Inkuru y’ubuzima
Iminezero ntangere!
NK’UKO VYAVUZWE NA REGINALD WALLWORK
“Nta kintu na kimwe muri iyi si coshobora kugereranywa n’iminezero twaronkeye mu murimo w’igihe cose w’ubumisiyonari twaranguriye Yehova”! Ayo majambo aharaguye nayasanze mu dupapuro tw’umukenyezi wanje haciye igihe gitoyi apfuye muri Rusama 1994.
UKO nzirikana kuri ayo majambo ya Irene, nca nibuka imyaka 37 y’ubuhirwe kandi imara akanyota twamaze turi abamisiyonari muri Peru. Twarinovoye ubucuti bwiza bw’umugabo n’umugore buranga abakirisu kuva twubakanye muri Kigarama 1942, kandi aho ni ho bibereye ko ntangurira kwigana inkuru yanje.
Irene yakuriye mu gisagara ca Liverpool mu Bwongereza ari Icabona ca Yehova. Bavukana ari abakobwa batatu, se wabo akaba yahitanywe n’Intambara ya Mbere y’isi yose. Mu nyuma, nyina wiwe yaciye yubakana na Winton Fraser, maze bavyarana umuhungu bise Sidney. Gatoyi imbere y’uko Intambara ya Kabiri y’isi yose yaduka, uwo muryango wimukiye i Bangor mu Buraruko bw’igihugu ca Galles, hakaba ari ho Irene yabatirijwe mu 1939. Hari haheze umwaka Sidney abatijwe, gutyo we na Irene baciye bajana gukora ari abatsimvyi, ni ukuvuga abamamaji b’igihe cose ku nkengera y’Uburaruko bwa Galles, uhereye i Bangor ugashika i Caernarvon, ushizemwo n’izinga rya Anglesey.
Ico gihe nari mw’ishengero rya Runcorn ryari nko ku birometero 20 mu Bumanuko bushira Ubuseruko bwa Liverpool, nkaba nari uwo bita muri iki gihe umucungezi muhagarikizi. Irene yaranyegereye kw’iteraniro ry’umuzunguruko kugira abaze nimba yoshobora kuronka icibare yamamazamwo kubera ko yari agiye kumarana igihe gitoyi na mukuru wiwe Vera yubatse yaba i Runcorn. Jewe na Irene twaragiraniye ubucuti bwiza mu ndwi zibiri yamaranye natwe, maze mu nyuma ndamugendera i Bangor akatari gake. Urazi ukuntu nanezerewe igihe umusi umwe wo ku mpera y’umushamvu Irene yemera ivyo nari namusavye vy’uko twokwubakana!
Ku w’Iyinga nsubiye i muhira, naciye ntangura kwitegurira ubugeni bwacu, mugabo ku wa Kabiri nararonse telegarama. Yavuga ngo: “Urantunga, ndazi ko iyi telegarama iza kukubabaza, ubugeni bwacu ntibukibaye. Hari ikete rigiye kugushikira”. Vyarambabaje cane. Hoba hari habaye ingorane iyihe?
Ikete rya Irene ryashitse ku musi ukurikira. Yambwiye yuko yagomba aje i Horsforth muri Yorkshire gukorana ubutsimvyi na Hilda Padgetta. Yasiguye yuko hari haheze amezi 12 yemeye gukorera ahari inkenero nini aramutse abisabwe. Yanditse ati: “Kuri jewe iyo yari nk’indagano nagiranye na Yehova, kandi mbona yuko kubera nabimusezeraniye imbere y’uko ndakumenya, ntegerezwa kubishitsa”. Naho nari merewe nabi, narashimye cane ukutadohoka kwiwe, maze ndamurungikira telegarama yo kumwishura igira iti: “Genda. Nzokurindira”.
Irene ari Yorkshire, yaciriwe gupfungwa amezi atatu kubera ukwanka n’ibigirankana gushigikira intambara. Mugabo haciye amezi 18, muri Kigarama 1942 twaciye tugira ubugeni.
Imisi yanje yo mu ntango
Mu 1919, mawe yari yaraguze imbumbe z’igitabu Études des Écrituresb. Naho mawe atari bwigere asoma igitabu nk’uko dawe yabivuze atabesha, yari yiyemeje kwiga yitonze izo mbumbe be na Bibiliya yiwe. Yarabigize hanyuma abatizwa mu 1920.
