Gufasha umugwi ukoresha ururimi rudasanzwe muri Koreya
HARI umugwi w’abantu banezerewe ariko batekereje bari bakoraniye hamwe kw’ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova mu ci ryo mu 1997. Iryo ryari ryo hwaniro rya mbere ry’ibipfamatwi rigizwe muri Koreya. Igitigiri c’agaheta c’abaryitavye bari abantu 1.174. Porogarama yose, iyari igizwe n’insiguro, ibiganiro vyo kubaza ibibazo be n’igikino, yashikirijwe mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyakoreya yongera irerekanwa ku cuma kinini cerekana amasanamu cashobora kubonwa n’abari mu Ngoro y’Amateraniro bose. Ico cari igihe c’agakura ku bishakire bari bamaze imyaka myinshi bakora bagatama.
Igihe kizoshika aho mw’iparadizo yo kw’isi ‘ibipfamatwi bizoziburwa’ (Yesaya 35:5). Kugira ngo uwo ari we wese ushizemwo n’ibipfamatwi ashobore kuba muri iyo Paradizo, ategerezwa kubanza kwinjira mw’iparadizo yo mu vy’impwemu, ni ukuvuga ugusagamba kwo mu vy’impwemu kw’abasavyi b’Imana bahezagiwe. Ategerezwa gucika Icabona ca Yehova yiyeguye kandi yabatijwe, akaba uwigishijwe na we.—Mika 4:1-4.
Intango zibayabaye
Naho ubutumwa bwiza bwamamazwa bimwe bidashemeye mu bipfamatwi mu myaka y’1960, mu myaka y’1970 ni ho bakeyi muri bo batangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova i Seoul, umurwa mukuru wa Koreya. Umuvukanyi ashoboye kwandika anyarutsa yarandika ku kibaho ivyiyumviro bikurubikuru vyashikirizwa mu nsiguro, ushizemwo n’ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyakoreshwa.
Mu 1971 mu gisagara ca Taejon, Icabona umwe yari afise umuhungu w’igipfamatwi yaratanguye kwigisha ubutumwa bw’Ubwami uwo muhungu wiwe be na bagenziwe b’ibipfamatwi. Muri uwo mugwi ni ho hahavuye havamwo abantu b’abanyamwete batari bake basigaye ari inkingi mu cibare gikoresha ururimi rw’ibimenyetso.—Zekariya 4:10.
Abakiri bato baritanga babikunze
Mu gihe ibipfamatwi bokeneye kwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova na Yezu, gutyo bakaja mu nzira ijana mu buzima, vyobaye ngombwa ko abandi bishakire bagira akigoro kaboneka (Yohana 17:3). Kugira ngo ivyo bishoboke, hari Ivyabona vya Yehova bakeyi bize ururimi rw’ibimenyetso hanyuma baribonera ibintu biteye umunezero.
Umuhungu umwe yitwa Park In-sun w’imyaka 15 yarishingiye umugambi wo kwiga ururimi rw’ibimenyetso. Kugira ngo arwige, yaragiye kwimenyereza mw’ikompanyi yakoramwo umugwi w’ibipfamatwi 20. Mu kiringo c’amezi umunani, yarakoranye cane na bo kugira yige urwo rurimi yongere yige n’uburyo bwabo bwo kwiyumvira. Mu mwaka ukurikira, yaciye aba umutsimvyi asanzwe, arakorana n’umugwi w’abantu b’ibipfamatwi bashimishwa n’ukwiga ukuri kwo muri Bibiliya. Uwo mugwi warongerekanye ningoga na ningoga, hanyuma bidatevye abantu barenga 35 baritaba amakoraniro yagirwa ku w’iyinga.—Zaburi 110:3.
Inyuma y’aho, hararinganijwe ari bwo bwa mbere i Seoul amakoraniro ya gikirisu mu rurimi rw’ibimenyetso gusa. Umuvukanyi Park In-sun yakora ari umutsimvyi adasanzwe muri uwo mugwi watera wongerekana. Ico gihe rero, yari amaze kumenya gukoresha neza ururimi rw’ibimenyetso. Mu mezi makeyi gusa, yarongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana z’ibipfamatwi 28. Benshi muri abo barateye imbere hanyuma bacika Ivyabona vya Yehova.
Bivuye kuri ico gikorwa abishakire bakoranye umwete mwinshi, ishengero rya mbere rikoresha ururimi rw’ibimenyetso ryarashinzwe i Seoul muri Gitugutu 1976, rikaba ryarimwo abamamaji 40 n’abatsimvyi basanzwe 2. Ivyo vyatumye hatanguzwa igikorwa no mu bindi bisagara vy’i Koreya. Abantu b’ibipfamatwi benshi bari banyotewe inkuru nziza kandi bari barindiriye kugenderwa.
