Rwaruka—Yehova ntazokwibagira igikorwa mukora!
“Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.”—ABAHEBURAYO 6:10.
1. Igitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo be n’ica Malaki vyerekana gute yuko Yehova akenguruka umurimo urangura?
HOBA hari ikintu ciza uragirira umugenzi maze ntagire n’ijambo na rimwe ryo gukenguruka akubwira? Birashobora kubabaza cane igihe igikorwa ciza wagiriye umuntu agifashe minenegwe, canke n’ikibabaje rwose, ntaruhe anacibuka. Ariko rero, ese ukuntu atari ukwo bimeze igihe turangurira umurimo Yehova n’umutima wacu wose! Bibiliya ivuga iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.” (Abaheburayo 6:10). Iyumvire ico ivyo bisobanura. Yehova yobona vy’ukuri ko kuri we ari igikorwa co kugabitanya, ni ukuvuga icaha, hamwe yokwibagira ivyo wakoze be n’ivyo ubandanya kurangura mu murimo wiwe. Ntubona none ko ari Imana ikenguruka!—Malaki 3:10.
2. Ni igiki gituma gusukurira Yehova biba ikintu kidasanzwe koko?
2 Urafise akaryo kadasanzwe ko gusenga no gusukurira iyo Mana ikenguruka. Kubera yuko hariho abo musangiye ukwizera nk’amamiliyoni atandatu gusa ugereranije n’abantu nk’imiliyaridi zitandatu bari kw’isi yose, uca ubona ko agateka ufise ari ak’imbonekarimwe koko. Vyongeye, kuba uriko uratega ugutwi ukongera ukakira ubutumwa bw’inkuru nziza, ni ikimenyamenya c’uko Yehova akwitaho wewe ubwawe. Kanatsinda, Yezu yavuze ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye.” (Yohana 6:44). Vyemere, Yehova arafasha abantu umwumwe ku giti ciwe kugira ngo bungukire ku vyiza biva ku nkuka ya Kirisitu.
Kenguruka agateka gahambaye ufise
3. Abahungu ba Kora baseruye gute ko bakenguruka agateka bafise ko gusukurira Yehova?
3 Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, uri mu kibanza cihariye kugira utume umutima wa Yehova unezerwa (Imigani 27:11). Ico ni ikintu udakwiye kwigera ufata minenegwe. Abahungu ba Kora, baraseruye muri imwe mu mazaburi yahumetswe ugukenguruka agateka bari bafise ko gusukurira Yehova. Dusoma duti: “Kumara umusi umwe mu nyubakwa zawe kuruta kumara iyindi igihumbi ahandi. Nopfuma mpagarara ku gisapfu c’ingoro y’Imana yanje, hako noba mu mahema y’abanyakibi.”—Zaburi 84:10.
4. (a) Ni igiki coshobora gutuma bamwebamwe babona ko gusenga Yehova bibuza umwidegemvyo? (b) Ni mu buryo ubuhe Yehova yerekana ko ashashaye kwihweza abasavyi biwe no kubaha impera?
4 Woba nawe ari ukwo wumva umerewe ku bijanye n’agateka ufise ko gusukurira So wo mw’ijuru? Tuvugishije ukuri, gusenga Yehova rimwe na rimwe bishobora gusa nk’aho bikubuza umwidegemvyo. Ni ivy’ukuri yuko kubaho uhuza n’ingingo ngenderwako za Bibiliya bisaba ko wibabaza ku rugero runaka. Ariko rero, impera n’imperuka ivyo Yehova agusaba, ni ku neza yawe (Zaburi 1:1-3). Ikigeretseko, Yehova arabona utwigoro ugira, kandi arerekana ko akenguruka ukudahemuka kwawe. Nkako, Paulo yanditse yuko Yehova “aha impēra abamurondera” (Abaheburayo 11:6). Yehova aba ariko arondera akaryo ko kuguha impera. Hari umuhanuzi w’umugororotsi wo muri Isirayeli ya kera yavuze ati: “Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.”—2 Ngoma 16:9.
5. (a) Bumwe mu buryo bwiza kuruta ushobora kwerekana yuko umutima wawe utunganiye Yehova ni ubuhe? (b) Ni kubera iki kubwira abandi ibijanye n’ukwizera kwawe vyoshobora gusa n’ibigoye?