Dawe ntiyabinegwa kandi ntiyabuza mawe gukora ico yashaka gukora, aho hakaba harimwo ukurerera mu nzira y’ukuri abana biwe bane, ni ukuvuga bashikanje babiri, ari bo Gwen na Ivy; mukuru wanje Alec hamwe na jewe. Stanley Rogers be n’ibindi Vyabona b’abizerwa b’i Liverpool barafashe ingendo baja gushikiriza insiguro zishingiye kuri Bibiliya i Runcorn, ahahavuye hashingwa bidatevye ishengero rishasha. Umuryango wacu warateye imbere mu vy’impwemu muri iryo shengero.
Gwen yariko akurikirana ivyigwa vyo kuronka ikomfirimasiyo mw’idini y’abangilikani mugabo yaciye ahagarika agitangura kwigana Bibiliya na mawe. Igihe umupatiri yatugendera kugira ngo amenye igituma atari akija mu vyigwa yatanga, yaracucagiwe ibibazo vyinshi atari yiteguriye neza. Gwen yaramubajije ico rya Sengesho ry’Umukama risobanura, amaherezo aba ari we arimusigurira! Yasozereye asubiramwo amajambo ari mu 1 Ab’i Korinto 10:21, aratomora yuko atokwigeze asubira kubandanya ‘kurira ku meza zibiri’. Igihe nya mupatiri yari atashe, yavuze yuko yosengeye Gwen hanyuma akagaruka aje kumwishura ibibazo vyiwe mugabo ntiyigeze agaruka. Gwen amaze kubatizwa, ntiyatevye kuba umwamamaji w’igihe cose.
Abakiri bato mw’ishengero ryacu baritwararikwa bimwe vy’akarorero. Ndibuka ndiko numviriza insiguro yariko itangwa n’umukurambere w’umushitsi igihe nari maze imyaka indwi. Ayirangije, yaraje kunganiriza. Namubwiye yuko nahora nsoma ivyerekeye Aburahamu be n’ukuntu yagerageje gutanga umuhungu wiwe Isaka kw’ikimazi. Yavuze ati: “Genda hariya mu mfuruka y’umukiruruko hanyuma ubinyiganire vyose”. Urazi ukuntu nanezerewe cane no guhagarara maze ngashikiriza ico nokwita insiguro y’icese yanje ya mbere!
Nabatijwe mfise imyaka 15 mu 1931, umwaka nyene mawe yapfiriyeko, nca ndava mw’ishure kugira ngo nige ivy’umuyagankuba. Mu 1936, haravuzwa ku mugaragaro insiguro zishingiye kuri Bibiliya zafashwe ku makaseti, maze hari umuvukanyikazi ageze mu zabukuru yaturemesheje twe na mwenewacu kuja muri mwene ico gikorwa. Twe na Alec rero twaciye tuja i Liverpool kugura ikinga hanyuma turakoresha igisandugu gikwegwa n’iryo kinga co gutwaramwo imashini yavuza izo nsiguro. Igikuzamajwi camanikwa inyuma kuri ico gisandugu amaja hejuru ku cuma kirekire kimeze nka antene kireha n’imetero zibiri. Nyene kugikora yatubwiye ko atari bwigere akora ikintu gisa na co, mugabo cakora neza! Twarahetuye icibare cacu n’akanyamuneza kenshi, tugakenguruka indemesho twahawe na wa muvukanyikazi be n’uduteka twatewe.
Intambara ya Kabiri y’isi yose iba igihe c’ukugeragezwa
Uko twarushiriza kubona ibimenyetso vy’intambara, twe na Stanley Rogers twaramenyekanisha twivuye inyuma insiguro y’icese yavuga ngo ‘Hangana n’ibintu biriho koko’, yari gutangirwa ahitwa Royal Albert Hall, i Londres ku wa 11 Nyakanga 1938. Mu nyuma naragiyemwo mu gutanga agatabu kanditswemwo iyo nsiguro be n’agatabu Fascisme ou Liberté (Ubufashisiti canke Umwidegemvyo) twasohowe mu mwaka wakurikiye. Utwo dutabu twompi twashira ku kabarore ivyipfuzo vyo gutwaza umukazo Ubudagi bwa Hitler bwari bufise. Muri ico gihe, nari nsigaye nzwi cane i Runcorn kubera ubusuku bwanje bwo ku mugaragaro kandi bwatuma nubahwa. Nkako, kuba nama ndi imboneza mu bikorwa vya gitewokarasi vyarangiriye akamaro.