Gukorera mu bipfamatwi
Ushobora kwibaza ukuntu bashobora kumenya aho ibipfamatwi biri. Abatari bake muri bo babarangirwa n’abandi. Vyongeye, baregera bene amamangazini y’imiceri bo muri ako karere maze bakabaha amazina y’abantu b’ibipfamatwi be n’aho bobasanga. Ibiro vya Leta bimwebimwe vyarafasha mu gutanga amakuru nk’ayo. Icibare kibamwo abantu b’ibipfamatwi carashoboye guheturwa cane ku buryo hashize igihe, amashengero ane akoresha ururimi rw’ibimenyetso yavutse. Abakiri bato benshi b’abakirisu bararemeshejwe kwiga ururimi rw’ibimenyetso.
Abatsimvyi badasanzwe bari barize ururimi rw’ibimenyetso bararungitswe n’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova gukorana n’ayo mashengero. Abasohotse rya Shure rimenyereza abasuku baherutse kurungikwa muri ayo mashengero hanyuma barayakomeza mu buryo bw’impwemu.
Hariho ingorane umuntu ategerezwa gutsinda. Gukorera muri ico cibare bisaba kugira akigoro kugira ngo utahure imico kama y’ibipfamatwi. Ntibacisha ku ruhande mu vyo biyumvira no mu vyo bakora. Ivyo rimwe na rimwe biratangaza abantu kandi bishobora gutuma babatahura ukutari ko. Vyongeye, igihe Ivyabona barongorera ibipfamatwi inyigisho ya Bibiliya ibera ku muhana, birakenerwa ko babafasha kumenya neza ururimi rwabo bakongera bakabaremesha kwagura porogarama yabo yo gusoma no kwiga.
Mu mirimo yabo ya misi yose, ibipfamatwi barahura n’ingorane usanga ahanini abandi badashobora kumenya. Kuganira mu biro vya Leta, ku mavuriro be no mu bintu bisanzwe bijanye n’ivy’ubucuruzi, usanga akenshi ari ingorane zitoroshe kuri bo. Kubera ko Ivyabona bo mu mashengero ahegereye batanze imfashanyo iranga urukundo, ibipfamatwi bo mw’ishengero rya gikirisu bariboneye ikivukano nyakuri.—Yohana 13:34, 35.
Ugushinga intahe akaryo kizanye biragira ico bivamwo
I Pusan, kikaba ari igisagara gikuru co ku kivuko co mu Bumanuko bwa Koreya, hari Icabona yahuye n’abantu b’ibipfamatwi babiri banditse ku gapapuro amajambo akurikira: “Turakunda Iparadizo. Turashaka kumenya ivyanditswe bivuga ubuzima budahera”. Uwo muvukanyi yaranditse aderese yabo hanyuma ategura ivyo kubagendera. Igihe yabagendera, yasanze hari umugwi munini w’ibipfamatwi barindiriye kwumva ubutumwa bw’Ubwami. Ico kintu cabaye catumye atangura kwiga ururimi rw’ibimenyetso. Bidatevye, ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso ryarashinzwe i Pusan.
Hari umuvukanyi wo muri iryo shengero yabonye abantu babiri b’ibipfamatwi bariko baraganira mu rurimi rw’ibimenyetso hanyuma aca arabegera. Amaze kubona ko bari bavuye mu misa, yaciye abatumira kuza ku Ngoro y’Ubwami isaha umunani zo ku muhingamo w’uwo musi nyene. Baraje, hanyuma inyigisho ya Bibiliya iratangura. Bidatevye inyuma y’aho, abo uko ari 2 baritavye ihwaniro ry’intara bari kumwe n’abandi bagenzi babo b’ibipfamatwi 20. Muri uwo mugwi, abenshi bareguriye ubuzima bwabo Yehova. Babiri bahavuye bacika abakurambere b’ishengero umwe na we aba umukozi w’ishengero, bakaba bakorera mu mashengero akoresha ururimi rw’ibimenyetso.
Umwiyemezo uravamwo impera
Kubera yuko hari abantu b’ibipfamatwi baba kure y’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso, akenshi harasabwa akigoro gakomeye n’umwiyemezo kugira ngo bame baronswa imfungurwa z’ivy’impwemu ziva muri Bibiliya. Nk’akarorero, hari umugabo umwe w’imyaka 31 yari abeshejweho n’ukuroba ku nkengera y’izinga. Yarumvise biciye kuri murumunawe ubutumwa bwo muri Bibiliya, uwo na we akaba yari yaraganiriye n’Ivyabona vya Yehova. Kugira ngo yimare inzara yo mu vy’impwemu, uwo murovyi w’igipfamatwi yaragize urugendo rw’ibirometero 16 mu bwato, aja mu gisagara ca Tongyoung kiri ku nkengera y’Ubumanuko bwa Koreya. Urwo rugendo yarugize kugira ahure n’umutsimvyi adasanzwe wo mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso ryo mu gisagara ca Masan. Imisi yose ku wa mbere, uwo mutsimvyi adasanzwe yaragira urugendo rw’ibirometero 65 kugira gusa arongorere inyigisho ya Bibiliya nya murovyi w’igipfamatwi.
