Nurondere iciza mu bantu bose
“Mana yanje, uz’ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza”.—NEHEMIYA 13:31.
1. Ni gute Yehova agirira abantu bose ibiranga ukumera neza?
IYO hari hamaze imisi ibipfungu kandi hafurunganye, akazuba katse haca hasa neza. Abantu bumva bamerewe neza, bakumva baryohewe. N’iyo hari haheze igihe kirekire haka uruzuba kandi hashushe, imvura iguye, mbere n’aho yoba ari imvura y’isegenya, bituma abantu bumva baruhuriwe kandi borohewe. Umuremyi wacu munyarukundo Yehova yarashize mu kirere iyo ngabirano nziza igitangaza ijanye n’ihindagurika ry’ibihe. Yezu yarakwegeye ivyiyumviro ku gutanga cane kw’Imana igihe yigisha ati: “[“Bandanye gukunda abansi banyu no gusabira”, NW] ababahama, kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’aha imvura abagororotsi n’abagabitanya” (Matayo 5:43-45). Egome, Yehova agirira abantu bose ibiranga ukumera neza. Abasavyi biwe bakwiye kwihatira kumwigana mu kurondera iciza mu bandi.
2. (a) Ni igiki gituma Yehova agira ibiranga ukumera neza? (b) Ni igiki Yehova yitegereza mu bijanye n’ukuntu twakira ukumera neza kwiwe?
2 Ni igiki gituma Yehova agira ibiranga ukumera neza? Kuva aho Adamu agwiriye mu caha, Yehova ntiyaretse kurondera iciza mu bantu (Zaburi 130:3, 4). Umugambi afise ni uwo gutuma umuryango w’abantu bagamburuka usubira kuronka ubuzima mw’Iparadizo (Abanyefeso 1:9, 10). Ubuntu atugirira tutabereye bwaraturonkeje icizigiro co kubohorwa mu caha n’agasembwa biciye ku Rubuto rwasezeranywe (Itanguriro 3:15; Abaroma 5:12, 15). Kwemera intunganyo y’incungu bituma amaherezo abantu bazosubira kuba abatagira agasembwa. Ubu Yehova ariko yitegereza umwumwe wese muri twebwe kugira arabe, nk’akarorero ukuntu twakira ugutanga cane kwiwe (1 Yohana 3:16). Aritegereza ivyo dukora vyose kugira tugaragaze ko dukenguruka ukumera neza kwiwe. Intumwa Paulo yanditse ati: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo”.—Abaheburayo 6:10.
3. Ni ikibazo ikihe bikwiriye ko turimbura?
3 Dushobora gute none kwigana Yehova mu kurondera iciza mu bandi? Reka twihweze inyishu z’ivyo bibazo mu mice ine y’ubuzima: (1) mu busuku bwa gikirisu, (2) mu rugo, (3) mw’ishengero, be no (4) mu bucuti tugiranira n’abandi.
Mu kwamamaza no mu guhindura abantu abigishwa
4. Ni gute kuja mu busuku bwa gikirisu ari ukugaragaza ko turondera iciza mu bandi?
4 ‘Indimiro ni isi’, ukwo ni ko Yezu yasiguye mu kwishura ibibazo abigishwa biwe babajije ku bijanye n’insobanuro y’umugani w’uburo n’urwamfu. Bwa bigishwa ba Kirisitu bo mu gihe ca none, turatahura ukwo kuri igihe tuja mu busuku bwacu (Matayo 13:36-38; 28:19, 20). Ubusuku bwacu bwo mu ndimiro burimwo ukuvugira aheru ukwizera kwacu. Kuba Ivyabona vya Yehova bazwi kubera ubusuku barangura inzu ku nzu no mu mabarabara, birerekana ko turi abanyabwira mu kurondera ababereye ubutumwa bw’Ubwami. Nkako, Yezu yategetse ati: “Igisagara cose cank’imihana muzoshikamwo, muhabaze ūbereye”.—Matayo 10:11; Ivyakozwe 17:17; 20:20.
5, 6. Ni kubera iki tubandanya kugendera abantu i muhira iwabo twisubiriza?
5 Igihe tugendera abantu batadutumiye, turitegereza ukuntu bakira ubutumwa tubashiriye. Rimwe na rimwe dusanga umwe wo muri urwo rugo ari we aduteze ugutwi, mu gihe uwundi wo muri rwo asemerera ngo “Ntibidushimisha”, ikiganiro kikaba gihereye aho. Ese ukuntu twumva tubabaye kubona umuntu umwe yaturwanije canke ntashimishwe, atuma uwundi atatwakira! Ni igiki none dushobora gukora kugira ngo tugume turondera iciza mu bantu bose?
6 Gusubira kugendera uwo muhana mu gihe tuba turiko turamamaza muri ako karere, vyoshobora kuturonsa akaryo ko kwivuganira na wa muntu yatuma tutabandanya ikiganiro imbere y’aho. Kwibuka ivyabaye ico gihe birashobora kudufasha kwitegura. Uwaturwanije ashobora kuba yabigize bivuye ku mvo zumvikana, yiyumvira yuko akwiye kubuza uwushaka kutwakira ngo ntiyumvirize ubutumwa bw’Ubwami. Ivyiyumviro vyiwe bishobora kuba vyava ku makuru y’ikinyoma yumvise ku vyerekeye ikitugenza. Mugabo ivyo ntibitubuza kubandanya kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kuri uwo muhana, tugerageza gukosora ukwo gutahura ibintu nabi tubigiranye ubugenge. Turitwararika gufasha abantu bose kugira bashike ku kugira ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana. Birashoboka rero ko Yehova azokwēgēra uwo muntu kuri we.—Yohana 6:44; 1 Timoteyo 2:4.
7. Ni igiki gishobora kudufasha kubona ibintu mu buryo bwiza igihe dushikira abantu?
7 Inyigisho Yezu yahaye abigishwa biwe zarimwo ivy’uko umuntu yorwanijwe n’abo mu muryango. None ntiyavuze ngo: “Naje guteranya umwana na se, n’umukobga na nyina, n’umukazana na inabukwe”? Yezu yongeyeko ati: “Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe” (Matayo 10:35, 36). Yamara, uko ibintu vyifashe be n’agatima umuntu agaragaza birahinduka. Indwara ije giturumbuka, ukubura umuntu w’incuti, ivyago, ingorane zo mu vy’akanyengetera be n’ibindi bintu vyinshi, biragira ico bikoze ku nyifato abantu bagira igihe tuba turiko turamamaza. Niba tubona ibintu mu buryo butari bwiza, tukabona yuko abantu batazokwigera batwumviriza, wumva none twoba turiko turarondera iciza muri bo? Ni kubera iki tutogira umunezero wo gusubira kubagendera ikindi gihe? Hari aho twosanga bahinduye inyifato. Rimwe na rimwe, ivyo tuvuga si vyo gusa bituma baca batwakira neza, ahubwo ni uburyo tubivuga. Gusengana ubwira Yehova imbere y’uko dutangura kwamamaza ntibizobura kudufasha kubona ibintu mu buryo bwiza no gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami mu buryo bukwegera bose.—Ab’i Kolosayi 4:6; 1 Ab’i Tesalonike 5:17.
8. Ni igiki gishobora kuvamwo igihe abakirisu barondera iciza mu ncuti zabo zitizera?
8 Mu mashengero amwamwe, benshi mu basangiye umuryango usanga basukurira Yehova. Akenshi usanga icatumye abakiri bato bashima uwo mu ncuti akuze kandi bakamwubaha, ari uko yakomeye ku muheto. Ubucuti bwiza agira mu muryango no mu mubano wiwe butuma abakiri bato bagira ihinduka ryo mu mutima. Kwumvira impanuro y’intumwa Petero vyarafashije abakenyezi benshi bakirisu kuresha abagabo babo “batagize ijambo bavuze”.—1 Petero 3:1, 2.
Mu rugo
9, 10. Yakobo na Yozefu barondeye iciza gute mu muryango wabo?
9 Ubucuti bushika butuma abagize urugo bafatana mu nda, ni ahandi hantu dushobora kurondera iciza mu bandi. Rimbura icigwa dukura ku vyo Yakobo yagiriye abahungu biwe. Mw’Itanguriro ikigabane ca 37, umurongo wa 3 n’uwa 4, Bibiliya irerekana ko Yakobo yakunda Yozefu kuruta abandi. Benewabo na Yozefu baramugiriye ishari gushika n’aho bagize inama yo kumwica. Ariko rero, raba inyifato Yakobo na Yozefu bagize mu nyuma mu buzima bwabo. Bompi barondeye iciza mu muryango wabo.
10 Igihe Yozefu yari ahagarikiye ivyo gutanga imfungurwa mu gihugu ca Misiri cari catewe n’ikigoyi, yarakiriye benewabo. Naho atashotse ahishura uwo ari we, yarayoboye ibintu araraba neza ko bafashwe neza kandi baronse imfungurwa bashira se wabo ageze mu zabukuru. Egome, naho bari baramwanse, Yozefu yarabagiriye neza (Itanguriro 41:53–42:8; 45:23). Na Yakobo nyene ari ku mpfiro, yaravuze imihezagiro abahungu biwe bose boronse. Naho ibikorwa vyabo bibi vyatumye babura uduteka tumwetumwe, nta n’umwe yakuwemwo mu kuragwa igihugu (Itanguriro 49:3-28). Ese ukuntu ari uburyo bwiza igitangaza Yakobo yagaragajemwo urukundo yagumye afise!
11, 12. (a) Ni akarorero ko mu buhanuzi akahe gashimika ku kamaro ko kurondera iciza mu rugo? (b) Ni icigwa ikihe dukura ku karorero k’umuvyeyi avugwa mu mugani wa Yezu werekeye umwana w’igishushungwe?
11 Ukwihangana Yehova yagize mu vyo yagiranye n’ihanga ritizera ry’Abisirayeli kuratuma turushiriza gutahura ukuntu arondera iciza mu basavyi biwe. Akoresheje uko ivyo mu rugo rw’umumenyeshakazoza Hoseya vyari vyifashe, Yehova yarerekanye urukundo rwiwe rwamaho. Gomeri, umugore wa Hoseya yaguma arenga ibigo. Naho ari ukwo, Yehova yategetse Hoseya ati: “Subira ugende, ukunde wa mugore akundwa n’umwūzure wiwe, kandi w’umusambanyikazi, nk’uk’Uhoraho nkunda Abisirayeli, naho bo bāhindukiriye izindi mana, bagakunda uturobe tubumbabumbge mu nzabibu zumye” (Hoseya 3:1). Ni kubera iki yamuhaye ayo mategeko? Yehova yari azi yuko muri iryo hanga ryari ryarakebeje rigata inzira ziwe, hovuyemwo abantu bakira neza ukwihangana kwiwe. Hoseya yavuze ati: “Maz’amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku [kumera neza kw]iwe mu misi y’iherezo” (Hoseya 3:5). Mu vy’ukuri, ako ni akarorero keza twozirikanako igihe duhanganye n’ingorane zo mu rugo. Ubandanije kurondera iciza mu bandi bo mu rugo, uzoba nimiburiburi utanze akarorero keza k’ukwihangana.
12 Umugani wa Yezu w’umwana w’igishushungwe uraturonsa n’ubundi butahuzi bw’ukuntu tworondera iciza mu rugo rwacu bwite. Umuhererezi yarasubiye i muhira amaze guheba ubuzima bwiwe bw’ukwangara. Se yamufashe mu buryo buranga imbabazi. None se wiwe yakoze iki igihe umuhungu mukuru atigeze ava mu rugo yidodomba? Yamubwiye ati: “Mwana wanje, tubana imisi yose, kand’ivyanje vyose n’ivyawe”. Ayo ntiyari amajambo ababaje yo kumushibura, ahubwo kwari ukwemeza urukundo amukunda. Yabandanije ati: “Akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’arazutse; yari yarahavye, non’arahabutse”. Turashobora kubandanya kurondera iciza mu bandi nk’ukwo nyene.—Luka 15:11-32.
Mw’ishengero rya gikirisu
13, 14. Ni uburyo bumwe ubuhe bwo gushira mu ngiro icagezwe c’i bwami cerekeye urukundo mw’ishengero rya gikirisu?
13 Bwa bakirisu, dufise intumbero yo gukurikiza icagezwe c’i bwami cerekeye urukundo (Yakobo 2:1-9). Ego ni ko, mw’ishengero turimwo dushobora kuba tudakumira abantu uko ivyabo vyifashe mu buryo bw’umubiri gutandukanye n’uko ivyacu vyifashe. Mugabo none twoba ‘tugisobanura’ abantu dufatiye kw’ibara ry’urukoba, ku mico kama canke mbere ku madini bakuriyemwo? Nimba tukibasobanura, dushobora gute gukurikiza impanuro ya Yakobo?
14 Guha ikaze abantu bose bitaba amakoraniro ya gikirisu birerekana ko dufise umutima w’ubwakiranyi. Igihe twibwiriza kuganiriza abashasha baza kugendera Ingoro y’Ubwami, isoni izo ari zo zose be n’ubuyega bashobora kuba bari bafise mu ntango bishobora guhera. Nkako, abantu bamwebamwe baba bitavye amakoraniro ya gikirisu ari bwo bwa mbere bavuga bati: “Umwe wese yanyakiranye igishika cinshi. Ni nk’aho wamenga umuntu wese yari asanzwe anzi. Numvise nisanze”.
15. Abakiri bato mw’ishengero bashobora gufashwa gute kugira ngo bitwararike abakuze?
15 Mu mashengero amwamwe, hari abakiri bato bakeyi baca birema akagwi mu Ngoro y’Ubwami canke hanze ikoraniro rirangiye, ntibashake kuja hamwe n’abakuze. Vyogenda gute kugira ngo iyo mpengamiro iveho? Birumvikana ko intambwe ya mbere ari iy’uko abavyeyi bamenyereza abana babo i muhira, bakabategura ku bw’amakoraniro (Imigani 22:6). Barashobora guhabwa igikorwa co gutororokanya ibisohokayandikiro bitandukanye kugira ngo bose baze kuronka ibikenewe bajana ku makoraniro. Abavyeyi kandi ni bo canecane bashoboye kuremesha abana babo kugira ngo bagire utwo bayaga n’abakuze canke abamugaye ku Ngoro y’Ubwami. Kugira ikintu c’ingirakamaro babwira abantu nk’abo, birashobora gutuma abana bumva banezerewe.
16, 17. Abakuze bashobora gute kurondera iciza mu bakiri bato mw’ishengero?
16 Abavukanyi n’abavukanyikazi bakuze bakwiye kwitwararika abakiri bato mw’ishengero (Ab’i Filipi 2:4). Boshobora kwibwiriza kuganiriza abakiri bato mu buryo buremesha. Akenshi usanga ivyiyumviro bimwebimwe bihambaye bishikirizwa mu gihe c’ikoraniro. Boshobora kubaza abakiri bato nimba baryohewe n’ikoraniro, bakababaza niba hari ivyiyumviro bashimye cane kandi boshira mu ngiro. Kubera yuko abakiri bato bari mu bagize ishengero, bakwiye gushimirwa kubona batega yompi bakongera bagakezwa ku bw’insasanuro izo ari zo zose batanga mu gihe c’ikoraniro, canke ku bw’uruhara urwo ari rwo rwose bagira mu bihimba bigize porogarama. Uburyo abakiri bato bakorana n’abakuze mw’ishengero be n’uburyo bitaho udukorwa tw’i muhira, bizokwerekana ko bashobora kumbure kwitaho neza amabanga ahambaye kuruta mu nyuma mu buzima bwabo.—Luka 16:10.
17 Abakiri bato bamwebamwe bemeye kuzezwa amabanga, baratera imbere gushika aho bakwiza kamere zo mu vy’impwemu zisabwa zituma bashingwa gukora ibintu bihambaye kuruta. Kugira ivyo bakora, birashobora kandi kubafasha kwirinda inyifato mbi (2 Timoteyo 2:22). Ibikorwa nk’ivyo bashingwa birashobora ‘kugeza’ abavukanyi barondera gushikira agateka ko kuba abakozi b’ishengero (1 Timoteyo 3:10). Ukwama bagabirije kugira uruhara mu makoraniro be n’umwete bagira mu busuku, hamwe n’ukuntu bitaho abo mw’ishengero bose, bituma abakurambere babona ubushobozi bafise igihe baraba ko bobashinga ayandi mabanga.
Kurondera iciza mu bantu bose
18. Ni umutego uwuhe ujanye no guca urubanza umuntu akwiye kwirinda, kandi kubera iki?
18 “Mu manza si vyiza gutinya abantu ku kigohe”, ukwo ni ko mu Migani 24:23 havuga. Ubukerebutsi buva mw’ijuru busaba yuko abakurambere birinda kugira nkunzi igihe baca imanza mw’ishengero. Yakobo yavuze ati: “Ub[ukerebutsi] buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya” (Yakobo 3:17). Biragaragara ko igihe abakurambere barondera iciza mu bandi, bakeneye kuraba neza yuko mu guca urubanza kwabo hatajamwo ivy’ubucuti canke ivy’inyiyumvo. Asafu umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Imana ihagaze mw’ikombe ryayo; icira abacamanza urubanza, iti Muzogeza hehe kugoreka imanza, no gutinya abanyakibi ku kigohe?” (Zaburi 82:1, 2). Mu buryo nk’ubwo nyene, abakurambere bakirisu baririnda impengamiro iyo ari yo yose yo kugira nkunzi igihe urubanza rwerekeye umugenzi canke incuti. Muri ubwo buryo barazigama ubumwe bw’ishengero hanyuma bakareka impwemu ya Yehova igakora ata kiyitangira.—1 Ab’i Tesalonike 5:23.
19. Ni mu buhe buryo dushobora kurondera iciza mu bandi?
19 Mu kurondera iciza mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu, tugaragaza inyifato ya Paulo, igihe yandikira ishengero ry’i Tesalonike. Yavuze ati: “Kandi twizigiye Umwami ku vyanyu, yukw ivyo tugeze mubikora kandi muzokwama mubikora” (2 Ab’i Tesalonike 3:4). Igihe turondera iciza mu bandi, tuzoba abagabirije kwirengagiza amakosa yabo. Tuzorondera aho dushobora gukeza abavukanyi bacu, twirinda koko agatima ko kunebagurana. Paulo yanditse ati: “Ababgiriza babagomba ko baboneka ar’abizigirwa” (1 Ab’i Korinto 4:2). Ubwizerwe bw’abahagarikiye ishengero eka n’ubw’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu butuma tubakunda. Gutyo bituma tubiyegereza, tugakomeza ubucuti bwa gikirisu. Duca tubabona nk’uko Paulo yabona abavukanyi bo mu gihe ciwe. Ni ‘abakozi bakorana natwe kubw’ubwami bw’Imana’ bakongera bakatubera “imfashanyo ikomeza” (Ab’i Kolosayi 4:11, NW). Gutyo rero, tuba tugaragaje agatima nk’aka Yehova.
20. Ni imihezagiro iyihe abarondera iciza mu bantu bose bazoronka?
20 Vy’ukuri, turasubiramwo isengesho rya Nehemiya rigira riti: “Mana yanje, uz’ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza” (Nehemiya 13:31). Ese ukuntu tunezerwa kubona Yehova arondera iciza mu bantu (1 Abami 14:13)! Nimuze natwe dukore nk’ukwo mu vyo tugiranira n’abandi. Tubigize gutyo, biraturonsa icizigiro c’ugucungurwa be n’ic’ubuzima budahera mw’isi nshasha ubu yegereje cane.—Zaburi 130:3-8.
Wokwishura gute?
• Ni igiki gituma Yehova agirira abantu bose ibiranga ukumera neza?
• Dushobora gute kurondera iciza mu bandi
• mu busuku bwacu?
• mu rugo rwacu?
• mw’ishengero turimwo?
• mu bucuti tugiranira n’abantu bose?
[Ifoto ku rup. 18]
Naho benewabo na Yozefu bari baramwanse, yarabarondereye ineza
[Ifoto ku rup. 19]
Ukurwanywa ntikutubuza kugerageza gufasha abantu bose
[Ifoto ku rup. 20]
Naho abahungu ba Yakobo bari baragize nabi, nta n’umwe muri bo atahezagiye
[Ifoto ku rup. 21]
Nimwakirane igishika abantu bose ku makoraniro ya gikirisu