Ihinguriro nakorera ryari ryarapatanye n’irindi hinguriro rishasha ryari ku nkengera y’igisagara kurishiriramwo umuyagankuba. Maze kumenya yuko iryo ryobaye ihinguriro ry’ibirwanisho, naravuze ntomora yuko ntoshoboye kuja gukorerayo. Naho abakoresha banje bitabahimbaye, umuhagarikizi wanje yaramvugiye baraheza bampa akandi kazi. Mu nyuma naramenye yuko inasenge wiwe na we nyene yari Icabona ca Yehova.
Uwo dukorana yarandemesheje cane igihe yavuga ati: “Erega wewe Reg, nta kindi tukwitezeko kubera yuko umaze imyaka myinshi uri muri ico gikorwa c’ivya Bibiliya”. Naho ari ukwo, nategerezwa kuba maso kubera yuko benshi mu bo twakorana bashaka kungirira nabi.
Ukwiyandikisha ko ntaja mu vya gisirikare bivuye ku vyo nizera kwaremewe na sentare y’i Liverpool muri Ruheshi 1940, mugabo rero bantegeka kuguma mu kazi nakora ico gihe. Urumva nawe ko ivyo vyamfashije kubandanya ubusuku bwanje bwa gikirisu.
Mu murimo w’igihe cose
Mu gihe intambara yari yimirije kurangira, nafashe ingingo yo guheba akazi kanje kugira nifatanye na Irene mu busuku bw’igihe cose. Mu 1946, narubatse igikonteneri c’imetero 5, icabaye inzu yacu, hanyuma mu mwaka ukurikira duca dusabwa kwimukira mu kagari ka Alveston kari muri Gloucestershire. Mu nyuma, twarakoreye ubutsimvyi mu cahoze ari igisagara ca Cirencester no mu gisagara ca Bath. Mu 1951, naciye ntumirwa kugendera amashengero yo mu Bumanuko bwa Galles ndi umucungezi w’ingenzi, mugabo hataraca n’imyaka ibiri, twaciye tuja kw’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower kugira ngo tumenyerezwe ivy’ubumisiyonari.
Ivyigwa vy’umugwi ugira 21 w’iryo shure vyabereye i South Lansing mu Buraruko bwa Leta ya New York, hanyuma turonka impapuro z’imitsindo mu 1953 kw’iteraniro ryitiriwe abagize ikibano c’isi nshasha ryabereye mu gisagara ca New York. Jewe na Irene ntitwigeze tumenya iyo tworungitswe gushika umusi twaronkeyeko impapuro z’umutsindo. Ese ukuntu twanezerewe tumenye ko tuzoja muri Peru. Uti kubera iki? Kubera yuko Sidney Fraser bavukana na Irene kuri nyina be n’umukenyezi wiwe Margaret bari bamaze umwaka urenga bakorera ku biro vy’ishami vya Lima inyuma y’aho basohokeye ivyigwa vy’i Gileyadi vy’umugwi ugira 19.
Tukirindiriye uruhusha rwo kugenda, twamaze igihe gitoyi dukorera kuri Beteli y’i Brooklyn, mugabo ntitwatevye guca dufata inzira tuja i Lima. Mu bikebere cumi twakoreyemwo ubumisiyonari, ica mbere cabaye Callao, ikivuko gikuru ca Peru, kiri neza na neza mu Burengero bwa Lima. Naho twari twarize utujambo tumwetumwe tw’ishimikiro tw’igisupanyoli, ico gihe yaba Irene canke jewe, nta n’umwe yari ashoboye kuyaga muri urwo rurimi. None twari kuvyifatamwo gute?
Ingorane twahuye mu gikorwa c’ukwamamaza be n’uduteka twaharonkeye
I Gileyadi, twari twarigishijwe yuko inabibondo atari we yigisha uruhinja rwiwe ururimi. Ahubwo, uruhinja rwiga igihe nyina aruyagisha. Impanuro rero twahawe yari iyi: “Mukimara gushika, muce muja mu gikorwa co mu ndimiro, hanyuma mwigire ururimi ku bantu baruvuga. Bazobafasha”. Mu gihe nariko nihatira kumenya urwo rurimi rushasha, iyumvire ukuntu numvise merewe aho ngenewe kuba umucungezi muhagarikizi w’ishengero rya Callao haheze indwi zibiri gusa dushitse! Naragiye kuraba Sidney Fraser, mugabo yampaye impanuro nk’imwe nyene twahabwa i Gileyadi. Yambwiye ati: “Niwifatanye n’ishengero be n’abantu bo mu cibare cawe”. Naciye niyemeza gukurikiza iyo mpanuro.
Umusi umwe ari ku wa Gatandatu mu gitondo, narasanze umubaji umwe aho akorera. Yavuze ati: “Sinshaka guta akazi kanje, mugabo ndakwinginze wicare hanyuma umbwire”. Namubwiye yuko ivyo nobikora mugabo yemeye kungirira iki kintu: “Mvuze ikosa, ndakwinginze uce unkosora. Ntibiza kumbabaza”. Yareguwe n’agatwengo hanyuma aremera ivyo ndamusavye. Namugendera kabiri mu ndwi kandi nasanze ubwo ari uburyo bwiza bwo kumenya urwo rurimi rushasha, nk’uko nyene bari barabimbwiye.
Mu gisagara ca Ica, igikebere kigira kabiri twarungitswe gukoreramwo ubumisiyonari nagiye mbona ngwa ku wundi mubaji maze ndamusigurira uko nahora ndabigenza i Callao. Na we nyene yaremeye kumfasha, gutyo ndushiriza kuryohora igisupanyoli canje, naho ivyo vyatwaye imyaka itatu kugira ngo mbe umuntu azi kukivuga neza. Uwo mugabo yama afise akazi kenshi mugabo naragerageza kumurongorera inyigisho ya Bibiliya mu kumusomera Ivyanditswe hanyuma ngaca ndamusigurira ico bisobanura. Hari indwi imwe nagiye kumuraba, umukoresha wiwe aca ambwira yuko yagiye gukora akandi kazi mu gisagara ca Lima. Haheze igihe, aho jewe na Irene dushikiye i Lima kugira twitabe ihwaniro, twarasubiye guhura na nya mugabo. Urazi ukuntu nanezerejwe no kumenya yuko yari yararondeye Ivyabona b’aho kugira ngo abandanye kwiga, be n’uko we n’umuryango wiwe bari baracitse abasavyi ba Yehova biyeguye!
Mw’ishengero rimwe, twasanze hari umugabo n’umugore bakiri bato babana bidaciye mu mategeko, mugabo bakaba bari barabatijwe. Igihe twaganira na bo ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zijanye n’ico kibazo, bafashe ingingo yo kwandikisha umubano wabo, bikaba vyari gutuma bakwiza ibisabwa vyo kuba Ivyabona babatijwe. Gutyo, naratunganije ivyo kubatwara ku biro biraba igisagara kugira ngo bandikishe umubano wabo. Ariko rero, haciye havyuka ingorane kubera bari bafise abana bane ata n’umwe muri bo yari yarandikishijwe, kandi ico kikaba cari ikintu gisabwa n’amategeko. Mu bisanzwe twaribajije ico umukuru w’igisagara yari kugira. Yavuze ati: “Kubera yuko aba bantu bameze neza, aba bagenzi banyu b’Ivyabona vya Yehova, babonye ko mukwiye kwandikisha umubano wanyu, sindinda kubasaba impapuro zitangwa n’abacamanza zisabwa ku mwana umwumwe wese, ndabandika ku buntu”. Ese ukuntu twakengurutse cane, nakare uwo muryango wari usanzwe wikeneye, ico bari kubasaba cose kikaba cari kuba ari umutwaro munini kuri bo!
Mu nyuma umuvukanyi Albert D. Schroeder avuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn yaratugendeye, maze avuga ko hoshingwa iyindi nzu y’abamisiyonari mu kandi gace ka Lima. Gutyo jewe na Irene be n’abavukanyikazi babiri, ari bo Frances na Elizabeth Good bava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’abubakanye baturuka muri Kanada twarimukiye mu ntara ya San Borja. Mu myaka ibiri canke itatu, twarahezagiwe mu kuronka irindi shengero ritera rija imbere.
Igihe twakorera i Huancayo, nko ku metero zirenga 3.000 mu misozi yo mu gihugu hagati, twarifatanije n’ishengero ryaho ryarimwo Ivyabona 80. Ngaho naragize uruhara mu bijanye n’Ingoro y’Ubwami igira kabiri yagira yubakwe muri ico gihugu. Naragenywe ngo mbe uwuserukira Ivyabona vya Yehova imbere y’amategeko, kubera yuko vyabaye ngombwa ko tugenda muri sentare incuro zitatu kugira ngo turonke uburenganzira bwemewe n’amategeko bwo kwegukira itongo twari twaraguze. Ivyo bikorwa, ushizemwo n’ic’uguhindura abantu abayoboke cakozwe n’abamisiyonari benshi b’abizerwa muri iyo myaka yo mu ntango, ni co catumye haba iyongerekana ryiza tubona ubu muri Peru, Ivyabona bo muri ico gihugu bakaba bavuye ku 283 mu 1953, bashika ku Vyabona 83.000 bariho ubu.
