Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki Elisa yasavye “imigabane ibiri” y’impwemu ya Eliya?
Hasigaye gatoyi ngo Eliya arangize igikorwa ciwe co kuba umumenyeshakazoza muri Isirayeli, umumenyeshakazoza Elisa, uwari muto kuri we, yamusavye ibi: “Ntabara umpe imigabane ibiri y’impwemu yawe, ngw imbeko” (2 Abami 2:9). Tubivuze mu buryo bw’impwemu, biboneka ko Elisa yariko asaba imigabane ibiri nk’imwe yahabwa umuhungu w’imfura (Gusubira mu vyagezwe 21:17). Kurimbura muri make iyo nkuru biraza gutomora ico kintu kandi bidufashe kugira ivyo twigiye kuri ivyo vyabaye.
Mu buryo buhuye n’ubuyobozi bwa Yehova, umumenyeshakazoza Eliya yarasize amavuta Elisa ngo abe umusubirizi wiwe (1 Abami 19:19-21). Nko mu myaka itandatu, Elisa yarakoze ari umusuku w’umwizerwa wa Eliya kandi akaba yari yiyemeje kubigira gushika kw’iherezo. Mbere no ku musi wa nyuma wa Eliya wo kuba umumenyeshakazoza muri Isirayeli, Elisa yarumiye kuri uwo mwigisha wiwe akaba n’umuhanuzi wiwe. Naho Eliya yasavye Elisa kureka kumukurikira, uwo mumenyeshakazoza muto kuri we yavuze gatatu kose ati: “Sintandukana nawe” (2 Abami 2:2, 4, 6; 3:11). Nkako, Elisa yabona ko uwo mumenyeshakazoza amukurira ari nka se wiwe wo mu vy’impwemu.—2 Abami 2:12.
Ariko rero, Elisa ntiyari we mwana wenyene wo mu vy’impwemu wa Eliya. Eliya na Elisa bari bifatanije n’umugwi w’abagabo bari bazwi ko ari “abana b’abamenyeshakazoza” (2 Abami 2:3, NW). Iyo nkuru iri mu Bami ba Kabiri, irerekana yuko abo “bana” na bo nyene bari bafitaniye ubucuti bwa hafi na se wabo wo mu vy’impwemu, ari we Eliya (2 Abami 2:3, 5, 7, 15-17). Yamara, bwa musubirizi yasizwe amavuta, Elisa ni we yari mukuru muri abo bana bo mu buryo bw’impwemu ba Eliya, akaba yari ameze nk’umwana w’imfura. Muri Isirayeli ya kera, umuhungu nyezina w’imfura yaronka imigabane ibiri ku ntoranwa ya se wiwe, mu gihe abandi bana umwumwe wese yaronka umugabane umwe. Ni co gituma Elisa yasavye imigabane ibiri ku ntoranwa yo mu vy’impwemu ya Eliya.
Ni kubera iki Elisa yasavye ico kintu muri ico gihe kidasanzwe? Ni kubera yuko yari agiye kwikorera ibanga riremereye, rikaba ryari ibanga ryo kuba umusubirizi wa Eliya ari umumenyeshakazoza muri Isirayeli. Elisa yaratahuye yuko kugira ngo arangure amabanga ajanye n’ico gikorwa kitoroshe, yari akeneye ububasha bwo mu vy’impwemu burengeye ubushobozi bwiwe, ni ukuvuga ububasha Yehova wenyene ashobora gutanga. Yari akeneye kuba intatinya urukamvye nk’uko Eliya yari ameze (2 Abami 1:3, 4, 15, 16). Ku bw’ivyo, yasavye imigabane ibiri y’impwemu ya Eliya, ni ukuvuga agatima k’uburindutsi be n’ako kuba ‘umuntu agirira ishaka ryinshi Yehova’, zikaba ari kamere z’igikundiro ziva ku mpwemu y’Imana (1 Abami 19:10, 14). Eliya yavyakiriye gute?
Eliya yari azi ko Elisa yari yasavye ikintu we atari ashoboye gutanga, mugabo cari gishoboye gutangwa n’Imana yonyene. Ni co gituma Eliya yamwishuranye ukwifata ruto ati: “Unsavye ikigoye; mugabo ni wambona ngitandukanywa nawe, biza kukubera birtyo” (2 Abami 2:10). Kukaba nkako, Yehova yaratumye Elisa abona Eliya aduga mu gashururu (2 Abami 2:11, 12). Ivyo Elisa yasavye yarabihawe. Yehova yaramuronkeje impwemu yari akeneye kugira ngo atangure igikorwa ciwe gishasha yongere ahangane n’ibigeragezo vyari biraririye gushika.
Muri iki gihe, abakirisu basizwe (abitwa rimwe na rimwe umugwi wa Elisa) bakaba n’abasavyi b’Imana muri rusangi barashobora gukura indemesho nyinshi kuri iyo nkuru yo muri Bibiliya. Rimwe na rimwe, turashobora kwumva biturengeye canke ata vyo dushoboye igihe duhawe igikebere gishasha, canke tugashobora kuba turiko dutakaza uburindutsi bwo kubandanya igikorwa cacu c’ukwamamaza Ubwami, uko duhangana n’ukutanegwa ibintu canke ukurwanywa kurushiriza kwongerekana mu cibare cacu. Yamara, nitwatakambira Yehova ngo adushigikire, azoturonsa impwemu yera dukeneye kugira ngo duhangane n’ingorane be n’ibintu biza birahindagurika (Luka 11:13; 2 Ab’i Korinto 4:7; Ab’i Filipi 4:13). Vyemere, nk’uko Yehova yakomeje Elisa ku bw’amabanga yiwe arushirije kuba ayaremereye, ni ko azodufasha twese abato n’abakuze, gushitsa ubusuku bwacu.—2 Timoteyo 4:5.