ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/11 rup. 8-13
  • Abagore batumye umutima wa Yehova unezerwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagore batumye umutima wa Yehova unezerwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abagore banse kwumvira Umufarawo
  • Uwahoze ari umumaraya atuma umutima wa Yehova unezerwa
  • Yarahezagiwe kubera ubukerebutsi bwiwe
  • Woba ushobora kuba nka Abigayili?
  • Yararonse ‘impera y’uwuvugishwa n’Imana’
  • Yarakoranye ukwiyubara
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarakoranye ukwiyubara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yarasutsemwo mabisi
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Abigayili na Dawidi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/11 rup. 8-13

Abagore batumye umutima wa Yehova unezerwa

‘Yehova akwishure ivyo wakoze, uhabwe impera ishitse na Yehova’.​—RUSI 2:12.

1, 2. Twokwungukira gute ku kuzirikana ku burorero bwo muri Bibiliya bw’abagore batumye umutima wa Yehova unezerwa?

UGUTINYA Imana kwatumye abagore babiri banka kwumvira Umufarawo. Ukwizera kwatumye umumaraya umwe ahakwa ubuzima bwiwe kugira ngo akingire abatasi babiri b’Abisirayeli. Ubukerebutsi n’ukwicisha bugufi mu gihe c’ingorane vyarafashije umugore umwe kurokora ubuzima bw’abantu benshi no kubuza uwasizwe wa Yehova kwagirwa n’ugusesa amaraso. Ukwizera Yehova Imana gufatanije n’agatima k’ubwakiranyi, vyatumye umupfakazi umwe akaba n’umuvyeyi aha udufungurwa yari asigaranye umumenyeshakazoza w’Imana. Ubwo ni bumwebumwe gusa mu burorero bwo mu Vyanditswe bwinshi bw’abagore batumye umutima wa Yehova unezerwa.

2 Ukuntu Yehova yabona abagore nk’abo be n’imihezagiro yabacuncuburiye, birerekana yuko ikimuhimbara gusumba ibindi vyose ari kamere zo mu vy’impwemu, zo zirengera ivy’ukuba umuntu ari uw’igitsina-gabo canke igitsina-gore. Mw’isi ya kino gihe yatwawe n’ivy’umubiri, gushira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere usanga ari urugamba. Mugabo urwo rugamba umuntu arashobora kurutsinda, nk’uko vyerekanwa n’abagore amamiliyoni batinya Imana bagize igice kinini c’abasavyi b’Imana muri kino gihe. Abagore bakirisu nk’abo barigana ukwizera, ubukerebutsi, ubwakiranyi be n’izindi kamere nziza zagaragajwe n’abagore batinya Imana bavugwa muri Bibiliya. Birumvikana yuko n’abagabo bakirisu na bo nyene boshima kwigana kamere zagaragajwe n’abagore b’intangakarorero nk’abo bo mu bihe vya kera. Kugira ngo turabe ingene twobigana ku rugero runini kuruta, reka turimbure mu buryo bwimbitse inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivya ba bagore bavugwa mu ntango.​—Abaroma 15:4; Yakobo 4:8.

Abagore banse kwumvira Umufarawo

3, 4. (a) Ni kubera iki Shifura na Puwa banse kwumvira Farawo igihe yategeka yuko umwana wese w’umuhungu w’Umwisirayeli avutse yicwa? (b) Yehova yahaye impera gute abo bakirizi ku bw’umutima rugabo wabo be n’ugutinya Imana kwabo?

