nyota.
Ubu, tugerereye muri Ostraliya, kandi dukoresheje ubushobozi buke dufise, turabandanya gukorera Yehova twifatanije n’Ishengero rya Armidale riri mu ntara ya New South Wales. Ese umunezero twagize wo gusangira ubutunzi bw’ukuri kwa Bibiliya n’abantu benshi cane mu kiringo c’imyaka nka 80! Nariboneye iterambere ritangaje rya porogarama yo kwigisha Bibiliya, nongera ndibonera ubwanje ibintu vyo mu vy’impwemu bihambaye vyagiye biraba. Nta muntu n’umwe canke umugwi w’abantu n’umwe ushobora kuvyiyitirira. Vy’ukuri, nitijije amajambo y’umwanditsi wa Zaburi, novuga nti: “Ivyo vyavuye k[uri Yehova] kandi ni igitangaza mu maso yacu.”—Zaburi 118:23.
[Ifoto ku rup. 28]
Uwu ni murumunanje George kuri wa muduga twagira inzu
[Ifoto ku rup. 28]
Aha nari ku Kiyaga Vigitoriya
[Ifoto ku rup. 29]
Abanyeshure bo mw’ishure ryisumbuye baje kwumviriza insiguro y’icese muri Swazilande mu 1938
[Amafoto ku rup. 30]
Aha ndi kumwe na Jean, ku musi w’ubugeni bwacu mu 1959, no muri iki gihe