Kugira yitabe ikoraniro ryo ku w’iyinga ryabera mu gisagara ca Masan, uwo mutohoji wa Bibiliya w’igipfamatwi yategerezwa kugira urugendo rw’ibirometero 16 mu bwato, hanyuma agaca afata ibisi kugira ngo agire urundi rugendo rw’ibirometero 65. Umwiyemezo wiwe waravuyemwo ikintu ciza. Mu mezi makeyi, yari amaze kuryohora ururimi rw’ibimenyetso, kwiga indome nyinshi z’igikoreya, kandi n’igihambaye kuruta, yari amaze kumenya uburyo bumwe bwonyene butuma umuntu yunga ubucuti na Yehova. Amaze kubona akamaro k’amakoraniro n’ako gushinga intahe ubudahorereza, yaciye yimukira mu cibare c’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Ivyo vyoba vyari vyoroshe? Habe namba. Yategerezwa guheba akazi kiwe k’uburovyi kamuronsa amadolari y’Abanyamerika 3.800 (amafaranga y’amarundi arenga 3.800.000) ku kwezi, mugabo umwiyemezo wiwe waravuyemwo impera. Amaze gutera imbere mu kuri, yarabatijwe, ubu akaba asukurira Yehova anezerewe ari kumwe n’umuryango wiwe.
Ubuhinduzi ku bw’ibipfamatwi
Inkuru nziza y’Ubwami akenshi ishikirizwa ku munwa. Ariko rero, kugira ngo ubwo butumwa buva mw’Ijambo ry’Imana bushikirizwe ata gakosa, ni ivya nkenerwa ko inyigisho yo muri Bibiliya ishikirizwa mu buryo bwanditswe. Gutyo, mu kinjana ca mbere, abagabo b’inararibonye baranditse ibitabu be n’amakete (Ivyakozwe 15:22-31; Abanyefeso 3:4; Ab’i Kolosayi 1:2; 4:16). Mu gihe cacu, imfungurwa z’ivy’impwemu umukimba ziratangwa biciye ku bitabu no ku bindi bisohokayandikiro vya gikirisu. Ivyo vyarahinduwe mu ndimi amajana n’amajana ushizemwo n’indimi z’ibimenyetso zitandukanye. Kugira ngo bihindurwe mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyakoreya, ibiro vy’ishami birafise urwego rw’ubuhinduzi bw’ururimi rw’ibimenyetso. Urwego rushinzwe ivy’amavidewo rurahingura amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso. Ivyo biraronsa imfungurwa zo mu vy’impwemu abamamaji b’inkuru nziza b’ibipfamatwi be n’abashimishijwe mu mashengero ari muri Koreya hose.
Naho abenshi bamenye neza ururimi rw’ibimenyetso hanyuma bagasahiriza mu guhingura amavidewo, akenshi abahinduzi babishoboye kuruta usanga ari abana bavutse ku bavyeyi b’ibipfamatwi. Ururimi rw’ibimenyetso baba bagwize kuva mu buhinja bwabo. Abo bahinduzi ntibakoresha neza gusa ururimi rw’ibimenyetso, mugabo kandi baratanga insobanuro bakongera bagashimika ku butumwa mu buryo bukora ku mutima bakoresheje ibimenyetso vy’umubiri no maso habo, gutyo bagashikira umuzirikanyi n’umutima.
Nk’uko twabibonye, amahwaniro n’amateraniro ubu aragirwa mu rurimi rw’ibimenyetso ubudahorereza muri Koreya. Harakenerwa gukorwa vyinshi, gusohora amahera menshi no kugira akigoro kanini kugira ngo agirwe. Ariko rero, ababa bayitavye barakenguruka iyo ntunganyo. Iyo mitororokano imaze kurangira, abenshi baca bagumaho umwanya utari muto, bashaka kubandanya bibereye kumwe n’abandi be no kugira bayage ku mfungurwa z’ivy’impwemu ziba zatanzwe. Biratomoye ko gukorera muri uwo mugwi udasanzwe bifise intambamyi vyisangije, mugabo imihezagiro yo mu vy’impwemu bivamwo ituma bitaba ivy’impfagusa.
[Ifoto ku rup. 10]
Amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso yahinguriwe muri Koreya:
“Ni Ibiki Imana Idusaba?”, “Nidushime Iragi Twahawe ry’Ivy’Imana”, “Uturorero two Kutuburira Muri Iki Gihe” be na “Niwubahe Ubukuru bwa Yehova”
[Amafoto ku rup. 10]
Uvuye aha munsi ukurikiza uko urushinge rw’isaha ruzunguruka: Videwo yo mu rurimi rw’ibimenyetso iriko irahingurirwa kw’ishami ryo muri Koreya; gutegura ibimenyetso bikoreshwa ku bijanye n’ibintu vya gitewokarasi; umugwi w’ubuhinduzi bw’ururimi rw’ibimenyetso; kuyobora uwugira ibimenyetso mu gihe co guhingura ividewo