3 Mu gihe ca za manza z’i Nuremberg zagirwa mu Budagi inyuma y’Intambara ya Kabiri y’isi yose, abenshi mu bagirijwe ko bishe abantu benshi baragerageje kwiregura ku bukozi bw’ikibi bagize mu kuvuga yuko bariko gusa bagamburuka itegeko. Ubu na ho, gereranya abo bantu na ba bakirizi babiri b’Abisirayelikazi Shifura na Puwa baba mu Misiri ha kera mu gihe c’ingoma y’Umufarawo atavugwa izina mugabo yatwaza igikenye. Kubera ugutinya yuko Abaheburayo bogwiriye bakaba benshi, uwo Mufarawo yategetse abo bakirizi babiri kuraba neza yuko umwana wese w’umuhungu w’Umuheburayo avutse yicwa. Abo bagore bakiriye gute iryo tegeko ry’ububisha? “Ntibagi[ze] nk’uk’umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’abana b’abahungu” (Ni twe tubihiritse.). Ni kubera iki abo bagore batatwawe n’ugutinya umuntu? Ni kubera yuko ‘batinya Imana y’ukuri’.​—Kuvayo 1:15, 17; Itanguriro 9:6.

4 Vyemere, abo bakirizi bahungiye kuri Yehova, hanyuma na we araheza ababera “[i]nkinzo”, arabakingira uburake bwa Farawo (2 Samweli 22:31; Kuvayo 1:18-20). Mugabo umuhezagiro wa Yehova ntiwagarukiye aho. Yarahaye impera Shifura na Puwa mu kubaronsa ingo zabo bwite. Yaranateye iteka abo bagore mu gutuma amazina yabo be n’ibikorwa vyabo vyandikwa mw’Ijambo ryiwe ryahumetswe kugira abokwarutse mu nyuma babisome, mu gihe izina ry’uwo Mufarawo ryo ryazimanganye.​—Kuvayo 1:21; 1 Samweli 2:30b; Imigani 10:7.

5. Abagore bakirisu benshi muri iki gihe berekana gute yuko bafise agatima nk’aka Shifura na Puwa, kandi Yehova azobaronsa impera gute?

5 Hoba hariho abagore bameze nka Shifura na Puwa muri kino gihe? Cane nyene! Uko umwaka utashe, abagore nk’abo ibihumbi n’ibihumbi baramamaza badatinya ubutumwa ndokorabuzima bwo muri Bibiliya mu bihugu aho usanga “ibgirizwa ry’umwami” ribibuza, gutyo bagahakwa gutakaza umwidegemvyo wabo canke mbere n’ubuzima bwabo (Abaheburayo 11:23; Ivyakozwe 5:28, 29). Babitumwe n’urukundo bakunda Imana na bagenzi babo, abagore b’umutima rugabo nk’abo ntibareka ngo hagire umuntu n’umwe ababuza kubwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ivyo bituma abagore bakirisu benshi bahangana n’ukurwanywa be n’uruhamo (Mariko 12:30, 31; 13:9-13). Nk’uko Yehova yabigize kuri Shifura na Puwa, arabona neza ibikorwa mwene abo bagore b’intore kandi b’umutima rugabo bakora, vyongeye azokwerekana urukundo abafitiye mu kuzigama amazina yabo “mu gitabu c’ubu[zima]”, bakire gusa kwihangana babigiranye ubwizerwe gushika kw’iherezo.​—Ab’i Filipi 4:3; Matayo 24:13.

Uwahoze ari umumaraya atuma umutima wa Yehova unezerwa

6, 7. (a) Ni ibiki Rahabu yari azi kuri Yehova no ku gisata ciwe, kandi ivyo bintu yari azi vyagize ico bikora gute kuri we? (b) Ijambo ry’Imana ritera iteka gute Rahabu?

6 Mu mwaka wa 1473 B.G.C., hari umumaraya yitwa Rahabu yaba mu gisagara c’i Kanani c’i Yeriko. Biboneka yuko Rahabu yari umugore azi ibintu vyinshi. Igihe abatasi babiri b’Abisirayeli bahungira mu nzu iwe, yarashoboye kubiganira ibintu kandondwa vyerekeye ukuntu Abisirayeli bavuye mu Misiri ku gitangaro, naho hari hashize imyaka 40 bibaye! Yari azi kandi ukuntu Abisirayeli bari baherutse kunesha abami b’Abamori ari bo Sihoni na Ogi. Raba ukuntu ivyo bintu yari azi vyagize ico bikora kuri we. Yabwiye nya batasi ati: “Nzi yuk’Uhoraho abahaye iki gihugu; . . . kuk’Uhoraho Imana yanyu ari we Mana iri hejuru mw ijuru no hasi kw isi” (Yosuwa 2:1, 9-11). Egome, ivyo Rahabu yamenye ku vyerekeye Yehova be n’ivyo yakoreye Abisirayeli vyaramukoze ku mutima, bituma amwizera.​—Abaroma 10:10.