5 Bumwe mu buryo bwiza kuruta ushobora kwerekana yuko umutima wawe utunganiye Yehova, ni ukubwira abandi ibimwerekeye. Hoba hari akaryo uraronka ko kubwira bamwebamwe mu bo mwigana kw’ishure ibijanye n’ukwizera kwawe? Ubwa mbere, bishobora gusa n’ibigoye, mbere n’ico ciyumviro nyene coshobora kugutera ubwoba gatoyi. Ushobora kwibaza uti: ‘Vyogenda gute hamwe bontwenga? Bite ho hamwe bokwiyumvira ko idini yanje ari icaduka?’ Yezu yariyemereye ko atari abantu bose bokwumvirije ubutumwa bw’Ubwami (Yohana 15:20). Ariko rero, ivyo ntibisigura yuko utegerezwa kubaho ucokorwa canke ukumirwa. Igihushanye n’ivyo, Ivyabona benshi bakiri bato bararonse abantu babumviriza, mbere baranihesha icubahiro kinini ku runganwe rwabo mu kuguma bumiye ku vyo bizera.
“Yehova azogufasha”
6, 7. (a) Umwigeme umwe w’imyaka 17 yashoboye gute gushinga intahe ku bo bigana mw’isomero? (b) Ni igiki wigiye ku vyashikiye Jennifer?
6 Mugabo none ushobora gute kuronka uburindutsi bwo kuvuga ivyerekeye ukwizera kwawe? Ni kubera iki utokwiyemeza kuba inzirabugunge no kuvuga utarya umunwa igihe abantu bakubajije ku vyerekeye idini urimwo? Reka turabe ivyashikiye Jennifer, umwigeme w’imyaka 17. Avuga ati: “Twariko dufungura ivyo ku mutaga kw’ishure. Abakobwa twari twicaranye ku meza bariko bavuga ibijanye n’idini, maze umwe muri abo bakobwa aca ambaza idini ndimwo.” Mbega Jennifer yoba yarahagaritswe umutima n’ukwishura? Yiyemerera ati: “Egome, kubera yuko ntari nzi neza ingene bovyakiriye.” Ni igiki none Jennifer yakoze? Abandanya ati: “Nabwiye nya bakobwa yuko ndi Icabona ca Yehova. Nkibibabwira, babanje gusa n’abatangaye. Biboneka ko bari bazi yuko Ivyabona vya Yehova ari abantu bameze ukundi. Ivyo vyatumye baca bambaza ibibazo, nanje ndashobora kubakuramwo ivyiyumviro bimwebimwe bitari vyo bari bafise. N’inyuma y’uwo musi, bamwebamwe muri abo bakobwa baranyegera rimwe na rimwe bazanywe no kumbaza ibibazo.”
7 Jennifer yoba yaricujije kubona yarafashe akanya ko kuvugira aheru ivyo yemera? Habe namba! Avuga ati: “Igihe co gufungura kirangiye, numvise merewe neza ku co nagize. Ubu abo bakobwa barazi neza Ivyabona vya Yehova abo ari bo koko.” Impanuro Jennifer atanga ubu iroroshe: “Ubonye ko bigoye gushinga intahe ku bo mwigana mw’isomero canke ku bigisha, ca utura isengesho ubwo nyene. Yehova azogufasha. Uzonezerwa no kubona wakoresheje akaryo waronse kugira ushinge intahe.”—1 Petero 3:15.
8. (a) Isengesho ryafashije gute Nehemiya igihe yari ahanganye n’ibintu atari yiteze? (b) Ni ibintu bimwebimwe ibihe vyoshika kw’ishure, aho woshobora gusanga ukeneye gutura Yehova isengesho rigufi mu gacerere?
8 Urabona yuko Jennifer akugira inama yo ‘guca utura isengesho ubwo nyene’ Yehova, igihe akaryo kizanye ko gushinga intahe yerekeye ukwizera kwawe. Ivyo ni vyo neza na neza Nehemiya, uwari ajejwe guhereza igikombe Umwami w’i Buperesi Aritazeruzi yagize, igihe yahangana n’ibintu atari yiteze. Vyaraboneka ko Nehemiya yari atuntuye kubera ko yari yamenyeshejwe ibintu bitoroshe Abayuda barimwo akaba kandi yari yumvise ko impome za Yeruzalemu be n’amarembo yaho vyari vyarasenyaguritse. Umwami yarabonye ko Nehemiya asa n’uwuri mu maganya, ari co catumye amubaza ikitagenda neza. Imbere y’uko Nehemiya yishura, yarasenze asaba ubuyobozi. Maze yaciye asaba uruhusha abigiranye uburindutsi rwo gusubira i Yeruzalemu kugira ngo afashe kwubaka igisagara cari carasenyutse. Aritazeruzi yaremereye Nehemiya ivyo yari amusavye (Nehemiya 2:1-8). Ni icigwa ikihe uhakura? Wumvise uhagaritse umutima igihe habonetse akaryo ko gushinga intahe ku vyerekeye ivyo wizera, ntufate minenegwe akaryo ufise ko gusengera mu mutima. Petero yanditse ati: ‘Mukorere Yehova amaganya yanyu yose, kukw abababara.’—1 Petero 5:7; Zaburi 55:22.