Ugutandukana kubabaje
Twararyoherwa no kuba turi kumwe n’abamisiyonari bagenzi bacu mu mazu yacu yose y’abamisiyonari, aho kenshi nama nterwa agateka ko kuba umucungezi w’uburaro. Igihe cose ku wa Mbere mu gitondo twarahurira hamwe kugira ngo tuganire ivy’igikorwa tuzokora muri uwo mushamvu wose, no kugira tugabanganye ibikorwa vyo kubungabunga inzu yacu. Twese twabona ko ikintu nyamukuru ari ukwamamaza, ku bw’ivyo rero, twese twakora duhuje inama. Ndahimbarwa no kwibuka ko tutigeze duhazuka bikomeye mu nzu imwimwe yose mu zo twabayemwo.
Aho twaherukiye gukorera ni i Breña, akandi gace k’igisagara ca Lima. Ishengero ryaho rirangwa urukundo rigizwe n’Ivyabona 70, ntiryatevye gutera imbere gushika ku Vyabona barenga 100, hakaba haciye hashingwa irindi shengero i Palominia. Ico ni co gihe Irene yarwara. Natanguye kubona yuko rimwe na rimwe atashobora kwibuka ivyo yavuze, kandi vyarashika bikamugora kwibuka inzira ija i muhira. Naho abaganga bamwitwararitse uko bashoboye, amagara yiwe yagiye aramera nabi buhorobuhoro.
Ikibabaje ni uko mu 1990, nategerejwe kuringaniza ivy’ugusubira mu Bwongereza, aho mushikanje Ivy yatwakiriye neza mu nzu yiwe. Hashize imyaka ine, Irene ashikanye imyaka 81, yaciye apfa. Narabandanije ubusuku bw’igihe cose, nkora ndi umukurambere muri rimwe mu mashengero atatu yo mu gisagara canje c’amavuko. Rimwe na rimwe, ndakubitira kandi i Manchester kugira ngo ndemeshe umugwi waho ukoresha ururimi rw’igisupanyoli.
Mperutse kubona ikintu gishwangamura umutima haciye imyaka mirongo kibaye, igihe navugiriza abo nasanga ku mihana insiguro z’iminuta itanitanu nkoresheje icuma kirekura amajwi. Ndibuka neza na neza umukobwa w’umunyeshure ahagaze inyuma ya nyina wiwe ku rugi ariko yumviriza ubwo butumwa.
Uwo mukobwa yahavuye yimukira muri Kanada, kandi arafise umugenzi akiba i Runcorn ubu ari Icabona bagumye bandikiranira. Aherutse kumwandikira amubwira ko Ivyabona babiri bari bamugendeye maze bakoresha amajambo yatumye aca yibuka ivyo yari yarumvise muri ya nsiguro y’iminuta itanu yavuzwa. Kubera ko yatahuye yuko ari ukuri, ubu yaracitse umusavyi wa Yehova yiyeguye kandi yasavye yuko ugukenguruka kwiwe kwoshikira umusore yagendeye inzu ya nyina wiwe ubu haciye imyaka 60! Mu vy’ukuri, ntitwigera tumenya ukuntu imbuto z’ukuri zizoshinga imizi hanyuma zigakura.—Umusiguzi 11:6.
Egome, ndatereza akajisho inyuma n’ugukenguruka kwinshi nkaraba ubuzima namaze mu murimo w’agaciro wa Yehova. Kuva niyeguye mu 1931, sinigeze nsiba iteraniro ry’abasavyi ba Yehova. Naho jewe na Irene ata mwana n’umwe twavyaranye, ndanezerwa kubona mfise abahungu n’abakobwa bo mu vy’impwemu barenga 150, bose bakaba bakorera Data wa twese wo mw’ijuru Yehova. Nk’uko umukenyezi wanje nakunda cane yabivuze, uduteka twagize twabaye koko umunezero ntangere.
[Utujambo tw’epfo]
a Inkuru y’ubuzima ya Hilda Padgett yasohotse mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1995, urupapuro rwa 19-24, ahavuga ngo: “Je marche sur les traces de mes parents”.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 24]
Mawe mu ntango z’imyaka y’1900
[Ifoto ku rup. 24, 25]
Ibubamfu: Hilda Padgett, jewe, Irene be na Joyce Rowley turi i Leeds mu Bwongereza mu 1940
[Ifoto ku rup. 25]
Hejuru: Jewe na Irene turi imbere y’igikonteneri twabamwo
[Ifoto ku rup. 27]
Turiko dutangaza insiguro y’icese i Cardiff muri Galles mu 1952