7 Ukwizera kwa Rahabu kwatumye agira ico akoze. “Yākīranye amahoro” abatasi b’Abisirayeli, yongera aragamburuka amacishabwenge bamuhaye yatumye arokoka igihe Isirayeli yatera Yeriko (Abaheburayo 11:31; Yosuwa 2:18-21). Nta nkeka yuko ibikorwa vy’ukwizera vya Rahabu vyatumye umutima wa Yehova unezerwa, kubera yuko yahumekeye umwigishwa mukirisu Yakobo kugira ashire izina ryiwe hamwe n’irya Aburahamu, wa mukunzi w’Imana, bwa karorero abakirisu bokwigana. Yakobo yanditse ati: “Kandi na Rahabu maraya ni ko vyabaye: mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa’ kuko yahaye za ntumwa indāro, akazirangira iyindi nzira?”.​—Yakobo 2:25.

8. Yehova yahezagiye gute Rahabu ku bw’ukwizera kwiwe n’ukugamburuka kwiwe?

8 Yehova yarahaye impera Rahabu mu buryo bwinshi. Kimwe coco, yarazigurije ku gitangaro ubuzima bwiwe n’ubw’abandi bose bahungiye mu nzu iwe, ni ukuvuga “inzu ya se, n’abo yar’afise bose”. Mu nyuma yararetse abo bantu baribera “mu Bisirayeli”, aho bategerezwa gufatwa nk’imvukira (Yosuwa 2:13; 6:22-25; Abalewi 19:33, 34). Ariko si ivyo gusa. Yehova yaranateye iteka Rahabu ryo gucika inakuruza wa Yezu Kirisitu. Ese ukuntu ari ikimenyamenya gikomeye c’ubuntu mvarukundo bwagaragarijwe Umunyakananikazi yahoze asenga ibigirwamanaa!​—Zaburi 130:3, 4.

9. Ukuntu Yehova yabona Rahabu n’abagore bakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere, bishobora gute kuremesha abagore bamwebamwe muri iki gihe?

9 Nka kumwe kwa Rahabu, abagore bakirisu bamwebamwe, uhereye mu kinjana ca mbere gushika muri kino gihe, barahevye ubuzima bwabo burangwa ubushegabo kugira ngo bahimbare Imana (1 Ab’i Korinto 6:9-11). Bamwebamwe muri bo bashobora kuba bakuriye ahantu hameze nko muri Kanani ha kera, aho ubushegabo bwari bugwiriye kandi mbere bukabonwa ibisanzwe. Yamara, barahinduye ingendo yabo, babitumwe n’ukwizera gushingiye ku bumenyi ntagakosa bw’Ivyanditswe (Abaroma 10:17). Ku bw’ivyo, vyoshobora kandi kuvugwa ku bijanye n’abagore nk’abo yuko “Imana [ita]māramāzwa no kwitwa Imana yabo” (Abaheburayo 11:16). Mbega agateka!

Yarahezagiwe kubera ubukerebutsi bwiwe

10, 11. Ni ibiki vyabaye hagati ya Nabali na Dawidi vyatumye Abigayili agira ico akoze?

10 Abagore b’abizerwa benshi bo mu gihe ca kera baragaragaje mu buryo bwibonekeje kamere y’ubukerebutsi, bituma baba ikintu c’agaciro ku gisata ca Yehova. Umwe mu bagore nk’abo yari Abigayili, umugore wa wa mugabo w’Umwisirayeli yari atunze amatongo menshi yitwa Nabali. Ubukerebutsi bwa Abigayili bwararokoye ubuzima, buranatuma Dawidi, uwari kuba umwami wa Isirayeli, atagirwa n’amaraso. Turashobora gusoma ivya Abigayili mu nkuru yanditswe muri 1 Samweli ikigabane ca 25.