‘Urama ugabirije kwishura uwukubajije’
9. Leah, umukobwa w’imyaka 13, yashoboye gute gutanga ibitabu Les Jeunes s’interrogent 23?
9 Rimbura ikindi cabonywe. Leah, umukobwa w’imyaka 13, yariko asoma igitabu Les Jeunes s’interrogent—Réponses pratiquesa mu gihe co gufungura imfungurwa zo ku mutaga kw’ishure. Avuga ati: “Abandi bariko barandaba, ngize gutya, mbona igugu ry’abantu bampagaze hejuru. Baca batangura kumbaza ivyerekeye ico gitabu.” Ku mpera y’uwo musi, abakobwa bane bari bamaze gusaba Leah ikopi y’ico gitabu. Bidatevye abo bakobwa baragihaye n’abandi ngo bagisome, bituma na bo nyene bashaka ikopi yabo. Mu ndwi zibiri zakurikiye, Leah yahaye abo bigana kw’ishure be n’abagenzi babo ibitabu Les Jeunes s’interrogent 23. Leah vyoba vyaramworoheye kuvugira aheru igihe mu ntango abandi bamubaza bashaka kumenya ivyo igitabu yariko arasoma kivuga? Habe na gato! Yiyemerera ati: “Mu ntango numva mpagaritse umutima. Mugabo narasenze, kandi nari nzi yuko Yehova ari kumwe nanje.”
10, 11. Akigeme k’Akisirayelikazi kashoboye gute gufasha umukuru w’ingabo z’Abasiriya kumenya ivyerekeye Yehova, kandi ni amahinduka ayahe uwo mukuru yagize mu nyuma?
10 Ivyashikiye Leah vyoshobora kukwibutsa ibintu bisa n’ivyo vyashikiye akigeme k’Akisirayelikazi kari katwawe inyagano i Siriya. Namani, umukuru w’ingabo z’Abasiriya yari umunyamibembe. Umugore wiwe ashobora kuba yatanguje ikiyago catumye ako kigeme kavugira aheru ukwizera kwako. Kavuze gati: “Icompa databuja akaja k’ūvugishwa n’Imana aba i Samariya! Yomukiza iyo mibembe yiwe.”—2 Abami 5:1-3.
11 Icavuye muri ukwo gushira amanga kw’ako kigeme, ni uko Namani yahavuye amenya ko “ata yindi Mana iriho mw isi yose, atari mu Bisirayeli.” Yaraniyemeje mbere yuko ‘ata kimazi yokwoshereje izindi mana canke ngo azihe ikindi kimazi ico ari co cose, atari Yehova wenyene’ (2 Abami 5:15, 17). Yehova abwirizwa kuba yarahezagiye umutima rugabo ako kigeme kagize. Arashobora kugirira nk’uko nyene abakiri bato muri iki gihe, kandi azobigira. Leah yasanze ivyo ari ko biri. Mu nyuma, bamwebamwe mu bo bigana kw’ishure baramwegereye maze bamubwira yuko ca gitabu Les Jeunes s’interrogent cariko kirabafasha mu bijanye n’inyifato yabo. Leah avuga ati: “Naranezerewe cane, kubera nari nzi yuko nariko ndafasha abandi kumenya ivyerekeye Yehova nkongera nkabafasha guhindura ubuzima bwabo.”
12. Ushobora gute gukomezwa kugira ngo urwanire ukwizera kwawe?
12 Ushobora kuba wariboneye ibintu bimeze nk’ivyo vya Jennifer na Leah. Nukurikire inkeburo ya Petero, we yanditse yuko wewe bwa mukirisu ukwiye kwama ‘witeguriye kwishura umuntu wese akubajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri wewe, ariko uri n’ubugwaneza, utinya’ (1 Petero 3:15). Ivyo ushobora kubikora gute? Niwigane ingendo y’abakirisu bo mu kinjana ca mbere basenze Yehova basaba ko yobafasha kwamamaza “bashize amanga rwose” (Ivyakozwe 4:29). Nuce rero ugira umutima rugabo mu kubwira abandi ivyo wizera. Hari aho wotangazwa n’ikivuyemwo. Bisubiye, uzotuma umutima wa Yehova unezerwa.
