Ni kubera iki dukwiye gusenga ubudasiba?
“Musenge ubudasība; mwame mukenguruka muri vyose”.—1 AB’I TESALONIKE 5:17, 18.
1, 2. Daniyeli yagaragaje gute ko yaha agaciro agateka ko gutura isengesho, kandi ivyo vyagize ingaruka iyihe ku bucuti yari afitaniye n’Imana?
UMUMENYESHAKAZOZA Daniyeli yari afise umugenzo wo gusenga Imana gatatu ku musi. Yarapfukama kw’idirisha ryo ku cumba ciwe co hejuru rirabana n’igisagara ca Yeruzalemu, hanyuma agatura intakambo ziwe (1 Abami 8:46-49; Daniyeli 6:10). Eka mbere n’igihe itegeko rivuye i bwami ryabuza kugira uwundi muntu asengwa atari Dariyo umwami w’Umumedi, ntivyigeze bihungabanya Daniyeli na gato. Vyaba vyarashira ubuzima bwiwe mu kaga canke bitabushirayo, uwo mugabo yakunda gusenga yagumye yinginga Yehova adahorereza.
2 Yehova yabona gute Daniyeli? Igihe umumarayika Gaburiyeli yaza kwishura rimwe mu masengesho ya Daniyeli, yadondoye uwo mumenyeshakazoza ko ari “umukundwa cane” (Daniyeli 9:20-23). Mu buhanuzi bwa Ezekiyeli, Yehova yavuze ko Daniyeli ari umugororotsi (Ezekiyeli 14:14, 20). Mu myaka n’iyindi, biboneka ko amasengesho ya Daniyeli yatumye agiranira n’Imana ubucuti bwa hafi, kikaba ari ikintu na Dariyo yemeye icese.—Daniyeli 6:16.
3. Nk’uko vyerekanwa n’ivyashikiye umumisiyonari umwe, isengesho rishobora gute kudufasha kuguma turi intadohoka?
3 Gusenga ubudasiba birashobora kandi kudufasha guhangana n’ibigeragezo bikaze. Nk’akarorero, rimbura ivya Harold King, umumisiyonari yakorera mu Bushinwa yaciriwe gupfungwa imyaka itanu ari ukwa wenyene. Umuvukanyi King yiganye ivyamushikiye ati: “Narashoboye gutandukanywa n’abantu nkanje, ariko nta n’umwe yashoboye kuntandukanya n’Imana. . . . Mpfukamye aho umuntu wese yaca imbere y’agasho narimwo yashobora kumbona, narasenga gatatu ku musi, ngasenga n’ijwi ryumvikana, nkaguma nibuka umwe Daniyeli avugwa na Bibiliya. . . . Vyasa n’uko mu bihe nk’ivyo impwemu y’Imana yayobora umuzirikanyi wanje ku bintu bihambaye cane kandi igatuma numva ntekaniwe. Urazi ingene isengesho ryankomeza rikongera rikampumuriza mu buryo bw’impwemu!”.
4. Ni ibibazo ibihe bijanye n’isengesho tugiye kurimbura muri iki kiganiro?
4 Bibiliya ivuga iti: “Musenge ubudasība; mwame mukenguruka muri vyose” (1 Ab’i Tesalonike 5:17, 18). Kubera iyo mpanuro, nimuze turimbure ibibazo bikurikira: Ni kubera iki dukwiye kwitwararika amasengesho yacu? Ni imvo izihe zituma twiyegereza Yehova ubudasiba? Kandi dukwiye gukora iki mu gihe twumva yuko tutabereye gusenga Imana kubera utunenge dufise?
Kwubaka ubucuti biciye kw’isengesho
5. Ni ubugenzi budasanzwe ubuhe isengesho ridufasha kugira?
5 Woba wipfuza ko Yehova akubona nk’umukunzi wiwe? Yavuze ivyerekeye umwe sokuruza Aburahamu muri ubwo buryo (Yesaya 41:8; Yakobo 2:23). Yehova ashaka ko tugiranira na we mwene ubwo bucuti. Nkako, adutumirira kumwiyegereza (Yakobo 4:8). Ubwo butumire none ntibukwiye gutuma tuzirikana ku ntunganyo idasanzwe yerekeye isengesho? Urazi ukuntu bigoye kuronka uruhusha rwo kuvugana n’umutegetsi ahambaye, tutavuze hoho ivyo kuba umukunzi wiwe! Yamara, Umuremyi w’ijuru n’isi aturemesha kumwiyegereza mw’isengesho ata co twinona, igihe cose tubishakiye canke igihe cose dukeneye kubigira (Zaburi 37:5). Amasengesho twama dutura aradufasha kugiranira ubugenzi bwa somambike na Yehova.
6. Ni igiki akarorero ka Yezu katwigisha ku vy’uko ari nkenerwa ‘gusenga ubudasiba’?
6 Ariko rero, ese ukuntu vyoroshe ko dufata minenegwe isengesho! Guhangana n’imikazo y’ubuzima bwa misi yose vyonyene birashobora kudutwara rwose ku buryo bw’uko tutagira akigoro ko kuganira n’Imana. Yezu yaremesheje abigishwa biwe ‘gusenga ubudasiba’, kandi ivyo ni vyo ubwiwe yagize (Matayo 26:41). Naho yama afise vyinshi akora uhereye mu gatondo ugashika ku mugoroba, yarashira ku ruhande umwanya wo kuganira na Se wiwe wo mw’ijuru. Rimwe na rimwe, Yezu yaravyuka “mw’ijoro rishīra ubuca” kugira ngo asenge (Mariko 1:35). Mu bindi bihe na ho, yaragenda ahiherereye mu mpera z’umusi kugira ngo aganire na Yehova (Matayo 14:23). Yezu yama ategekanya umwanya wo gusenga, kandi ukwo ni ko natwe dukwiye kubigira.—1 Petero 2:21.
7. Ni ibintu ibihe bikwiye gutuma tuganira na Data wa twese wo mw’ijuru ku musi ku musi?
7 Turaronka uturyo twinshi tubereye two gusenga ku musi ku musi uko duhangana n’ingorane, duhura n’inyosha mbi be n’igihe dufata ingingo (Abanyefeso 6:18). Igihe turondeye kuyoborwa n’Imana mu mice yose y’ubuzima, ubugenzi tugirana na yo ntibuzobura gukura. Igihe abagenzi babiri bahanganye n’ingorane bari kumwe, none ubucuti buri hagati yabo ntiburushiriza gukomera (Imigani 17:17)? Ukwo ni ko bigenda n’igihe twiheka kuri Yehova kandi akadufasha.—2 Ngoma 14:11.
8. Turavye akarorero ka Nehemiya, aka Yezu be n’aka Hana, ni igiki tuhigira ku bijanye n’ukuntu amasengesho dutura yoreha?
8 Ese ukuntu tunezerwa kubona Imana itadushingira akarimbi ku kuntu umwanya twoganira na we mw’isengesho wongana canke incuro twobigira! Nehemiya yaratuye n’ingoga isengesho ryo mu gacerere imbere y’uko agira ico asaba umwami w’Ubuperesi (Nehemiya 2:4, 5). Yezu na we nyene yaratuye isengesho rigufi igihe yasaba yuko Yehova amuha ububasha bwo kuzura Lazaro (Yohana 11:41, 42). Hana na we ‘yarakomeje gusengera imbere ya Yehova’ igihe yamujojera ivyari mu mutima wiwe (1 Samweli 1:12, 15, 16). Amasengesho ubwacu dutura arashobora kuba magufi canke maremare bivanye n’ivyo dukeneye canke n’ibihe tuba turimwo.
9. Ni kubera iki amasengesho yacu akwiye kuba arimwo gushemeza Yehova no kumukengurukira ku bw’ibintu vyose adukorera?
9 Amasengesho menshi avugwa muri Bibiliya, aserura ugukenguruka kuvuye ku mutima, ikibanza Yehova afise kiri hejuru ya vyose be n’ibikorwa vyiwe bitangaje (Kuvayo 15:1-19; 1 Ngoma 16:7-36; Zaburi 145). Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yabonye abakuru 24, ni ukuvuga igitigiri cuzuye c’abakirisu basizwe bari mu kibanza cabo co mw’ijuru, bashemeza Yehova bavuga bati: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye” (Ivyahishuriwe 4:10, 11). Na twebwe nyene turafise imvo yo gushemeza Umuremyi ubudahorereza. Urazi ukuntu abavyeyi bumva bahimbawe igihe umwana wabo abakengurukiye bivuye ku mutima ku kintu bamugiriye! Kuzirikana mu buryo buranga ugukura ubwatsi ku buntu bwa Yehova no kugaragaza ko tubukenguruka bimwe bivuye ku mutima, ni uburyo bwiza bwo kuryohora amasengesho yacu.