11 Iyo nkuru itangura ivuga ko Dawidi n’abo bari kumwe bacumbitse hafi y’imikuku ya Nabali, iyo bararira ku murango no mw’ijoro ku buntu bivuye ku mutima mwiza bagirira Umwisirayeli nka bo Nabali. Igihe ibifungurwa vya Dawidi biri ku mushiro, ararungika imisore cumi kwa Nabali gusaba imfungurwa. Nabali ubu arafise akaryo ko kwerekana ko akengurukira Dawidi be n’ako kumutera iteka bwa wasizwe wa Yehova. Mugabo Nabali akora ibihushanye n’ivyo. N’ishavu n’akantu, aratuka Dawidi hanyuma akarungika nya misore iminwe misa. Dawidi avyumvise, aciye akorakoranya abantu biwe 400 bafise ibirwanisho hanyuma aja kwihora. Abigayili aramenye inyishu iranga ubupfu umugabo wiwe yatanze, maze aciye agira ico akoze ningoga kandi mu buryo buranga ubukerebutsi kugira atururuze Dawidi, mu kurungika ibifungurwa umukimba. Ubwiwe aciye agenda gusanganira Dawidi.​—Umurongo wa 2-20.

12, 13. (a) Abigayili yagaragaje gute ko ari inkerebutsi kandi ko ari intahemuka kuri Yehova no ku wasizwe wiwe? (b) Ni igiki Abigayili yakoze amaze gusubira i muhira, kandi ibintu vyahavuye bimera gute kuri we?

12 Igihe Abigayili ahura na Dawidi, ugusaba imbabazi kwiwe yicishije bugufi kurahishura icubahiro kigera kure afitiye uwasizwe wa Yehova. “Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi”, ukwo ni ko avuga, akongerako yuko Yehova azoshinga Dawidi kuba indongozi ya Isirayeli (Umurongo wa 28-30). Muri ico gihe nyene, Abigayili aragaragaza uburindutsi bwinshi cane mu kubwira Dawidi yuko ivyo kurondera kwihora, atabibayeko maso, bihava bimushikana ku kwagirwa n’amaraso (Umurongo wa 26, 31). Dawidi aratururujwe n’ukwicisha bugufi kwa Abigayili, icubahiro kigera kure ciwe be n’iciyumviro ciwe gitomoye. Yishura ati: “[Yehova] Imana y’Abisirayeli ashemagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira; hahezagirwe n’ubgenge bgawe, nawe ubgawe uragahezagirwa, untesheje uyu musi ngo simvishe amaraso”.​—Umurongo wa 32, 33.

13 Abigayili amaze gusubira i muhira, aca arondera abigiranye ubutwari kumenyesha umugabo wiwe ingabirano yahaye Dawidi. Ariko rero, igihe amubona, asanga “yaborewe cane”. Ku bw’ivyo, ararindira gushika zimuvuyeko akabona kubimubarira. Nabali avyakira gute? Aca akubitwa n’inkuba ku buryo acika nk’ikiyingiyingi. Hashize imisi cumi arapfa akubiswe n’Imana. Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aca asaba Abigayili ko bokwubakana, uwo biboneka ko ashima kandi yubaha cane. Abigayili aremera ivyo Dawidi amusavye.​—Umurongo wa 34-42.

Woba ushobora kuba nka Abigayili?