Amavidewo be n’ibikorwa bidasanzwe vy’ubushakashatsi
13. Ni uturyo utuhe abakiri bato bamwebamwe baronse two gushinga intahe? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 20 n’urwa 21.)
13 Abakiri bato benshi barasiguriye ukwizera kwabo abo bigana kw’ishure canke abigisha bakoresheje amavidewo. Rimwe na rimwe, ibikorwa vyo kw’ishure bijanye n’ukugira ubushakashatsi vyaratanze kandi akaryo ko gushemeza Yehova. Nk’akarorero, hari abahungu babiri b’imyaka 15, bompi bakaba bari Ivyabona vya Yehova, bahawe igikorwa kijanye n’ivyigwa vyabo vya kahise k’isi, kikaba cari ico kwandika raporo yerekeye rimwe mu madini ari kw’isi. Abo bompi uko ari babiri barakoreye hamwe mu kwandika raporo yabo bifashishije ca gitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieub. Babwirizwa kandi gushikiriza raporo y’iminuta itanu ku munwa. Bahejeje, umwigisha n’abanyeshure bari bafise ibibazo vyinshi cane gushika naho nya bahungu bagumye imbere y’abanyeshure mu kiringo c’iyindi minuta 20. Inyuma y’amayinga nk’angahe, abanyeshure bigana mw’isomero barabandanije kubaza ibibazo ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova!
14, 15. (a) Ni kubera iki gutinya umuntu ari umutego? (b) Ni kubera iki udakwiye kwumva utinye kubwira abandi ivyo wemera?
14 Nk’uko ivyo vyabonywe bivyerekana, urashobora kwironkera imihezagiro myinshi igihe ubwira abandi ivyo wizera kandi wemera bwa Cabona ca Yehova. Ntureke ngo ugutinya umuntu kukubuze agateka be n’umunezero ufise vyo gufasha abandi gushika ku kumenya Yehova. Bibiliya igira iti: “Gutinya abantu n’ukwitega umutego, arik’uwizigira Uhoraho azoba amahoro.”—Imigani 29:25.
15 Bwa mukirisu ukiri muto, niwibuke yuko ufise ikintu abo mu runganwe rwawe bakeneye cane, ni ukuvuga uburyo bwiza bwo kubaho ubu be n’umuhango w’ubuzima budahera bwo muri kazoza (1 Timoteyo 4:8). Igishimishije, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho ushobora kuba wiyumvira yuko abantu muri rusangi batanezwe ibintu canke ko bashira umutima ku vy’isi, itohoza rimwe ryahishuye yuko ica kabiri cose c’abakiri bato, bafatana uburemere idini. Ica gatatu cabo na co, bavuga ko ukwizera kwo mu vy’idini ari “co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose kigira akosho” mu buzima bwabo. Ivyo ni na ko biri no mu yindi mihingo myinshi yo kw’isi. Vyoshoboka neza yuko abo mu runganwe rwawe bo kw’ishure bohimbarwa no kwumviriza ivyo ushaka kubabwira kuri Bibiliya.
Bwa wukiri muto, niwiyegereze Yehova
16. Guhimbara Yehova bisaba iki, uretse ukubwira abandi ibimwerekeye?
16 Yamara ntiwumve, gutuma umutima wa Yehova unezerwa harimwo n’ibindi uretse ukuvuga ibimwerekeye. Urakeneye kandi guhuza uburyo wigenza n’ingingo mfatirwako ziwe. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.” (1 Yohana 5:3). Uzosanga ivyo ari ko biri niwiyegereza Yehova. Ivyo ushobora kubikora gute?
17. Ushobora gute kwiyegereza Yehova?
17 Nufate umwanya wo gusoma Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo. Uko urushiriza kwiga ivyerekeye Yehova, ni ko bizorushiriza kukworohera kumugamburukira no kumuyagira abandi. Yezu yavuze ati: “Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, . . . Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.” (Luka 6:45). Niwuzuze rero umutima wawe ibintu vyiza. Kubera iki none utokwishingira imigambi muri ivyo? Kumbure ushobora kuryohora mu bijanye no gutegura amakoraniro y’ishengero muri iyi ndwi iza. Umugambi wawe ukurikira ushobora kuba uwo kujamwo mu gutanga insasanuro ngufi mugabo zivuye ku mutima. Nkako, ni nkenerwa kandi yuko ushira mu ngiro ivyo wiga.—Ab’i Filipi 4:9.
18. Naho vyoshika ukarwanywa, ni igiki ushobora kwizigira udakeka?
18 Imihezagiro iva ku gusukurira Yehova ni iy’igihe kirekire, emwe, ni iy’ibihe bidahera. Ego ni ko, woshobora rimwe na rimwe gushikirwa no kurwanywa canke ugutyekezwa kubera uri Icabona ca Yehova. Mugabo ibuka Musa. Bibiliya ivuga yuko “yatumbera ingero azogererwa” (Abaheburayo 11:24-26). Na wewe urashobora kwizigira udakeka yuko Yehova azoguhera ku twigoro ugira two kwiga ibimwerekeye no kumuyagira abandi. Si ivy’imbeshere, ntazigera ‘yibagira ibikorwa vyawe n’urukundo werekanye ko ukunze izina ryiwe’.—Abaheburayo 6:10.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki ushobora kwemera udakeka ko Yehova aha agaciro umurimo urangura?
• Ni uburyo bwo gushinga intahe kw’ishure ubuhe bamwebamwe babonye ko bugenda neza?
• Ushobora gute gukomezwa kugira ngo ushinge intahe ku bo mwigana mw’isomero?
• Ushobora gute kwiyegereza Yehova?
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 20]
N’abakiri bato cane barashemeza Yehova!
Abatarashika mu buyabaga na bo nyene barashoboye gushinga intahe kw’ishure. Rimbura ibi vyabaye bigufi.
Hari agakobwa k’imyaka cumi kitwa Amber kiga mu mwaka wa gatanu kariko gasoma igitabu cavuga igitero Abanazi bagize ku Bayuda mu Ntambara ya Kabiri y’isi yose. Amber yafashe ingingo yo kuzanira umwigisha wiwe ya videwo Les triangles violets. Nya mwigisha yaratangajwe no kumenya yuko Ivyabona vya Yehova na bo nyene bahamwe mu gihe c’intwaro y’Abanazi. Uwo mwigisha yareretse iyo videwo abo mw’isomero bose.
Alexa agifise imyaka umunani, yarandikiye ikete abo mw’isomero ryiwe abasigurira igituma atifatanije na bo mu guhimbaza Noweli. Umwigisha wiwe yaratangaye cane ku buryo yasavye Alexa gusomera iryo kete n’ijwi ryumvikana imbere y’abo mw’isomero ryiwe, ngo yongere arisomere n’ayandi masomero abiri! Mu gusozera ikete ryiwe, yavuze ati: “Narigishijwe kwubahiriza ivyo abandi bemera bitandukanye n’ivyo jewe nemera, kandi ndabakengurukiye kubona mwarubahirije ingingo nafashe yo kudahimbaza Noweli.”
Haheze igihe gitoyi Eric atanguye mu mwaka wa mbere, yaratwaye kw’ishure Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, hanyuma asaba uruhusha rwo kucereka abo bigana mw’isomero. Umwigisha wiwe yavuze ati: “Ndagize ikindi ciyumviro. Ubwo ntiwosomera inkuru imwe abagize isomero?” Eric yarabigize. Mu nyuma, yarasavye abashaka ico gitabu bose gukiriza ukuboko. Hakirije abantu 18, ushizemwo n’umwigisha! Ubu Eric yumva ko yifitiye icibare kidasanzwe ashingiramwo intahe.
Agakobwa k’imyaka icenda kitwa Whitney karakenguruka ka gatabu Les Témoins de Jéhovah et l’instructionc. Kavuga gati: “Mawe yama aha abigisha banje ako gatabu uko umwaka utashe. Mugabo uno mwaka ni je nakabihereye. Ndabikesheje ako gatabu, mwigisha yarampaye agashimwe karonswa ‘umunyeshure yifashe neza mu ndwi.”
[Akajambo k’epfo]
c Ivyo bisohokayandikiro vyose vyavuzwe vyahinguwe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 21]
Ibihe bamwebamwe bakoresheje kugira bavuge ibijanye n’ukwizera kwabo
Igihe kw’ishure babatumye kugira raporo canke bakabaha igikorwa gisaba kugira ubushakashatsi, bamwebamwe bahisemwo ikiganiro catumye bashinga intahe
Abakiri bato batari bake barahaye umwigisha wabo videwo canke igisohokayandikiro kijanye n’ikiganiro kiriko kirihwezwa mw’isomero
Abakiri bato bamwebamwe igihe basoma Bibiliya canke igisohokayandikiro gishingiye kuri yo mu gihe c’akaruhuko, baregerewe n’abandi bakiri bato bababajije ibibazo
[Ifoto ku rup. 18]
Abaciye uruma boshobora gufasha mu kumenyereza urwaruka gusukurira Yehova