Kubera iki ‘twosenga ubudasiba’?
10. Isengesho rigira uruhara uruhe mu vyo gukomeza ukwizera kwacu?
10 Gusenga tudahorereza ni ntahara ku kwizera kwacu. Yezu amaze gutanga ikigereranirizo c’uko bikenewe ko ‘duhora dusenga, ntiturambirwe’, yabajije ati: “Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’azosanga ukwizera mw isi?” (Luka 18:1-8). Isengesho riri n’ico rivuze kandi rivuye ku mutima, rirubaka ukwizera. Igihe umwe sokuruza Aburahamu yariko arasaza kandi akaba atari bwaronke umwana, yaraganiriye ico kintu n’Imana. Mu kumwishura, Yehova yabanje kumusaba kwitegereza mu kirere hanyuma agaharura inyenyeri nimba kumbure yari kubishobora. Maze Imana yaciye ikura amazinda Aburahamu iti: “Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana”. Ivyo vyavuyemwo iki? Aburahamu “[yarizeye] Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ukugororoka” (Itanguriro 15:5, 6). Igihe twugururiye imitima yacu Yehova mw’isengesho, tukemera amajambo adukura amazinda ava muri Bibiliya tukongera tukamugamburukira, azokomeza ukwizera kwacu.
11. Isengesho rishobora gute kudufasha guhangana n’ingorane?
11 Isengesho rirashobora kudufasha kandi gutorera umuti ingorane. Ibintu vyinshi ducurumbamwo mu buzima, vyoba bimeze nk’umuzigo? Vyongeye, ivyo duhangana vyoba bikaze? Bibiliya itubwira iti: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa” (Zaburi 55:22). Igihe duhanganye no gufata ingingo zigoye, turashobora kwigana akarorero ka Yezu. Yamaze ijoro ryose asenga yiherereye imbere y’uko atoranya intumwa ziwe 12 (Luka 6:12-16). Vyongeye, mw’ijoro ry’imbere y’uko apfa, Yezu yarasenze akobeje ku buryo bw’uko “icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi” (Luka 22:44). Vyavuyemwo iki? ‘Yarumviwe ku bwo kwubaha Imana kwiwe’ (Abaheburayo 5:7). Amasengesho duturana ubwira kandi ahozako azodufasha kwihanganira ibintu bitesha umutwe be n’ibigeragezo bitoroshe.
12. Isengesho ryerekana gute yuko Yehova atwitaho?
12 Iyindi mvo ituma twiyegereza Yehova mw’isengesho ni iy’uko na we aheza akatwegera (Yakobo 4:8). Igihe tubwira Yehova ibiri mu mutima wacu mw’isengesho, none ntitwumva yuko yitaho ivyo dukeneye be n’uko atwitwararikana ikibabarwe? Turibonera ukuntu Imana idukunda umwe wese ku giti ciwe. Nta n’umwe Yehova yashinze ibanga ryo kwumviriza isengesho iryo ari ryo ryose abasavyi biwe bamutura nka we Se wabo wo mw’ijuru (Zaburi 66:19, 20; Luka 11:2). Kandi adutumirira ‘kumukorera amaganya yacu yose kuko atubabara’.—1 Petero 5:6, 7.
13, 14. Ni imvo izihe dufise zituma dusenga ubudasiba?
13 Isengesho rirashobora gutuma turushiriza kugirira umwete mwinshi ubusuku turangurira ku mugaragaro rikongera rikadukomeza igihe ukutanegwa ibintu canke ukuturwanya kwotuma twumva umenga twobiheba (Ivyakozwe 4:23-31). Isengesho rirashobora kandi kuturinda “ibikorwa vy’uruyeri vya Shetani” (Abanyefeso 6:11, 17, 18, NW). Igihe turiko turwana urugamba ngo duhangane n’ibigeragezo vya misi yose, turashobora kuguma dusaba Imana ngo idukomeze. Rya sengesho ry’akarorero rya Yezu, ririmwo ugusaba yuko Yehova ‘adukiza wa Mubi’, ari we Shetani wa Mucokoranyi.—Matayo 6:13.
14 Tubandanije gusenga Yehova tumusaba ngo adufashe kugenzura impengamiro zacu z’icaha, tuzokwibonera ukuntu adufasha. Raba ukuntu dukurwa amazinda: “Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira” (1 Ab’i Korinto 10:13). Intumwa Paulo ubwiwe yariboneye ukuntu Yehova yamwitwararitse akamukomeza mu bihe bitari bike bitandukanye. Yavuze ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”.—Ab’i Filipi 4:13; 2 Ab’i Korinto 11:23-29.
Dushishikare gusenga naho dukora udukosa
15. Ni igiki gishobora gushika mu gihe inyifato yacu idahuje n’ingingo mfatirwako z’Imana?
15 Kugira ngo amasengesho yacu yumvirwe, dutegerezwa kudatera akagere impanuro yo mw’Ijambo ry’Imana. Intumwa Yohani yanditse ati: “Ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo” (1 Yohana 3:22). Ariko rero, ni ibiki vyoshika hamwe inyifato yacu itoba ihuje n’ingingo mfatirwako z’Imana? Adamu na Eva barinyegeje bamaze gucumura muri rya tongo ry’i Edeni. Na twebwe dushobora kwumva umenga twokwinyegeza ngo ‘Yehova ntatubone’ maze tugahagarika gusenga (Itanguriro 3:8). Klaus, umucungezi w’ingenzi azi utuntu n’utundi, avuga ati: “Narabonye yuko ikintu ca mbere kitabereye abiyonkoye kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe bagira cama nantaryo ari uguhagarika gusenga” (Abaheburayo 2:1). Ivyo ni vyo vyashikiye José Ángel. Avuga ati: “Hafi mu myaka umunani yose, ni gake nasenga Yehova. Numva umenga simbereye kuganira na we, naho naguma ndamubona ko ari Dawe wo mw’ijuru”.
16, 17. Tanga uburorero bw’ukuntu ugusenga ubudahorereza bishobora kudufasha gutsinda ubugoyagoye bwo mu vy’impwemu.
16 Bamwebamwe muri twebwe boshobora kwumva ko batabereye gusenga kubera ubugoyagoye bwo mu vy’impwemu canke kubera bakoze ikibi. Mugabo ico ni co gihe nyene tuba dukwiye kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo yerekeye isengesho. Yona yarahunze igikebere ciwe. Mugabo, ‘yaratakambiye Yehova ku bw’ivyago yagize, aramwishura; yambaje ari mu nda y’i kuzimu yumva ijwi ryiwe’ (Yona 2:2). Yona yarasenze, Yehova arishura isengesho ryiwe, maze Yona arasubirana mu buryo bw’impwemu.
17 José Ángel na we nyene yarasenganye ubwira asaba imfashanyo. Yibuka ati: “Narugururiye Imana umutima wanje maze ndayisaba ko yomparira. Kandi koko yaramfashije. Siniyumvira ko mba naragarutse mu kuri, iyo ntafashwa n’isengesho. Ubu nsenga ubudahorereza imisi yose, kandi ivyo bihe ndabirindirana umushasharo”. Dukwiye kwama nantaryo twumva ko dufise umwidegemvyo wo kubwira Imana amakosa yacu tutayihisha, tugasaba twicishije bugufi ko iduharira. Igihe Umwami Dawidi yatura ibigabitanyo vyiwe, Yehova yarahariye ivyaha vyiwe (Zaburi 32:3-5). Yehova ashaka kudufasha, si ukuducira urubanza (1 Yohana 3:19, 20). Kandi amasengesho y’abagabo b’inararibonye bo mw’ishengero arashobora kudufasha mu buryo bw’impwemu kubera yuko amasengesho nk’ayo afise “inguvu nyinshi”.—Yakobo 5:13-16, NW.
18. Ni igiki abasavyi b’Imana bashobora kwizigira badakeka naho boba bahuvye bigeze hehe?
18 Ni umuvyeyi uwuhe yokwiyama umwana wiwe amwituye yicishije bugufi ngo amufashe yongere amuhe impanuro iyo yahuvye? Wa mugani w’umwana w’igishushungwe urerekana yuko naho twoba twahuvye bigeze hehe, Data wa twese wo mw’ijuru anezerwa igihe tumugarutseko (Luka 15:21, 22, 32). Yehova ahimiriza abahuba bose kumwitura, ‘kuko akunda guharira’ (Yesaya 55:6, 7). Naho Dawidi yakoze ivyaha bikomeye bitari bike, yarituye Yehova, avuga ati: “Mana, tegera ugutwi ugusenga kwanje; ntiwihishe ukwinginga kwanje”. Yavuze kandi ati: “Ku mugoroba no mu gitondo no mu mashōka nzokwama niganyira, ncura umuniho, [Yehova] na we azokwumva ijwi ryanje” (Zaburi 55:1, 17). Mbega ukuntu ayo majambo asubiriza umutima mu nda!
19. Ni kubera iki tudakwiye gushika ku ciyumviro c’uko amasengesho asa n’aho umenga ntiyishuwe ari ikimenyamenya c’uko Imana itayemeye?
19 Tuvuge iki none igihe intakambo yacu idaciye yishurwa ubwo nyene? Muri ico gihe, dutegerezwa guca turaba neza yuko ivyo twasavye bihuje n’ivyo Yehova agomba kandi ko twabisavye mw’izina rya Yezu (Yohana 16:23; 1 Yohana 5:14). Umwigishwa Yakobo yaravuze abakirisu bamwebamwe amasengesho yabo atigeze yishurwa kubera yuko “[ba]saba nabi” (Yakobo 4:3). Ku rundi ruhande, ntidukwiye guca dushika ku ciyumviro c’uko amasengesho asa n’aho umenga ntiyishuwe vyama nantaryo ari ikimenyamenya c’uko Imana itayemeye. Rimwe na rimwe, Yehova arashobora kureka abasavyi biwe b’abizerwa hagaca igihe basenga ku bw’ikintu kanaka imbere y’uko vyibonekeza ko yabishuye. Yezu yavuze ati: ‘Gume musaba, muzohabwa’ (Matayo 7:7). Ku bw’ivyo rero, turakeneye ‘gushishikara gusenga’.—Abaroma 12:12.
Dusenge ubudahorereza
20, 21. (a) Ni kubera iki dukeneye gusenga ubudahorereza muri iyi “misi y’iherezo”? (b) Ni igiki tuzoronka nitwama imisi yose twegera intebe y’ubwami ya Yehova y’ubuntu tutabereye?
20 Imikazo be n’ingorane biguma vyiyongera muri ino “misi y’iherezo” irangwa n’“ibihe bigoye” (2 Timoteyo 3:1). Vyongeye, ibigeragezo birashobora kwizizira imizirikanyi yacu bitagoranye. Ariko rero, gusenga tudahorereza bizodufasha kuguma dushize ubuzima bwacu ku bintu vy’impwemu naho hoba hariho ingorane, inyosha mbi be n’ugucika intege bidatezura. Amasengesho dutura Yehova ku musi ku musi arashobora kuturonsa imfashanyo ngirakimazi dukeneye.
21 Yehova, umwe ‘yumva ivyo asabwa’, nta ho yigera agira vyinshi akora ku buryo atodutega ugutwi (Zaburi 65:2). Nimuze rero ntitwigere tugira vyinshi dukora ku buryo tutamuyagira. Ubugenzi dufitaniye n’Imana ni ryo tunga ry’agaciro dufise riruta ayandi yose. Ese tutokwigera tubufata minenegwe. “Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye”.—Abaheburayo 4:16.
Wokwishura gute?
• Twigira iki ku mumenyeshakazoza Daniyeli ku bijanye n’agaciro k’isengesho?
• Dushobora gute gukomeza ubugenzi dufitaniye na Yehova?
• Ni kubera iki dukwiye gusenga ubudasiba?
• Ni kubera iki ukwumva ko tutabereye bidakwiye kutubuza gusenga Yehova?
[Ifoto ku rup. 16]
Nehemiya yaratuye isengesho rigufi kandi ryo mu gacerere imbere yo kuvugana n’Umwami
[Ifoto ku rup. 17]
Hana ‘yarakomeje gusengera imbere ya Yehova’
[Amafoto ku rup. 18]
Yezu yarasenze ijoro ryose imbere y’uko atoranya intumwa ziwe 12
[Amafoto ku rup. 20]
Uturyo two gusenga mu kiringo c’umusi turizana