14. Ni kamere izihe za Abigayili woshima gutsimbataza ku rugero runini kuruta?

14 Hoba hari kamere zimwezimwe ubona muri Abigayili, wewe, waba umugabo canke umugore, woshima gutsimbataza ku rugero runini kuruta? Kumbure uripfuza kurushiriza gukora mu buryo buranga ukwiyubara be n’ubukerebutsi igihe ingorane zadutse. Canke kumbure ushobora kuba ushaka kuvuga mu buryo buranga ko utekanye kandi ugira ibitegereka igihe abandi bagukikuje barakaye. Nimba ari ukwo, kubera iki utobibwira none Yehova mw’isengesho? Asezerana guha ubukerebutsi, ugutahura be n’ubushobozi bwo kwiyumvira abantu bose ‘baguma basaba bizeye’.​—Yakobo 1:5, 6; Imigani 2:1-6, 10, 11.

15. Ni ryari bihambaye bimwe bidasanzwe yuko abagore bakirisu bagaragaza kamere Abigayili yerekanye?

15 Kamere nziza nk’izo, zirahambaye bimwe bidasanzwe ku mugore afise umugabo atizera yitaho buhoro ingingo ngenderwako za Bibiliya canke atazitwararika na gato. Kumbure aranywa akarenza urugero. Turizigiye yuko abagabo nk’abo bazohindura ingendo yabo. Benshi barabigize, akenshi bivuye ku bugwaneza, ku cubahiro kigera kure no ku kudahumana mu nyifato runtu abagore babo bagaragaje.​—1 Petero 3:1, 2, 4.

16. Naho ivyiwe vyoba vyifashe gute i muhira, umuvukanyikazi mukirisu yogaragaza gute ko aha agaciro ubucuti afitaniye na Yehova buri hejuru ya vyose?

16 Naho woba utegerezwa kwihanganira ingorane zimeze gute i muhira, niwibuke yuko Yehova yama ahari kugira ngo agufate mu mugongo (1 Petero 3:12). Ku bw’ivyo rero, niwihatire kwikomeza mu buryo bw’impwemu. Nusabe ubukerebutsi be n’umutima utekanye. Egome, niwiyegereze Yehova biciye ku kwama wiga Bibiliya, usenga, uzirikana kandi wifatanya n’abakirisu bagenzawe ubudahorereza. Urukundo Abigayili yakunda Imana be n’inyifato yagaragaje ku musavyi wayo yasizwe, ntivyahinduwe n’ukuntu umugabo wiwe atabona ibintu mu buryo bw’impwemu. Yakoze yisunze ingingo ngenderwako zigororotse. No mu rugo usanga umugabo ari umusavyi w’Imana w’intangakarorero, umukenyezi mukirisu aratahura yuko akeneye kubandanya akora cane kugira ngo yiyubake yongere yibungabunge mu vy’impwemu. Ni ivy’ukuri yuko umugabo wiwe afise ibanga ahabwa n’Ivyanditswe ryo kumwitwararika mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri, mugabo impera n’imperuka, ni we ategerezwa kwironderera ‘agakiza kiwe, atinya ahinda agashitsi’.​—Ab’i Filipi 2:12; 1 Timoteyo 5:8.

Yararonse ‘impera y’uwuvugishwa n’Imana’

17, 18. (a) Umupfakazi w’i Zarefati yashikiwe n’ikigeragezo kidasanzwe c’ukwizera ikihe? (b) Uwo mupfakazi yakiriye gute ivyo Eliya yamusavye, kandi Yehova yabimuhereye impera gute?

17 Uburyo Yehova yitwararitse umupfakazi w’umworo mu gihe c’umumenyeshakazoza Eliya, burerekana yuko aha agaciro cane abashigikira ugusenga kw’ukuri mu kwitanga bo ubwabo bagatanga n’ubutunzi bwabo. Bivuye ku ruzuba rwamaze igihe kirekire mu misi ya Eliya, abenshi barashikiwe n’ikigoyi, ushizemwo n’umupfakazi be n’agahungu kiwe baba i Zarefati. Igihe bari basigaranye gusa udufungurwa twa nyuma, haciye hashika umushitsi, akaba yari umumenyeshakazoza Eliya. Yaciye asaba ikintu gikomeye bimwe bidasanzwe. Naho yari azi yuko ivy’uwo mugore vyari vyifashe nabi, yamusavye kumucumbira ‘agatsima gatoyi’, akoresheje agafu n’utuvuta yari asigaranye. Mugabo yongeyeko ati: “Kuk’ukw ari k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Ako gaseke ntikazoshiramw’ifu, n’ako gakarabo ntikazoshiramw’amavuta, gushitsa ku musi Uhoraho azorekurira imvura kw isi”.​—1 Abami 17:8-14.

18 Wari kuvyakira gute agusavye ikintu nk’ico kidasanzwe? Biboneka ko uwo mupfakazi w’i Zarefati yatahuye ko Eliya yari umumenyeshakazoza wa Yehova, aca “agira nk’uko Eliya yavuze”. Yehova yakiriye gute ico gikorwa ciwe c’ubwakiranyi? Yararonkeje imfungurwa mu buryo bw’igitangaro uwo mugore n’umwana wiwe, be na Eliya mu gihe c’urwo ruzuba (1 Abami 17:15, 16). Vyemere, Yehova yarahaye uwo mupfakazi w’i Zarefati ‘impera y’uwuvugishwa n’Imana’, naho atari Umwisirayelikazi (Matayo 10:41). Umwana w’Imana na we nyene yarateye iteka uwo mupfakazi igihe yamutangako akarorero imbere y’abantu b’intizera bo mu gisagara c’iwabo, ari co Nazareti.​—Luka 4:24-26.

19. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe abagore bakirisu benshi muri iki gihe bagaragaza agatima ka wa mupfakazi w’i Zarefati, kandi Yehova ababona gute?

19 Muri iki gihe, abagore bakirisu benshi baragaragaza agatima ka wa mupfakazi w’i Zarefati. Nk’akarorero, uko indwi itashe, abavukanyikazi bakirisu badafise agatima k’ubwikunzi, benshi muri bo bakaba ari abakene kandi bafise imiryango yo kwitwararika, baragaragariza ubwakiranyi abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo. Abandi barasangira ibifungurwa n’abasuku b’igihe cose b’aho baba, bagafasha abakene canke mu bundi buryo bakitanga bakongera bagatanga n’ubutunzi bwabo kugira ngo bashigikire igikorwa c’Ubwami (Luka 21:4). Yehova yoba abona utwigoro nk’utwo? Nta nkeka! “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze”.​—Abaheburayo 6:10.

20. Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?

20 Mu kinjana ca mbere, abagore batari bake batinya Imana baragize agateka ko gukorera Yezu n’intumwa ziwe. Mu kiganiro gikurikira, turaganira ku kuntu abo bagore batumye umutima wa Yehova unezerwa, twongere turimbure akarorero k’abagore bo mu gihe ca none basukurira Yehova n’umutima wabo wose, mbere no mu bihe bitoroshe.

[Akajambo k’epfo]

a Umuryango w’abo Yezu akomokako, nk’uko vyanditswe muri Matayo, uravugwamwo amazina y’abagore bane, ari bo Tamari, Rahabu, Rusi na Mariya. Abo bose barahabwa agaciro kanini mw’Ijambo ry’Imana.​—Matayo 1:3, 5, 16.

Mu gusubiramwo

• Ni gute abagore bakurikira batumye umutima wa Yehova unezerwa?

• Shifura na Puwa

• Rahabu

• Abigayili

• Umupfakazi w’i Zarefati

• Kuzirikana ku burorero abo bagore basize bishobora gute kudufasha twebwe ubwacu? Tanga akarorero.

[Amafoto ku rup. 9]

Abagore benshi b’abizerwa barakoreye Imana naho hari “ibgirizwa ry’umwami”

[Ifoto ku rup. 10]

Ni kubera iki Rahabu ari akarorero keza k’umuntu yari afise ukwizera?

[Ifoto ku rup. 10]

Ni kamere izihe zagaragajwe na Abigayili woshima kwigana?

[Ifoto ku rup. 12]

Abagore bakirisu benshi muri iki gihe baragaragaza agatima ka wa mupfakazi w’i Zarefati

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika